RD Congo: Kuba Kabila yatangajwe nk'umukuru w'umuhari witwaje ibirwanisho bisobanuye iki?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Joseph Kabila yahoze ari umukuru w'igihugu wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) ni we aramutswa umuhari mushasha wa politike na gisirikare witwa 'Front pour la Refondation de la Nation' (FRN), nk'uko biri mw'itangazo ryasomewe mu gisagara ca Goma kw'itariki ya 12 Gitugutu (10) .
FRN yisobanura nk'umuhari ufise ihangiro ryo guhuza "imbaraga zo kurwana" mu ntumbero yo gukuraho ico wise ubutegetsi bw'agahotoro no gushiraho umurongo mushasha wa politike muri RDC.
Bisa nk'aho muri iki gihe atawari yiteze kubona canke kwumva Joseph Kabila, yarongoye RDC mu kiringo c'imyaka 18, ari kw'isonga ry'umuhari witwaje ibirwanisho.
Vyatumye bamwe n'abandi bibaza ico bisobanuye.
Umuhari FRN uje usubirira urunani AFC/M23 rwari rumaze igihe rurwanya ubutegetsi bwa Kinshasa, rukaba rumaze no kwigarurira uburere butandukanye mu buseruko bwa RDC.
Onesphore Sematumba, umuhinga ajejwe akarere k'Ibiyaga Binini mu kigo International Crisis Group (ICG) gikora ubushakashatsi ku mahoro n'amatati kw'isi, avuga ko imwe mu mvo zatumye havuka umuhari mushasha FRN ari uko urunani AFC/M23 rwasa n'urutakibona iyo ruriko ruraja ku rubuga rw'intambara.
Agira ati: "Wihweje kuva igihe [abarwanyi b'uwo muhari] basubira inyuma bava mu gisagara ca Uvira, ntabwo bigeze batera intambwe ku buryo basa n'abari barakwamye".
Mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2015, ni ho AFC/M23 yatangaza ko yigaruriye igisagara ca Uvira. Mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2026, wahavuye wemeza ko wavuye burundu muri ico gisagara.
Ku bwa Sematumba, iyindi mvo yatumye havuka umuhari FRN wa Joseph Kabila, ifitaniye isano n'ibiganiro Perezida wa RDC Félix-Antoine Tshisekedi aherutse gutangaza bizohuza abanye Kongo, ariko bibonwa na bamwe mu batavuga rumwe na reta nk'ibikumira.
Tshisekedi yatangaje ko vyugururiwe abanye Kongo bose havuyemwo abarwanya ubutegetsi bitwaje ibirwanisho. Aho, yavuga abagize ururunani AFC/M23 n'abafitaniye isano narwo.
Ubutegetsi bwa Kinshasa bwagiriza Joseph Kabila gukorana n'urwo runani busanzwe bufata ko rufashwe mu mugongo, mu vya gisirikare, n'Urwanda. Ariko Urwanda na rwo rusanzwe ruvyamirira kure.
Sematumba avuga ko Joseph Kabila yahora akurikirana ibintu ari ku ruhande, ariko ko ubu we n'abamushigikiye babonye ko ari ngombwa ko aja ku murongo w'imbere mu gisa no kugerageza kugondoza abategetsi ba Kinshasa basa n'abadatahura inzira y'ibiganiro birimwo bose.
Ati: "Ni umukenyuro wo guhangana na Tshisekedi". Sematumba ashimangira ko abo bagabo bompi ubu bagiye "guhurira ku rubuga".
N'ubwo hari hasanzwe hari ibiganiro bihuza reta ya RDC n'abayirwanya, Sematumba avuga ko abahurikiye mu runani AFC/M23 babona ko vyasa nk'uko aho Tshisekedi ahagaze hatigera hava aho hari.
Abona ko gushinga umuhari FRN ('Front pour la Refondation de la Nation') harimwo n'intumbero yo "kumushitura".
Ingaruka ku mugambi w'amahoro
Ivuka ry'umuhari mushasha FRN witwaje ibirwanisho rituma kazoza k'ibiganiro bihuza ubutegetsi bwa Kinshasa n'ababurwanya kaja mu kaga. Ivyo biganiro vyari bisanzwe vyidogerwa n'abarwanya ubwo butegetsi, aho babona ko Perezida Tshisekedi atigeze abiha agaciro.
Sematumba wo muri ICG abona ko ivuka rya FRN risubiza inyuma icizere cose c'uko hashobora kuboneka amahoro biciye mu nzira y'ibiganiro.
"Uwo muhari kugira werekane ko ufise inguvu, ica mbere uzokora ni ukuvyura intambara", ni ko yabwiye BBC Gahuza, imbere yo kwongerako ati: "Uzoraba ingene wokwigarurira uburere, kugira ngo Tshisekedi yikange avuge ati 'nimuze twicare tuganire'".
Nk'uko uwo mushakashatsi abisigura, ingaruka ntizishobora kuba ku mahoro gusa. Na Joseph Kabila yashinze uwo muhari, bishobora kumugirako ingaruka.
"Burya ivyo Kabila yatanguje bishobora na we kumuviramwo ingorane. Ubu agiye ku murongo w'imbere, mu gihe yahora akorera ku ruhande".
Ku bwiwe, "bigiye gutuma bose bamuraba, kandi ahaye Tshisekedi ukuri" ku vyo yahora yagirizwa ko "ashigikiye AFC/M23" kandi ko "batamukatiye urwo gupfa ku karenganyo".
Ati: "Ashobora no gufatirwa ibihano mpuzamakungu".
Uwo muhari ushinzwe mu gihe Perezida Félix-Antoine Tshisekedi asanzwe ahanganye n'ibindi bibazo vya politike, harimwo n'impari imbere mu gihugu, mu gihe asa n'uwuriko arondera guhindura ibwirizwa nshingiro, ivyo abatavuga rumwe n'ubutegetsi babona ko ari amayeri yo kwiyongera ikindi kiringo.
Ubutegetsi bwa Kinshasa ntaco burashikiriza kw'ishingwa ry'umuhari witwaje ibirwanisho FRN.












