Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sénégal: Sonko yatowe nk'umukuru w'Inama Nshingamateka
Inyuma y'imisi itatu Perezida wa Sénégal Bassirou Diomaye Faye abogoje Ousaman Sonko yari umushikiranganji wa mbere, ubu uyu yatowe ku bwiganze bw'amajwi n'inama nshingamateka y'ico gihugu nk'umukuru wayo.
Yatowe n'abashingamateka 132 ku 133 batoye.
Itorwa rya Ousmane Sonko nk'umukuru w'inama nshingamateka ribaye inyuma y'umusi umwe Perezida wa Sénégal agenye Ahmadou Al Aminou Mohamed Lo mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere, asubiriye Ousman Sonko.
Ahmadou azwi nk'umuhinga mu bijanye n'ubutunzi akaba yari anajejwe gukurikirana no kugenzura umugambi w'imbonakazoza ifise intumbero yo kuzoba bahinduye ubutunzi bwa Sénégal gushika mu 2050.
Ahmadou afatwa kandi nka somambike wa Perezida Bassirou Diomaye Faye.
Mw'ijambo Ousman Sonko yashikirije ahejeje gutorwa, yagarutse kw'igenwa ry'uwo mushikiranganji wa mbere, asanzwe ari na we aca aba umukuru wa reta. Sonko yavuze ko umugambwe wiwe PASTEF, usanzwe ari wo uri ku butegetsi muri Sénégal, utagishijwe inama.
Yashimangiye ko hari n'ivyo adahurizako n'umushikiranganji wa mbere mushasha. Muri vyo, harimwo ikibazo c'itunganywa rya politike y'igihugu ijanye y'ifaranga n'ibijanye n'ideni ry'igihugu.
Nta co umushikiranganji wa mbere canke Perezida bari bashikiriza kw'igenwa rya Sonko canke kuri ibi yatanganje.
N'ubwo avuga ko hari ivyo adahurizako n'umushikiranganji wa mbere mushasha, Ousman Sonko asaba ko haba ibiganiro kugira bumvikane ku ntumbero ibereye igihugu cojanwamwo.
Avuga ko ivyo biganiro vyoshingira ku migambi nyamukuru igihugu gikeneye cane hadasizwe inyuma n'ubutungane.
Muri iki gihe, Sénégal iriko ica mu bihe bidasanzwe. Ikigega mpuzamakungu (FMI) cabaye kirabangiriye gusohora ingurane ya miriyaridi 1.8 z'amadolari inyuma y'aho gisanze hari ideni Sénégal yanyegeje, ivyatumye ideni ico gihugu gifise rigera ku 132 kw'ijana (132%) vy'umwimbu w'imbere mu gihugu (GDP).
Ibiganiro hagati ya Sénégal na FMI bitegekanijwe gusubira gutangura mu kwezi kwa gatandatu.
Inzobere zabariye BBC ko kuba Perezida Faye yagenye umushikiranganji wa mbere afise uburambe mu vy'ubutunzi ari ikimenyetso cerekana ibintu nyamukuru Perezida wa Sénégal agiye gushingirako: gutekanya ubutunzi bw'igihugu no kuvyura ibiganiro n'inzego mpuzamakungu zitanga ingurane.