Kenya yemeje umurwayi wa kabiri wa Ebola

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje ko habonetse umurwayi wa kabiri wa Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe!

    Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi, ni ah’ejo.

  2. Tchad n’Ubufaransa bigiye gusubira gukorana mu vya gisirikare

    Tchad n’Ubufaransa vyarashize umukono ku rwandiko rwerekana umugambi wo gukomeza ugukorana mu bijanye no kwivuna abansi,

    Tchad n’Ubufaransa vyarashize umukono ku rwandiko rwerekana umugambi wo gukomeza ugukorana mu bijanye no kwivuna abansi, haciye hafi imyaka ibiri N’Djamena ihagaritse amasezerano ya gisirikare yari ifitaniye na Paris.

    Urwo rwandiko rwashizweko umukono n’abashikiranganji b’ibihugu vyompi bajejwe kwivuna abansi, mu birori vyabereye ku kirimba ca Élysée kuri uyu wa kabiri.

    Perezida wa Tchad Mahamat Déby yari mu rugendo rw’akazi mu Bufaransa, akaba yari kumwe na mugenzi we Emmanuel Macron igihe urwo rwandiko rwashirwako umukono.

    Ibiri muri rwo vyose ntibiratangazwa. Ariko ibiro vya Perezida wa Tchad bivuga ko ruzofasha igihugu gukomeza ubushobozi bwo guhingura ibikoresho vya gisirikare. Macron yavuze ko ari intambwe nshasha yo gukomeza imigenderanire ishingiye ku kwubahana.

    Amakuru avuga ko urwo rwandiko rutavuga ko abasirikare b’Abafaransa bazosubira muri Tchad kandi ko atari amasezerano mashasha ya gisirikare.

    Tchad yahagaritse amasezerano ya gisirikare yari ifitaniye n’Ubufaransa muri Munyonyo (11) 2024, bituma abasirikare b’Abafaransa bava muri ico gihugu.

    Kuva mu ntango za 2026, ibihugu vyompi vyaragerageje kunagura imigenderanire yavyo. Macron na Déby bamaze guhura incuro zitatu mu mezi atarenga 10.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Kenya yemeje umurwayi wa kabiri wa Ebola

    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje ko habonetse umurwayi wa kabiri wa Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje ko habonetse umurwayi wa kabiri wa Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

    Uwo murwayi ni umugabo w’imyaka 39 wo mu muryango wa hafi w’umuntu wa mbere Ebola yahitanye muri Kenya mu ndwi iheze.

    Yari yarashizwe ukwiwe kandi yahora akurikiranwa buri musi, kuva igihe yatangura kugira ubushuhe bwinshi, uburuhe n’ububabare bwo mu ngingo ejo ku wa kabiri italiki wa 13 Gitugutu (10).

    Ibipimo vyakorewe muri Laboratwari y’igihugu ijejwe gusuzuma imigera no muri laboratwari ya KEMRI-CDC vyemeje ko uwo muntu yanduye Ebola.

    Ubu ariko aravurirwa mu kigo cabigenewe.

    Kenya imaze kwemeza abarwayi babiri ba Ebola, umwe muri bo akaba yarapfuye.

    Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwavuze ko bwamenye abantu 128 bahuye n’umurwayi wa mbere. Muri bo, 113 baramaze gutorwa: 108 bashizwe ukwabo muri Kenya kugira bakurikiranwe imisi 21, abandi batanu bari hanze y’igihugu. Abandi 15 baracaronderwa.

    Abahuye n’uwo murwayi wa kabiri kuva atanguye kwerekana ibimenyetso na bo bariko bararonderwa.

    Abategetsi bavuga ko abo barwayi babiri bafitaniye isano kandi ko ata kimenyetso c’uko Ebola imaze gukwiragira mu bandi banyagihugu. Kenya iracuguruye imbibe kandi nta ngendo, ubudandaji canke amakoraniro vyahagaritswe.

  4. Ubudagi buriko buracira urubanza Umunya-Ukraine yagirizwa guturitsa imiringoti ya Nord Stream

    Umunya-Ukraine Serhii Kuznetsov arikumwe n'abacamanza biwe

    Umunya-Ukraine Serhii Kuznetsov yatanguye kuburanishwa i Hamburg mu Budagi, yagirizwa kugira uruhara rukomeye mu guturitsa imiringoti ya Nord Stream yahora itwara gaz iva mu Burusiya ija mu Budagi.

    Abashikirizamanza bavuga ko Kuznetsov yari arongoye umugwi warimwo aboga mu mazi maremare hamwe n’umuhinga mu guturitsa amabombe, bagavye ico gitero muri Nyakanga (9) 2022.

    Bamwagiriza gutera ibikorwa remezo vy’abasivile, ico bafata nk’icaha co mu gihe c’intambara.

    Kuznetsov w’imyaka 50 arahakana ivyo yagirizwa. Abamuburanira basavye ko urubanza ruhagarikwa, bavuga ko ivyemezo vyatanzwe bishingiye gusa ku makuru ataratomoka neza. Bavuga kandi ko, kubera yari umusirikare, hari amakuru adashobora gushira ahabona, bigatuma ataronka urubanza rubereye.

    Ivyo bisasu vyarasambuye imiringoti itatu muri ine ya Nord Stream mu kiyaga ca Baltique ku wa 26 Nyakanga (9) 2022.

    Uburusiya bwagirije Amerika n’Ubwongereza kubigiramwo uruhara, ariko ivyo bihugu birabihakana. Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky na we yamye avuga ko igihugu ciwe ata ruhara cabigizemwo.

    Ariko abashikirizamanza b’Abadagi bavuga ko ico gitero categetswe n’inzego za reta ya Ukraine. Kyiv ivuga ko ata cemezo c’ivyo birego irabona.

    Kuznetsov yafatiwe mu Butaliyano muri Myandagaro (8) 2025, ashikirizwa Ubudagi mu mpera z’umwaka uheze.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Umunyarwanda Joy-Lance Mickels yanditse andi mateka muri ruhago y'i Burayi

    Rutahizamu w'Umunyarwanda Joy-Lance Mickels (hagati) na bagenzi be b'ikipe ya Sabah FK yo muri Azerbaijan, nyuma yo kuyitsindira igitego cya kabiri mu mukino wa Champions League bakinnye na Slavia Praha, ku itariki ya 13 Ukwakira (10) mu 2026, ku kibuga cya Baku muri Azerbaijan.
    Insiguro y'isanamu, Joy-Lance Mickels (hagati) na bagenzi be b'ikipe ya Sabah FK, nyuma yo kuyitsindira igitego cya kabiri mu mukino wa Champions League bakinnye na Slavia Prague ku wa kabiri

    Rutahizamu w'Umunyarwanda Joy-Lance Mickels yongeye kwandika izina rye mu mateka y’umupira w’amaguru ku ruhando mpuzamahanga.

    Igitego yatsinze mu minota ya nyuma mu mukino wa UEFA Champions League cyamugize Umunyarwanda wa mbere utsinze igitego mu cyiciro nyirizina cy’iri rushanwa ry’amakipe akomeye y’i Burayi.

    Mickels, w'imyaka 32, ukinira Sabah FK yo muri Azerbaijan, yatsinze igitego cya kabiri cyafashije ikipe ye gutsinda Slavia Prague yo muri Repubulika ya Tchèque ibitego 2-0. Yagitsinze ku munota wa 88, nyuma y’uko Umunya-Jamaica Kaheem Parris yari yabanje gufungura amazamu ku munota wa 49. Mickels ni na we watowe nk’umukinnyi w’uwo mukino.

    Urugendo rwa Mickels, unakinira ikipe y'igihugu y'u Rwanda, Amavubi, rwatangiye akiri muto mu Budage, aho yavukiye 1994.

    Se ni Umunyarwanda, naho nyina akomoka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Yatangiye gukina ruhago afite imyaka ine, nyuma yinjira mu ishuri ry’abato rya Borussia Mönchengladbach, aho yamaze imyaka icyenda, kuva mu 2005 kugeza mu 2014.

    Mu rugendo rwe rwa ruhago, Mickels yanyuze mu makipe atandukanye, arimo Schalke 04 II mu Budage na MVV Maastricht yo mu Buholandi, mbere yo kwerekeza muri Sabah bwa mbere mu 2021, akaza kuyisubiramo guhera mu 2024. Yaje no gukinira Al-Faisaly yo muri Arabiya Sawudite.

    Uyu rutahizamu yari yaranigaragaje mu mikino yo gushaka itike ya Champions League, aho yatsinze ibitego byafashije ikipe ye kugera muri iri rushanwa.

    Kuri Sabah, iyi ntsinzi yari amateka yihariye kuko ari yo ntsinzi ya mbere iyi kipe ibonye mu cyiciro nyirizina cya Champions League, nyuma yo kunyagirwa na Manchester United ibitego 4-0 mu mukino wayo wa mbere wabaye mu kwezi gushize.

    Joy-Lance Mickels ni na we mukinnyi wa mbere w'Umunyarwanda wakinnye muri Champions League.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. DR Congo: Abanduye Ebola barenze 9.000

    Abakozi ba Croix-Rouge bambaye impuzu zibakingira indwara bariko baramanura isandugu irimwo ikiziga ca muganga Tibenderana Katho Blaise, yakorera ku kigo c'ubuvuzi Centre Médical Évangélique (CME) muri komine Hoho, akaba yahitanywe na Ebola. Ivyo bibaye mu gihe amashirahamwe atanga imfashanyo ariko arongereza utwigoro two gukumira ikiza gishasha ca Ebola catewe n'ubwoko bw'uwo mugera bwitwa Bundibugyo.

    Ikiza ca Ebola kirabandanya gukwiragira muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aho abajejwe amagara y’abantu batangaje abarwayi bashasha 88 ku wa Mungu italiki 11 Gitugutu (10), bavuye kuri 64 bari babonetse ku musi wa gatandatu uheze.

    Benshi muri abo barwayi babonetse mu ntara ya Ituri, ari na yo ibangamiwe kurusha izindi, hamwe no muri Kivu ya Ruguru.

    Abategetsi batewe impungenge cane n’iyongerekana ry’abantu bapfira hanze y’ibigo bivura Ebola. Mu masaha 24, igitigiri cabo cavuye kuri 13 gishika kuri 37. Bose hamwe, abantu 45 ni bo bapfuye kuri uwo musi.

    Kuva ico kiza co mu bwoko bwa Bundibugyo gitangajwe, abantu 9.066 ni bo bamaze gutangazwa ko banduye Ebola muri Congo, muri bo 4.381 barapfuye.

    Abandi barwayi 33 barakize, mu gihe intara zine ata murwayi mushasha wabonetse.

    Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko gutahura indwara hakiri kare, gukurikirana abahuye n’abarwayi no gukorana n’abanyagihugu ari vyo bikenewe cane kugira ikiza ntikibandanye gukwiragira.

    Ni ku ncuro ya 17 iki kiza kibonetse muri iki gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Zelensky avuga ko ibitero by'Uburusiya byasize abantu 600,000 nta mashanyarazi bafite muri Ukraine

    Abakora ubutabazi bo muri Ukraine bari ku murimo ahabereye igitero cy'Uburusiya, muri Ukraine. Umwotsi urimo kuzamuka.
    Insiguro y'isanamu, Abakora ubutabazi bo muri Ukraine bari ku murimo ahabereye igitero cy'Uburusiya cyo mu kirere ku nyubako yo kubamo y'i Kyiv

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko abantu nibura 600,000 bo hirya no hino muri icyo gihugu ubu nta muriro w’amashanyarazi bafite, nyuma y’ibitero bya misile n’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) Uburusiya bwahagabye mu ijoro ryacyeye.

    Yavuze ko ibikorwa-remezo “by’ingenzi cyane” by’ingufu byarashwe mu murwa mukuru Kyiv no mu karere uwo mujyi uherereyemo, ndetse no mu mujyi wa Kharkiv wo mu majyaruguru ashyira uburasirazuba – nubwo ku cyumweru gishize Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko “agahenge ku [bikorwa by’i] ngufu” karimo gukurikizwa hagati y’Uburusiya na Ukraine.

    Ikigo cy’ubutabazi bwihuse cya Ukraine, cyitwa DSNS, cyavuze ko i Kyiv, abantu nibura batatu bishwe naho abandi 21 barakomereka.

    Minisiteri y’ingabo y’Uburusiya yavuze ko ibitero “byinshi cyane” yagabye mu ijoro ryacyeye byarashe ku bigo by’itumanaho n’iby’ingufu byo mu turere twa Kyiv na Kharkiv bikoreshwa n’ingabo za Ukraine.

    Minisiteri y’ingabo y’Uburusiya yanavuze ko ‘drone’ 902 za Ukraine zahanuwe mu ijoro ryacyeye ziri hejuru y’uturere twinshi two mu Burusiya, harimo n’umurwa mukuru Moscow na Crimea – umwigimbakirwa wo mu majyepfo ya Ukraine Uburusiya bwiyometseho mu 2014.

    Ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere zavuze ko mu ijoro ryacyeye Uburusiya bwohereje ibisasu bya misile zo mu bwoko bwa ‘ballistic’ na ‘cruise’ byose hamwe 39 ndetse na ‘drone’ 128. Izo ngabo zavuze ko enye muri izo misile hamwe na ‘drone’ 115 muri zo zahanuwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Uwahoze akuriye igico cy'abagizi ba nabi yakatiwe gufungwa imyaka 40 kubera gutegura iyicwa rya Tupac Shakur

    Duane Davis mu rukiko rw’akarere rwa Clark County District Court, ku itariki ya 4 Kanama (8) mu mwaka wa 2026, i Las Vegas, muri leta ya Nevada, muri Amerika.
    Insiguro y'isanamu, Duane Davis yavuze ko azajuririra icyo gihano yakatiwe (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Duane "Keffe D" Davis wahoze akuriye igico cy’abagizi ba nabi yakatiwe gufungwa imyaka nibura 40 kubera gutegura iyicwa ry’umuraperi Tupac Shakur.

    Muri Nzeri (9) uyu mwaka, inteko iburanisha yasanze Davis, w’imyaka 63, ahamwa n’icyaha kimwe cy’ubwicanyi bukoreshejwe intwaro yica mu rupfu rw’uwo muraperi wari icyamamare cyane, wiciwe mu iraswa ryakozwe rivuye mu modoka yari irimo igenda, i Las Vegas, muri leta ya Nevada, muri Amerika, ku itariki ya 7 Nzeri mu 1996. Yavuze ko azajuririra igihano yakatiwe.

    Abashinjacyaha bavuze ko nubwo Davis atari we warashishije iyo mbunda we ubwe, yari umukuru w’itsinda ryakoze ubwo bwicanyi. Mu gitabo yanditse kivuga ku buzima bwe, yavuze ko yatanze imbunda yakoreshejwe mu gukora icyo cyaha.

    Guhamwa n’icyaha kwa Davis ni ukwa mbere kubayeho muri iyo dosiye yari imaze imyaka 30 yarabereye amayobera abafana b’injyana ya hip-hop.

    Ifoto yo mu mwaka wa 1996 igaragaza umuraperi Tupac Shakur (ibumoso) na Marion "Suge" Knight bari mu modoka
    Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu mwaka wa 1996 igaragaza umuraperi Tupac Shakur (ibumoso) na Marion "Suge" Knight yerekanywe mu rukiko

    Sekyiwa Shakur, mushiki wa Shakur, yabwiye urukiko ati: “Gupfusha Tupac byamaze igihe kirekire byarashegeshe umuryango wanjye.”

    “Hari ibintu byinshi cyane yari yarasezeranyije, yashakaga ko habaho isi nziza kurushaho.” Yongeyeho ko musaza we yari afite icyizere cyo kuzafasha abaturage bo mu gace k’iwabo.

    Sekyiwa Shakur yasabye umucamanza gukatira Davis igihano kiruta ibindi, abwira Davis ko azicara muri gereza ndetse “urebe ibyo wakoreye isi, atari jye gusa [jyenyine]”.

    Davis yabajijwe n’umucamanza Carli Kierny niba hari ikintu na kimwe afite cyo kuvuga, arasubiza ati: “Meze neza. Ngiye kujuririra uru rubanza nta kabuza.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Papa Leo yatowe kansere yo mu mahaha kandi kumubaga vyagenze neza - Vatican

    Papa ashitse ku bitaro, abantu baharurwa muri mirongo bari inyuma y’uruzitiro bariko bagerageza gufata amafoto bakoresheje terefone zabo.
    Insiguro y'isanamu, Papa Leo ashitse ku bitaro vya Gemelli i Roma imbere y’uko abaganga bamubaga ku wa kabiri

    Papa Leo XIV yapimwe kansere yo mu mahaha, ariko igikorwa co kumubaga kugira bakureyo agace k’ihaha ry’iburyo kari gafise ingorane cagenze neza, nk’uko bishikirizwa na Vatikano mw’itangazo rijanye n’amagara yiwe.

    Igikorwa co kubaga uwo mwungere w’imyaka 71, cabaye ku wa kabiri, camaze iminota 90, kikaba cabereye ku bitaro vya Gemelli biri i Roma. Inyuma y’aho, abaganga bemeje ko yari afise kansere ifatira mu gace kagize igihimba co hepfo c’ihaha izwi nka “adenocarcinoma”.

    Vatikano yavuze iti: “Igikorwa co kumubaga cagenze neza kandi nta ngorane zabayemwo.” Yongeyeko iti: “Inyuma yo kubagwa, Papa yikanguye nk’uko bisanzwe, amara akanya abaganga bariko baramwihweza, mu nyuma asubira mu cumba ciwe.”

    Ako kavyimba ko mu mahaha kari kabonywe ubwa mbere mu gihe c’ico Vatikano yise “isuzumwa risanzwe ry’amagara”. Bitegekanijwe ko Papa azomara nk’ikiringo c’indwi imwe mu bitaro.

    Imbere y’aho, abantu isinzi bari bamaze amasaha bagandagaje hanze y’ibitaro barindiriye kwibonera Papa.

    Baramukomeye amashi, baramuramutsa bongera bamwipfuriza gukira ningoga igihe yariko ararengana ari mu modoka. Nawe, yarasohoye ukuboko arabaramutsa agucishije mw’idirisha ry’inyuma ry’imodoka – ikiyo cari camanuwe, yongera agaragara ariko aramwenyura.

    Amaze gushika ku bitaro, yakiriwe n’abakozi baho. Umwe muri bo yamubwiye ati: “Birambabaje.” Papa yishuye amwenyura, aca aduza ibitugu mu gisa no kwerekana ko ata kundi.

    Baciye bamubwira bati: “Turi ngaha ku bwawe.”

    Mw’itangazo ryayo, Vatikano yavuze ko igice cose co hasi c’ihaha ry’iburyo rya Papa cakuwemwo “kugira igikorwa co kumubaga kiranguke ku rugero rwuzuye”.

    Umukozi w’i Vatikano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Agence France-Presse ko hakiriko harakorwa ibindi bikorwa vyo kumusuzuma mu ntumbero yo kuraba nimba hari ibimenyetso vyerekana ko iyo kansere yoba yarakwiragiye mu bindi bihimba vy’umubiri.

    Papa Leo XIV ubwiwe, ni we yatangaje, ku wa Mungu, amakuru yavuga ko agiye kubagwa. Yabivugiye kw’ibaraza ry’inyubakwa iri ku kibuga ca Petero Mutagatifu, inyuma yo gutanga umuhezagiro wa Angelus.

    Yavuze ko ako kavyimba kari mu mahaha yiwe katarakwiragira, kandi ko kari kabonetse “mu ntango cane y’indwara”. Ariko abaganga bari bamugiriye inama yo kukavanayo.

    Umugwi w’abaganga b’inzobere mu kubaga igikiriza (canke mu gituza mu Kinyarwanda)wo ku bitaro vya Gemelli ni wo wabaze Papa.

    Urutonde rw’ibikorwa vyiwe vyose vyari bitegekanijwe gushika kw’itariki ya 20 Gitugutu (10), rwarakuweho kugira aronke umwanya wo gukira.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Intambara muri RD Congo iri kurushaho gukomera nubwo hari intambwe yatewe iganisha ku mahoro – intumwa yihariye ya ONU mu karere

    Xia Huang arimo kuvuga ijambo. Indangururamajwi ye yigije ku ruhande. Yambaye ikositimu yijimye, karuvati y'ubururu n'ishati y'umweru.
    Insiguro y'isanamu, Xia Huang yavuze ko imirwano ikomeje mu bice byinshi, abasivile bakaba ari bo igiraho ingaruka zikomeye (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Intumwa nkuru y’Umuryango w’Abibumbye (ONU) yaburiye ko uko bintu bimeze mu by’umutekano n’ubutabazi mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) bikomeje kuzamba nubwo ivuga ko hari intambwe yatewe mu bikorwa bigamije amahoro byo mu karere.

    Ubwo yagezaga ijambo ku kanama k’umutekano ka ONU ku wa kabiri, Xia Huang, intumwa yihariye y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bigari, yavuze ko gahunda z’amahoro za Washington na Doha zageze ku “ntambwe igaragara”, harimo n’ingamba ziganisha ku kwaka intwaro umutwe w’inyeshyamba wa FDLR, urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda ukorera mu burasirazuba bwa DRC, no kohereza muri DRC itsinda ry’ubugenzuzi ryo mu karere.

    Ariko yavuze ko imirwano ikomeje mu bice byinshi, abasivile bakaba ari bo igiraho ingaruka zikomeye. Huang yaburiye ko ukwiyongera kw’ikoreshwa ry’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (zizwi nka ‘drones’) zitwaje intwaro, ubushyamirane mu karere n’ikwirakwira rya Ebola, birimo kuzambya uko ibintu bimeze ku rubuga.

    Amerika yabwiye ako kanama k’umutekano ka ONU ko amasezerano y’amahoro ya Washington yatanze “amahirwe yanditse amateka” yuko habaho umutekano mu karere k’ibiyaga bigari, ariko yavuze ko DRC n’u Rwanda byombi bigomba gushyira mu ngiro mu buryo bwuzuye ibyo byiyemeje muri ayo masezerano, kubahiriza agahenge no kwirinda ibikorwa bishobora gutuma ubushyamirane bufata indi ntera.

    Huang yashishikarije impande zose gukora kuburyo ibyo ziyemeje bihinduka “ibikorwa bishobora kugenzurwa” ko habayeho ishyirwa mu ngiro ry’ayo masezerano, aburira ko amahirwe ariho ubu yo gutuma amahoro agerwaho ashobora kutazakomeza kubaho igihe cyose.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.