Amerika imaze gukataza ibingana gute muri Irani, kuva ku ndege z'intambara gushika ku madrone?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Icegeranyo gishasha c'inama nshingamateka ya Amerika cashize ahabona ivyo Amerika imaze gutakaza mu vya gisirikare mu ntambara yo muri Irani, aho cerekana ko indege za gisirikare zirenga 40 zimaze kuhononekarira canke zigasamburwa muri iyo ntambara.

Iki cegeranyo cakozwe n'umurwi w'inama nshingamateka ya Amerika ujejwe amatohoza (CRS), wisunze amakuru ava mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi (Pentagon), ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati (CENTCOM), hamwe n'amakuru atangwa n'ibinyamakuru.

Iki cegeranyo kivuga ko mu vyo Amerika imaze gutakaza harimwo indege z'intambara, za ndege zitajamwo abadereva (drone), za kajugujugu hamwe n'izindege za gisirikare zidasanzwe.

Nk'uko biri muri iki cegeranyo, iki gitero ca Amerika ciswe Operation Epic Fury catumye indege 42 zisamburwa, harimwo izo mu bwoko bwa F-15, F-35 Lightning, kajugujugu z'ubutabazi izwi nka HH-60W Jolly Green II, n'izindi.

Uru rutonde rushobora guhinduka ku mvo zitari nke nk'uko iki cegeranyo kibivuga, harimwo n'uko ibitero bishobora kubandanya.

Iki cegeranyo kandi gisubiramwo umukozi wo muri Pentagon Jules W. Hurst III yabwiye inama nshingamateka ku wa 12 z'uku kwa gatanu ko amafaranga yari amaze gukoreshwa muri iyo ntambara Iran arenga imiriyaridi 29 z'amadorari y'Abanyamerika, menshi muri aya akaba ari ayo gusanura indege zononekaye.

Indege zo mu bwoko bwa F -15E Strike Eagle

Indege zine z'intambara zo mu bwoko bwa F-15E Strike Eagle

Mu ndege zivugwa muri iki cegeranyo harimwo iz'intambara zine zo mu bwoko bwa F-15E Strike Eagle.

Ku wa 2 Ntwarante (3) CENTCOM yavuze ko zitatu muri izi zarashwe zigasamburwa muri Koweit mu co ivuga ko cari "igitero c'incuti".

Gusa abakozi batandatu bose bari muri izi ndege barashoboye gukoroka neza kandi baratabarwa.

Ku wa 5 Ndamukiza (4), 2026, Centcom yatangaje ko indege yo mu bwoko bwa F-15E yarashwe igasamburwa mu gihe yari mu ntambara mu kirere ca Irani, abadereva bompi bari muri yo bagashobora gukoroka neza kandi bagatabarwa mu gikorwa c'ubutabazi gitandukanye.

Iki cegeranyo kandi kirasubiramwo inkuru yo ku wa 19 Ntwarante (3) yavuga ko ubwirinzi bwa Irani bwasambuye indege imwe yo mu bwoko bwa F-35A yari mu bitero mu kirere ca Irani.

Ico gihe nyene, uburongozi bw'ingabo za Amerika ziri mu Buseruko bwo Hagati, CENTCOM, bwaremeje ko indege y'intambara ya F-35 yaguye gihutihuti ku kibuga c'indege co mu Buseruko bwo hagati, inyuma y'ibitero vyo mu kirere muri Irani.

CENTCOM yavuze ko iyo ndege yashoboye kugwa neza kandi ko n'abadereva bayo bari bameze neza. Hagati aho, nta nsiguro zindi CENTCOM yatanze ku vyatumye igwa vyihutirwa ariko imboneshakure yo muri Amerika CNN, yatangaje ko iyi ndege yarashwe na Irani.

Iki cegeranyo c'inama nshingamateka ya Amerika kandi kivuga ko mu kiganiro n'abanyamakuru co ku wa 6 Ndamukiza, umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Amerika, Jeneral Dan Caine, yavuze ko ku wa 3 Ndamukiza, umwansi yarashe indege y'intambara yo mu bwoko bwa A-10 ica irakoroka, ikaba yagiye gusamburwa mu bikorwa vy'ubutabazi, kandi ko umudereva wayo yashoboye gukoroka neza akaba yahavuye atorwa ameze neza.

Indege indwi z'igitoro zo mu bwoko bwa KC-135 Stratotanker

Izi ni indege zinywesha igitoro izindi indege ziri mu kirere. Ku wa 12 Ntwarante, CENTCOM yatangaje ko indege zibiri z'ubu bwoko bwa KC-135 zagonganiye mu kirere co muri Iraki. Imwe muri zo yakorokeye muri Iraki, mw'isanganya ryahitanye abakozi bose batandatu bari muri yo. Iyindi ikaba yaguye mu buryo bwihutirwa ahantu hatavuzwe ariko hari ingabo za Amerika.

Iki cegeranyo gisubiramwo inkuru y'ikinyamakuru yo ku wa 14 z'ukwa gatatu yavuga ko indege zitanu zo mu bwoko bwa KC-135 zononekaye ziri hasi ku kigo c'ingabo za Amerika zirwanira mu kirere, Prince Sultan Air Base, muri Arabia Sawudite, mu gitero ca Irani ikoresheje ibisasu vya misire hamwe n'amadrone.

Indege yo mu bwoko bwa E-3 Sentry ikoreshwa mu kuburira hakiri kare ibitero vyo mu kirere no kugenzura ibikorwa vy'ingabo zo mu kirere (AWACS)

Iki cegeranyo nyene gisubiramwo inkuru yo mu kinyamakuru yo ku wa 28 z'ukwa gatatu yavuga ko indege yo mu bwoko bwa E-3 ikoreshwa muri maneko yarashwe igasamburwa iri hasi kuri ico kigo nyene ca Prince Sultan Air Base, muri ico gitero ca Irani.

Muri ico gihe nyene, amasanamu menshi yagenzuwe yava ku kibuga c'indege muri Arabia Sawudite yerekana indege y'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere yasambuwe.

Amasanamu yemejwe mu nyuma yerekanye iyo ndege yacitsemwo ibipande bibiri.

Inkuru yo ku wa 7 z'uku kwa gatanu yavuze ko iyo ndege yari mu kibanza kitari gikingiwe.

Indege z'ibiri MC-130J Commando II zo mu bikorwa bidasanzwe

Iki cegeranyo gisubiramwo inkuru yo mu kinyamakuru yo ku wa 5 z'ukwa kane yavuga ko indege zibiri za MC-130J zari mu gikorwa co guhiga indege ya F-15E yari yarashwe irakoroka zasamburiwe hasi inyuma y'uko vyanse ko zihaguruka, abari muri zo bose bakaba barashoboye kujanwa.

Ico gihe, amakuru yariko arazunguruka cane yavuga ko Irani yakoroye iyi ndege yo mu bwoko bwa F-15E kandi ko umwe mu bakozi bayo yari yakorokeye ahantu hatari hazwi, ivyatumye Amerika itanguza igikorwa cari gikomeye cane co kumuhiga.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyatangaje ko habaye ukurasana hagati y'ingabo za Amerika n'iza Irani muri ico gikorwa co kumurondera.

Ico gihe, Perezida Donald Trump yavuze ko ico gikorwa cari co ca mbere kinini cabayemwo indege nyinshi cane muri Irani.

Kajugujugu y'ubutabazi HH-60W Jolly Green II

Ico cegeranyo gisubiramwo Jenerali Caine yabwiye abanyamakuru ku wa 6 z'ukwa kane ko umusi umwe imbere y'aho, ni ukuvuga ku wa 5 z'uko kwezi nyene, kajugujugu imwe yo mu bwoko bwa HH-60W Jolly Green II yari yononekanye igihe yaraswa.

Yari mu gikorwa co kurondera wa mukozi wo muri ya ndege yo mu bwoko bwa F-15E yari yakorowe muri Irani, akaba yari yaburiwe irengero.

Amadrone

Iki cegeranyo c'inama nshingamateka gisubiramwo kandi inkuru yo mu binyamakuru yavuga ko ku wa 9 z'ukwa kane indege za Amerika 24 zitajamwo abadereva (drone) zasambuwe muri ico gitero Epic Fury.

Iki cegeranyo kivuga ko muri izo ndege harimwo izo mu bwoko bwa MQ-9 Reaper zikoreshwa mu kugendereza no gukora ibitero.

Gisubiramwo kandi inkuru yo mu binyamakuru yasohotse ku wa 14 z'ukwa kane na vyo vyasubiramwo umutegetsi wo mu ngabo za Amerika zirwanira mu mazi, avuga ko hari iyindi drone imwe yo mu bwoko bwa MQ-4C Triton igendera hejuru cane yononekaye muri ico gihe c'intambara.

Muri iyi ntambara, igisirikare ca Amerika kivuga ko ku rugero runini cashoboye gushika ku ntego yaco muri iyo ntambara yo muri Irani.

Perezida Trump na we ntahengeshanya kuvuga ko igisigikare ca Irani kirwanira mu kirere, ico mu mazi hamwe n'ico ku butaka vyahongowe amenyo.

Ku ruhande rwayo, Irani ntirashira ahabona ivyo imaze gutakariza muri iyo ntambara, kandi ibandanya ivuga ko ifise ubushobozi bwose bwo kubandanya intambara na Amerika.