Kenya : Abacungera Perezida Ruto bakuwe inyuma y'aho hari uwabaciye mu ryahumye akamushikira

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umukuru w'igipolisi muri Kenya yategetse ko haba ihindagurwa rikomeye mu bagize umurwi ujejwe gucungera umutekano wa Perezida William Ruto, inyuma y'aho hari umugabo yashoboye guca mu ryahumye abajejwe umutekano agashikira Perezida mu kanya gato.

Ibi vyabereye mu ntara ya Kilifi ku wa Mungu, igihe Ruto yariko ashikiriza ijambo abamushigikiye ahagaze mu kibanza gikirurutse, mu karere ka Bamba.

Amashusho yakwiragijwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana umusore afise Bibiliya ashikira Perezida mu kanya gato imbere y'uko abajejwe umutekano bamuta muri yompi.

Uwo musore yinyuranganije mw'isinzi ry'abantu, yiruka yerekeza ku mukuru w'igihugu, afyuka mu murongo w'abacungera umutekano wari wakajijwe, imbere y'uko abo bajejwe umutekano bamutesha ariko yamaze gushikira Perezida.

Ivyo vyakurikiwe n'uruhagarara rukomeye igihe abajejwe umutekano bariko bihutira gufata uwo muntu, abanyagihugu nabo bariko bararorera bumiwe.

Abategetsi badondoye ukwo guca mu ryahumye abajejwe umutekano wa Perezida nk'ikintu "gikomeye kandi kitihanganirwa".

Umukuru w'igipolisi Douglas Kanja yagize ati: "Ukugerageza kurengana abacungera umutekano w'umukuru w'igihugu kwose ntikwemewe".

Yongeyeko ko ari ikibazo "gikomeye cane ku mutekano w'igihugu."

Abategetsi bashimangiye ko inzego z'umutekano zihutiye gusubiza ibintu mu buryo, ariko baremera ko hari akaziciyemwo mu kwitunganya no mu kugenzura isinzi ry'abanyagihugu.

Mu gutorera inyishu iyo ngorane, inzego z'igipolisi zo hejuru zahinduriye amabanga abajejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu harimwo abo mu migwi ya karuhariwe uzwi nka Police Elite na Unit Recce Squad.

Hashizweho umuyobozi mushasha w'urwego rw'umutekano ruherekeza umukuru w'igihugu, mu gihe abandi bakozi bakuru bamwe bamwe bakuwe mu mabanga yabo abandi barungikwa mu karuhuko.

Igipolisi kandi cashizeho umurwi udasanzwe ujejwe kugira amatohoza kugira hamenyekane ukuntu uwo muntu yashoboye kurengana aciye mu nzego zitandukanye zirinda umukuru w'igihugu.

Ivyabaye ku musi w'Imana vyatumye hasubira kuba amakenga ku kungene umutekano w'umukuru w'igihugu ucungwa, cane cane iyo yitavye amakoraniro arimwo abanyagihugu baba bashobora kwegera hafi yiwe.

Ivyo vyashitse kandi haciye amezi atatu gusa habaye irindi kosa risa n'iryo, aho abacungera umutekano bataye muri yompi umusore yari yegereye hafi y'aho Perezida Ruto yariko aravugira.

Umwaka uheze, uwundi muntu yateye ikirato umukuru w'igihugu mu gihe yariko arashikiriza ijambo abanyagihugu bari bakoraniye mu nama.