Ni igiki Urwanda ruzokwungira mu kwakira Formula 1?

Ahavuye isanamu, Formula1
Urwanda rwagiranye amasezerano y'imyaka 10 na Formula 1 (F1) yo kwakira amahiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa hakoreshejwe imodoka zizwi nka Formula 1, guhera mu ntango z'umwaka wa 2030.
Ayo mahiganwa azokwitwa 'African Grand Prix', azoba agarutse ku mugabane wa Afrika inyuma y'imyaka irenga 30. Igihugu ca Afrika caheruka kwakira ayo mahiganwa ni Afrika y'Epfo. mu 1993.
Ubu rero bamwe n'abandi bibaza ico igaruka ry'aya mahiganwa muri Afrika, inyuma y'iyo myaka yose, risobanuye, canke ico igihugu kizoyakira gishobora kuhungukira.
Ubukerarugendo
N'ubwo Formula 1 ari amahiganwa y'inkino, abahinga bavuga ko ubunini bwayo n'ukuntu ihuza abantu benshi cane n'ibigo bikomeye kw'isi, bituma igihugu kiba catunganije ayo mahiganwa kihakura akunguko.
Teddy Kaberuka, umuhinga yanonosoye ibijanye n'ubutunzi, avuga ko Urwanda ruzohungukira biciye mu bukerarugendo.
Avuga ko abanyamahanga baza ku bwinshi baje kurorera ayo mahiganwa, bakarara mu mahoteri, bakagendera ibibanza bitandukanye, bagakoresha amafaranga atari make muri ico gihugu.
Agira ati: "Ni umukino ukinwa cyangwa se ukurikiranwa n'abantu benshi ku isi. Iyo urebye mu mikino hafi itatu ya mbere ku isi ishyiramwo amafaranga menshi Formula 1 irimwo".
Ku bwa Kaberuka, iyo amahiganwa nk'ayo yitabwe n'abantu bafise amafaranga menshi "byongera amahirwe y'abashoramari baza mu gihugu". Ashimangira ati: "Baza baje kureba umukino bakanareba amahirwe y'ishoramari mu gihugu".
Amasezerano Urwanda rwagiranye na Formula 1 ni ay'imyaka 10. Urwanda ruzokenera gushira uburyo butari buke mu bijanye no kwitunganya, kwubaka ibibuga, amahoteri, n'ibindi bikorwa remezo bijanye n'ayo mahiganwa.
Umunyarwanda abayabaye azohungukira iki?
Buzoba bubaye ubwa mbere amahiganwa ya Formula 1 abera mu Rwanda. Azobera ku kibuga cabigenewe kizokwubakwa mu karere ka Bugesera, ku ntera y'ibirometero bigera kuri 40 mu bumanuko bw'umurwa mukuru w'Urwanda Kigali.
Nk'uko Teddy Kaberuka abisigura, abanyagihugu baba muri ako karere bazohungukira mu buryo butandukanye, umwe wese ku rugero ariko.
Ati: "Kuba uno musi batangaje ko bizobera hariya [muri ako karere], bivuze ngo abantu bose bahafise imitungo yahise igira agaciro".
Yemeza ko hagiye kuba igisagara kiboneka kubera hazorangurirwa imirimo ikomeye irimwo amafaranga menshi, itanga akazi ku banyagihugu. Kuva ku bakoresha amaboko, ugaca ku badandaza n'abafise ubumenyi mu bisata bitandukanye, gushika no ku bafise amahoteri, uburiro, n'abunguruza abantu.
N'ubwo biri uko, hari bamwe bibaza ko amahiganwa mwene ayo azanira akarusho abakomakomeye gusa gusumba uko agirira akamaro abanyagihugu babayabaye.
Ariko Kaberuka si ko abibona. Avuga ko umwe wese aronka ibijanye n'ubushobozi bwiwe. Ntahakana ko uwashizemwo umutahe munini, aheza akaronka inyungu yisumbuye ihuye n'urugero rw'amafaranga aba yashizemwo.
''Ikizwi ni uko iyo haje amahirwe asaba ishoramari riremereye, abafite igishoro kinini ni bo babyungukiramo cane. Ibyo byo ni ko ubuzima bwubatse''.
Igihugu ntigishobora guhomba?
Teddy Kaberuka yanonosoye ibijanye n'ubutunzi avuga ko, bivanye n'ingene igihugu catunganije ayo mahiganwa, hashobora kuba ibigorana bigashobora no gushika hakaba uruhombo.
Muri iyo myaka 10 y'amasezerano Urwanda rwasinyiraniye na Formula 1, ni rwo ruzotegerezwa kurondera amafaranga yo kwubaka ibibuga bikenewe, ivya ngombwa vyose bijanye n'ayo mahiganwa.
Kaberuka avuga ko biba ari ibikorwa bidashoka bizana inyungu y'amafaranga buno nyene, bigashobora kugira ingaruka ku bijanye n'amafaranga reta ikoresha.
Ati: "Bizatuma ingengo y'imari ya reta iremerwa mu gihe gito, bivuze ngo bishobora no kugira ingaruka ku madeni reta ifata kugira ikore ishoramari".
Uwo muhinga avuga ko muri kahise, bimwe mu bihugu vyatunganije ayo mahiganwa, harimwo Afrika y'Epfo na bimwe mu bihugu vy'Abarabu, vyahagiriye uruhombo.
"Rero n'ibyo birashobora gushika".
Kuba Formula 1 igarutse muri Afrika bisobanuye iki ?
Ku bwa Teddy Kaberuka, kuba F1 igarutse ku mugabane wa Afrika inyuma y'imyaka 30, bisigura ko Afrika isubiriye kugaruka ku rubuga mpuzamakungu mu ruhande rw'inkino.
Avuga ko kimwe mu bivyerekana ari umurindi ibinyamakuru vyo kw'isi yose biriko bisiganwa mu gukurikirana no gushikiriza iyo nkuru, mbere mu bitari bike ikaba iza kw'isonga.
Agira ati: "Bitanze amahirwe ko Afrika yongeye kugaruka ku ruhando mpuzamahanga rwa siporo...bitanze amahirwe kuri Afrika y'Uburasirazuba cyane cyane ko n'andi mahiganwa ashoboka".
"Bikwereka ko rero uko ugenda ukora igikorwa kimwe kikujyana ku kindi bigatanga amahirwe y'uko na kompetisiyo zikomeye tuvuge nk'igikombe cy'isi biranashoboka wenda mu myaka 10 iri imbere".












