Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Ingabo z'Amerika zivuga ko zagabye ibitero bishya mu majyepfo ya Iran

Bimwe mu biro bikuru by'imirwano by'ingabo z'Amerika bivuga ko ibyo bitero ku bigo bikorerwamo misile bya Iran hamwe no ku mato byagabwe mu "kwirwanaho".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Tehran: 97% vy'inzu zononekaye igice kubera intambara zarasanuwe – umuvugizi w'igisagara

    Umuvugizi w’ubuyobozi bw’igisagara ca Tehran, Abdolmothar Mohammadkhani, yatangaje ko ibice 97 kw’ijana (97%) vy’inzu 39,650 zari zarononekaye mu buryo budakomeye cane kubera ibitero Amerika na Israel zagavye kuri uwo mugwa mukuru wa Iran, zamaze gusanurwa.

    Uwo mutegetsi yabwiye ishami rya BBC ritangaza amakuru mu rurimi rw'Igi-Perse ko ukwononekara kudakomeye gusigura “ibirahuri vyamenetse hamwe n'ukwononekara kw’inzugi n’amadirisha”.

    Yamenyesheje kandi ko ibice 75 kw’ijana (75%) vy’inzu zari zononekaye ku rugero rufatwa nk’urwo “hagati” na zo nyene zasanuwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Suzana Magufuli, Mama wa John Magufuli yahoze ari Perezida wa Tanzania, yapfuye

    Suzana Magufuli, umuvyeyi w’uwahoze ari Perezida wa Tanzaniya John Pombe Magufuli, yitavye Imana inyuma yo kumara igihe kirekire arwariye muhira iwe mu karere ka Chato, mu ntara ya Geita.

    Amakuru ava mu muryango wiwe avuga ko urwo rupfu rwashitse mw’ijoro ryakeye, hafi isaha imwe. Ibimenyeshamakuru vyo muri Tanzaniya bivuga ko Suzana Magufuli yapfuye afise imyaka irenga 90.

    Urwo rupfu rwemejwe kandi n’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan.

    Mw’itangazo vyashize ahabona, Samia yaremesheje umuryango wa John Pombe Magufuli.

    John Pombe Magufuli yahoze arongoye Tanzaniya yapfuye mu 2021 afise imyaka 61, akaba yari akiri mu ntango z'ikiringo ciwe ca kabiri. Yari yatorewe kurongora Tanzaniya mu kiringo ca mbere muri 2015.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Abantu batatu bapfuye muri Uganda nyuma yuko bagonganye n'inzovu

    Abategetsi bavuze ko abantu nibura batatu bapfuye muri Uganda nyuma yuko imodoka igonganye n’inzovu muri pariki y’igihugu.

    Polisi yavuze ko abandi bantu bane bakomerekeye muri ibyo byabereye muri pariki y’igihugu yitwa Murchison Falls National Park, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Uganda, ku mugoroba wo ku cyumweru.

    Polisi yongeyeho ko iyo modoka yari itwaye abategetsi barindwi bo mu kigo cya Uganda cy’imisoro n’amahoro (URA).

    Impanuka z’imodoka zikunze kubaho muri Uganda, ndetse harimo no kwiyongera ibiba birimo inyamaswa z’agasozi hamwe n’abantu, mu gihe abaturage barimo gusatira uduce turinzwe (dukomye) twagenewe inyamaswa z’agasozi.

    Mu butumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X, polisi ya Uganda yavuze ko iyo modoka yari irimo kuva mu mujyi wa Arua, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Uganda, isubira mu murwa mukuru Kampala, ubwo uko kugongana kwabaga.

    Yavuze ko abakomeretse bihutanwe bajyanwa ku bitaro byo muri ako gace, ndetse nyuma yaho baza kujyanwa kuvurirwa i Kampala. Abategetsi nta makuru batanze ku kuntu iyo nzovu imerewe.

    Ikigo cya Uganda cyita ku nyamaswa z’agasozi cyashishikarije abatwara ibinyabiziga kujya baba maso bakareba niba hari inyamaswa zambukiranya imihanda.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Trump: Uranium ya Iran bagomba kuyiduha nonaha cyangwa ikangirizwa ahantu humvikanyweho

    Mu byo yatangaje ubu bifatwa nko “kwisubira” ku ko yabibonaga mbere, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko “Uranium itunganyije [ya Iran] (bita “umukungugu kirimbuzi”) bagomba nonaha kuyishyikiriza Leta Zunze Ubumwe za Amerika ikangizwa, cyangwa se ku bwumvikane n’ubushake bwa Repubulika ya Kisilamu ya Iran, ikangirizwa ahantu humvikanyweho”.

    Trump avuga ko icyo gikorwa cyo kuyisenya “cyahagararirwa n’ikigo mpuzamahanga kireba iby’ingufu za nikleyeri”.

    Abasesenguzi bavuga ko ibi Trump yatangaje bitandukanye n’ibyo mbere yavugaga byo gusenya burundu hakoreshejwe ingufu za gisirikare ubushobozi bwa Iran bw’ingufu za nikleyeri.

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu na we mu minsi ishize yavuze ko intambara idashobora kurangira mbere y’uko ububiko bwa Uranium itunganyije bwa Iran “bushenywe”.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. DR Congo: Igipolisi carashe mu kirere kugira gishwiragize isinzi ryarakaye ku kigo kivurirwamwo Ebola

    Igipolisi co mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), carashe amasasu mu kirere inyuma y’aho isinzi ry’abantu bashavujwe n’impfu z’ababo rigerageje gutwara ibiziga vy’abapfiriye ku kigo kivurirwamwo Ebola kiri i Mongwalu.

    Abamenyeshamakuru babiri bo muri ako karere babibwiye BBC ko ako kajagari ko ku wa Mungu kamaze umusi wose.

    Ico kigo kivura Ebola kiri mu gice kimwe c’ibitaro, ni na co nyene cari catewe mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu buca ari ku wa gatandatu mu ndwi iheze, aho ihema ryataramurirwamwo abarwayi ryaturiwe.

    Ikiziga c’umuntu yishwe na Ebola kirashobora kwanduza cane, kandi gutegura uwo mubiri kugira ujanwe guhambwa bishobora gutuma ubwo bwandu bukwiragira cane.

    Abategetsi bavuga ko muri iki gihe hamaze kuboneka abantu barenga 900 bikekwa ko banduye Ebola, hamwe n’abarenga 220 vyibazwa ko bahitanywe na yo.

    Umukuru w’abaganga ku bitaro bikuru vya Mongwalu, Dr Richard Lokudu, yavuze ko abateye akajagari ku wa Mungu basaba ko ibiziga vy’abantu babiri bisubizwa imiryango yabo.

    Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press ko ibitaro vyose vyari “mu ruhagarara”.

    Umwe muri abo bapfuye yari umupatiri wa Ekleziya Katolika, akaba yari “umuntu azwi cane muri ako karere - umuyobozi w’idini”, nk’uko umukozi wo muri ivyo bitaro yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

    Ugukekeranya ku bategetsi hamwe no kutemera neza icahitanye abo bantu vyatumye bamwe mu baba muri utwo turere twiziziwe na Ebola batakariza icizere inzego z’ubutegetsi.

    Ku wa kane, isinzi ry’abantu ryaraturiye amahema yataramurirwamwo abarwayi ku bitaro vya Rwampara, igisagara kiri ku bilometero 85 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mongwalu, na ho nyene Ebola ikaba ihibonekeza cane.

    Ivyo vyabaye i Rwampara inyuma y’uko abantu babujijwe gutwara no guhamba ikiziga c’umugabo vyikekwa ko yahitanywe na Ebola.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Ingabo z'Amerika zivuga ko zagabye ibitero bishya mu majyepfo ya Iran

    Ingabo z’Amerika zivuga ko zagabye ibitero bishya mu majyepfo ya Iran, zirasa ku bigo bikorerwamo ibisasu bya misile no ku mato yageragezaga gutega ibisasu bya mine.

    Bimwe mu biro bikuru biyobora imirwano by’ingabo z’Amerika (US Central Command) byasohoye itangazo bivuga ko ibyo bitero byagabwe mu “kwirwanaho”, kandi ko bigamije “kurinda ingabo zacu inkeke zitewe n’ingabo za Iran”.

    Umuvugizi wa ‘US Central Command’, Kapiteni (Capt) Tim Hawkins, yavuze ko ingabo z’Amerika “zikomeje kurinda ingabo zacu mu gihe zikoresha kwifata muri aka gahenge gakomeje”.

    Ibyo bitero bibaye mu gihe umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga ya Iran Esmail Baqai yavuze ko hari intambwe yatewe mu biganiro n’Amerika, ariko ko amasezerano yo kurangiza intambara “ntabwo yegereje”.

    Capt Hawkins yavuze ko ibyo bitero byarashe ku gace kari hafi ya Bandar Abbas, umujyi urimo icyambu wo mu majyepfo unarimo ikigo cya gisirikare cy’ingabo zirwanira mu mazi za Iran kiri ku muhora wa Hormuz, nkuko byatangajwe n’ikinyamakuru the New York Times.

    Mbere, ibitangazamakuru bya leta ya Iran byatangaje ko abategetsi b’aho i Bandar Abbas bari barimo gukora iperereza nyuma yuko humvikanye ibiturika.

    Iran ntirasubiza kuri ibi bitero bishya by’Amerika. Ntibisobanutse ingaruka bizagira ku masezerano y’amahoro ashobora kugerwaho hagati y’Amerika na Iran.

    Nyuma y’ibyo bitero, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio yavuze ko amasezerano agishoboka ndetse akomoza ku biganiro byo kuri uyu wa kabiri hagati y’intumwa nkuru ya Iran mu biganiro ikaba na minisitiri w’ububanyi n’amahanga, hamwe na minisitiri w’intebe wa Qatar, ikora nk'umuhuza muri ibi biganiro.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.