Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Marie-Clémentine Dusabejambo yatsindiye Caméra d'Or muri Cannes 2026
Umunyarwandakazi Marie-Clémentine Dusabejambo yatsindiye Caméra d'Or (Kamera y'inzahabu) mw'isabukuru mpuzamakungu ya sinema y'uno mwaka, Cannes 2026.
Muri iyi sabukuru yebereye mu gisagara ca Cannes mu gihugu c'Ubufaransa, kuva ku wa 12 gushika ku wa 23 z'uku kwa gatanu, Marie-Clémentine Dusabejambo yatsindiye aka gashimwe kubera filime yiwe, izwi nka "Ben'Imana".
Ni filime yafatiwe i Kibeho mu Rwanda, ikorwa ijana kw'ijana n'abanyarwanda nyene, nk'uko yabibwiye imboneshakure y'Urwanda mu kiganiro yagiranye na we imbere y'iyi sabukuru.
Ivuga ku "kubabarira, kwiyunga, urugendo n'ico bisaba mu buryo bw' amarangamutima kugira ngo abantu babashe kubana mu gihugu canke ahantu harangiye intambara canke ihonyabwoko", nk'uko Dusabejambo abivuga.
Ku bwiwe, ni igihe gishasha gitanguye kuri sinema yo mu Rwanda.
Ku rubuga rwa X, abatari bake, harimwo n'abategetsi b'Urwanda, igihugu ciwe, barabandanya bakeza uno Munyarwandakazi n'abamufashije bose, ku ntambwe idasanzwe yateye, mu kuronka aka gashimwe.
Ku ncuro ya 79 y'iri sabukuru, ni ubwa mbere filime yakozwe n'Umunyarwanda igeze muri iyi festival ku rwego nk'uru.
Mw'ijambo yavuze ahejeje gushikirizwa aka gashimwe, Marie-Clémentine yavuze ko yakoze iyi filime yamushikanye kuri iyi ntambwe mu ntumbero yo "guha icubahiro abagore b'igihugu canje, abo bavyeyi ari bo shingiro ry'ugukira kw'igihugu cose".
Ati: "Abo bavyeyi, bagenda bagwa bavyuka, baca mu bibazo bitagira uko bivugwa, baronse inguvu zo kwihagararako bagumana ubuntu. …Na cane cane, baronse mu mitima yabo ububasha bwo kwitanga, bwo kubabarira no gutera intambwe imbere, naho hoba nabi nabi, naho hoba mu mubabaro, rimwe na rimwe mbere batanashika ku ntego yabo.
"Uwu mutima w'ubuntu, ubu butwari bwabo, bikwiye guhabwa ikibanza".