Umurundi Berahino yakukurutse mu mupira w’amaguru ku myaka 33

Ahavuye isanamu, Malcolm Couzens - Getty Images
Saido Berahino, yahoze ari umusatirizi mw’ihiganwa ry’Ubwongereza (Premier League), yasezeye mu mupira w’amaguru ku myaka 33, kugira yitwararike cane igikorwa co kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.
Uyu mukinyi mpuzamakungu w’Umurundi yakuriye mu karere ka Midlands mu Bwongereza. Yamenyekanye cane akiri muto igihe yakinira umurwi yakuriyemwo wa West Bromwich Albion. Muri uwo murwi, yagize ibihe vyiza cane mu mwaka w’inkino wa 2014-2015, aho yinjije ibitsindo 20 mu nkino za Premier League no mu yandi mahiganwa, imbere yo kwimukira mu murwi Stoke City ku miliyoni 12 z’ama Pound.
Ariko, kubera inguvu n’ububasha vyiwe vyasa n’ivyatanguye kugabanuka muri West Brom igihe bamenyerezwa na Tony Pulis, Berahino ntiyitwaye neza na gato muri Stoke. Uwo murwi mbere wahavuye ukoroka ukurwa muri Premier League muri Ndamukiza (4) 2018.
Gary Rowett, uwari umumenyereza wa Stoke ico gihe, amaze kumuha akandi karyo, Berahino yinjije ibitsindo bitanu gusa mu mwaka w’inkino wa 2018-2019. Kandi, ntiyatevye gusubira kutitabwaho cane muri uwo murwi, gushika aho amasezerano yiwe ahagarikwa ku bwumvikane bw’impande zompi, n’ubwo yari asigaranye imyaka itatu kuri ayo masezerano.
Amaze kuva muri Stoke muri Myandagaro (8) umwaka wa 2019, yaciye aja gukinira mu Bubirigi. Yakiniye Waregem na Charleroi, imbere y’uko Darren Moore, uwahoze atoza West Brom, amusinyisha muri Sheffield Wednesday muri Myandagaro (8) 2021.
Kuva ico gihe, Berahino yarakiniye imigwi yo muri Chypre, mu Buhindi no muri Slovénie, hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.
Imbere y’aho, yari yarakiniye imigwi y’Ubwongereza mu biringo bitandukanye, harimwo n’umurwi w’abatarenza imyaka 21.
Berahino yarahamagawe incuro zibiri mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza n’umumenyereza Roy Hodgson, ariko ntiyigeze ahabwa akaryo ko gukina.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw’itangazo yise “Ikete ku mupira w’amaguru” yashize ku rubuga rwa Instagram, Berahino yagize ati:
“Ndashimiye West Bromwich Albion kuba baranyizeye nkiri umwana.
“Imyaka namaze muri uwo murwi, ibitsindo ninjije, abafana n’ibihe bitandukanye twaciyemwo, bizokwama bifise ikibanza kidasanzwe mu buzima bwanje. Harabaye ibihe vyiza na bibi, amakosa n’ivyigwa nayakuyemwo. Naratahuye ko umupira w’amaguru ushobora kugushira ku rwego rwo hejuru, ariko kandi ukagushira no mu bigeragezo muri ico gihe nyene.
“Igihe kirageze ngo nsezere umupira w’amaguru nk’umukinyi. Umubiri wanje n’umutima wanje vyiteguriye gutangura ikindi kiringo c’ubuzima bwanje. Ndahimbawe kandi ndakenguruka kuba ubu ngiye gukorera umurwi nserukira gihugu w’Uburundi nk’umumenyereza. Gusubiza igihugu camvyaye ivyiza campaye, no gufasha abakinyi bakiri bato, ni ikintu mbona ko kibereye.
“Ku muryango wanje, mwambereye inkomezi. Ku bafana bagumye banshigikira mu bihe vyose naciyemwo, sinzokwigera nibagira ukuntu mwamfashije. Uku si ugusezera umupira w’amaguru burundu. Mu bisanzwe ni ugusozera gusa inkuru imwe hama ugatangura iyindi.
“Umupira w’amaguru wampaye vyose. Kuva mu mabarabara y’i Bujumbura gushika ku kibuga ca The Hawthorns, kuva muri Premier League gushika mu bindi bibanza ntigeze niyumvira ko nzokinamwo, uyu mupira warafashije umwana yari impunzi gukura no kubandanya urugendo rw’ubuzima.”
Izindi nkuru wosoma:





