Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ebola: Amerika isaba Les Léopards kwitaramura imisi 21 kugira yemere kubakira mu gikombe c'isi
Repubulika ya Demokarasi ya Congo ivuga ko idashobora guhindura integuro zayo zijanye n'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ritegekanijwe gutangura mu kwa gatandatu n'ubwo Amerika igabisha.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishaka ko umurwi nserukiragihugu wa RD Congo witaramura imisi 21 imbere y'uko ushika muri ico gihugu kubera ikiza ca Ebola kivugwa mu buseruko bwa Congo.
Umutegetsi wo mu murwi wihariye w'ibiro vy'umukuru w'igihugu (Maison Blanche/White Hourse) ujejwe Igikombe c'Isi asubirwamwo n'imboneshakure ESPN avuga ko uno murwi utazokwemererwa kwinjira muri Amerika ari nka hamwe utokwitaramura mu Bubirigi, ari naho uri mu myimenyerezo yo kwitegurira iri higanwa.
Abakinyi hamwe n'abarongoye Les Léopards (umurwi nserukiragihugu wa RD Congo) hafi bose basanzwe baba hanze, ibi bigasigura igituma abategetsi bariko bihoza akamo baterwa ko kwitaramura imisi 21.
Bitegekanijwe ko Les Léopards bakina urukino rwabo rwa mbere ku wa 17 z'ukwa gatandatu aho bazohura na Portugal mu murwi K i Houston hanyuma bahure na Uzbekistan ku wa 27 z'ukwa gatandatu i Atlanta, ibisagara vyo muri Amerika.
Muri RD Congo hari hategekanijwe ibirori vyo kubarungika ariko vyarahagaritswe kubera iki kiza ca Ebola.
Abafana ba Les Leopards banditse ku rubuga rwa X bavuga ko batazoshobora gushika muri Amerika kugira ngo bashigikire umurwi wabo mu rukino rwawo rwa mbere na Portugal kubera itangwa ry'amaviza (visas) ryahagaritswe biturutse kuri iki kiza rutikizabantu.
Ariko abategetsi ba RD Congo bavuga ko bazokora uko bashoboye kwose kugira ngo babaronkere amaviza azobashikana muri Mexique, aho bitegekanijwe ko uno murwi uzohurira na Colombia ku wa 23 z'ukwa gatandatu i Guadalajara.
Ebola yoyo ibandanya irandaranda
Ejo ku wa gatandatu, reta ya RD Congo yatangaje ko gushika ubu, abantu bamaze guhitanwa n'iki kiza bavuye ku 170 bashika ku 204, kandi ko abantu bamaze kwikekwa ko bayanduye bashika 867.
Ejo nyene ku wa gatandatu, Uganda yatangaje abandi bantu batatu banduye iyi ndwara, ivyatumye abamaze kuyandura muri iki gihugu kibanyi ca RD Congo, bagera kuri batanu.
Hagati aho, abategetsi ba RD Congo bafashe ingingo yo guhagarika mu kiringo kitazwi ingendo z'indege zose ziva canke zija muri Bunia, mu ntumbero yo kugabanya ikwirakwira ry'iki kiza.
Itangazo rya reta rivuga ko ingenzo z'ubutabazi canke z'ubuvuzi ari ngombwa ko zibanza kugenzurwa kandi zigatangirwa uruhusha n'abajejwe amagara y'abantu hamwe n'ivy'indege.
Iri tangazo rigira riti: "Izi ngingo zo kwicungera zifise intego yo kuzibira ikwirakwira ry'iki kiza hakurya y'imbibe hamwe no kubungabunga amagara n'umutekano w'ingenzi, abakozi b'indege hamwe n'abo ku bibuga vy'indege".
Bunia, umugwa mukuru w'intara ya Ituri ni kimwe mu bibanza iki kiza ca Ebola candurutsemwo. Ni ibintu bidakunze kuba aho reta ya RD Congo ihagarika ingendo z'indege kubera ikiza ca Ebola.
Reta ivuga ko gushika ubu uturere tw'ubuvuzi tumaze kubonekamwo iki kiza tugera kuri 12 mu ntara zitatu, ari zo Ituri mu turere umunani, Kivu ya Ruguru mu turere dutatu na Kivu y'Epfo mu karere kamwe.
Ikigo ca Afrika kijejwe kurwanya no kugenzura indwara (Africa CDC) kivuga ko ibihugu cumi vya Afrika biri mu kaga ko gushobora guterwa na Ebola, kigabisha ko ikwiragira ry'iki kiza ari ikibazo gitegerezwa kwitwararikwa cane mu karere.
Gisaba ibihugu bibanyi vya RD Congo na Uganda gukomeza ubugenzuzi ku mipaka, kwama bigavye, hamwe no gukorana vyihuta mu gutabara kugira bizibire ikwiragira ry'iyo ndwara.
Umukuru wa Africa CDC Jean Kaseya avuga ko abantu bababa 200 vyagaragaye ko bari bahuye n'uno mugera imbere y'uko iki kiza gitangazwa ku wa 14 Ntwarante (3).
Umugera mushasha utera iki kiza uzwi nka Bundibugyo gushika ubu nta rucanco canke umuti wayo biraboneka.