Ubufaransa: Intureka, ugusahura hamwe n'iturirwa ry'inyubakwa, mu gihe abarenga 1200 bafashwe inyuma y'imyiyerekano

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jack Burgess
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Intureka zaradutse mu Bufaransa ku wa gatandatu mu gihe hari haramutse haba iyindi myiyerekano yo kwiyamiriza ingorane zugarije amashure hamwe n'ukuzimba kw'ubuzima.
N'imiburiburi abantu 1.200 baratawe muri yompi mu co reta y'Ubufaransa yise "iyongerekana ry'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi" muri iyo myiyerekano yitabwe n'abantu bagereranywa ko bashika ibihumbi 550.
Ku murwa mukuru Paris, mu masaha y'umugoroba, habaye ugutana mu mitwe gukomeye hagati y'abari mu myiyerekano n'igipolisi kijejwe guturuza imigumuko. Ico gipolisi cakoresheje imyuka ikoroza amosozi hamwe n'ibimodoka bitera amazi mu ntumbero yo gushwiragiza isinzi ry'abantu.
Inyubakwa zaraturiwe kuri uwo murwa mukuru no mu zindi ntara. Mu gisagara ca Limoges, umuriro ukomeye wadutse mu nyubakwa y'ubuyobozi bw'igisagara watumye igisenge cayo n'igice kimwe bisenyuka.
Mu bisagara bitandukanye harabaye ibikorwa vyo gusahura no gusambura ibintu ku bwinshi, aho inyubakwa z'ubuyobozi bw'ibisagara n'amaduka biri mu vyononywe.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Sébastien Lecornu, yavuze ko abapolisi 150 bakomeretse muri iyo migumuko.
I Paris, urugendo nyamukuru rw'abari mu myiyerekano rwasa n'urwagenda mu mahoro mu masaha y'inyuma ya sasita. Urwaruka rumwe rwabwiye BBC ko ari "abantu b'amahoro" bariko "bagerageza gusa gutuma ibintu bihinduka, ariko nta na kimwe kiriko kirava aho kiri".
Ariko uko umusi wigira imbere, hari imigwi y'abantu yatanguye kwatsa imiriro mu mabarabara no guturira imiduga, harimwo no mu bibanza bizwi cane vyo hagati mu gisagara, nka Place de la République.
Amaduka yarasahuwe, n'imiburiburi uburiro bumwe burasha buratokombera, kandi abamenyeshamakuru ba BBC biboneye abantu bo mu migwi imwe imwe bariko baratana mu mitwe.
Abapolisi bajejwe kugwanya imigumuko babonetse biruka berekeza ku murwi w'abantu wari hagati i Paris, bakubita benshi muri bo inkoni.
I Lyon, umukuru w'igisagara Grégory Doucet yavuze ko ugusha kw'inyubakwa y'igisata cakira ingenzi muri ico gisagara ari "icago gikomeye" kuri ico gisagara. Yabwiye imboneshakure BFMTV ati: "Birababaje cane kuko ari inyubakwa y'amateka izwi cane kandi ifise ikibanza gikomeye mu bimenyetso biranga ico gisagara."
Igipolisi co muri ako karere cavuze ko "abantu bari bafise imigambi yo gukora nabi" babujije abajejwe kuzimya umuriro kuwuzimya neza kandi ata kaga.
Abo bajejwe kuzimya baragerageje kandi kuzimya umuriro wari wadutse mu nyubakwa y'ubuyobozi bw'igisagara ca Limoges. Ubutegetsi bw'intara bwavuze ko uwo muriro watumye igice kimwe c'iyo nyubakwa gisenyuka.
Umusore umwe "yaciwe ukuboko n'igisasu ca gerenade" i Saint-Étienne, nk'uko umukuru w'ico gisagara kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa, Régis Juanico, yabivuze ku mbuga ngurukanabumenyi. Yongeyeko ati: "Ico cago nticari gikwiye kwigera kiba."
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwavuze ko muri iyo myiyerekano habayeho "ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi vyari vyateguwe kandi vyerekejwe ku bibanza kanaka", bikozwe n'"abantu bari bipfutse mu maso", mu bice bimwe bimwe vy'umurwa mukuru Paris, hamwe no mu bisagara vya Marseille, Rennes, Toulouse na Angers.
Amakuru y'inyubakwa zaturiwe yatanzwe mu bice bitandukanye vy'Ubufaransa, harimwo i Grenoble, Avignon, Pau, Montpellier na Valence.
I Paris, amaduka y'impuzu n'ay'ibifungurwa yarasahuwe, mu gihe iduka rya Apple i Lille ryinjiwe n'abantu bararisahura batwara ibintu vyose vyarimwo.
Amashusho yagenzuwe n'igisata ca BBC Verify yerekanye igariyamoshi itwara ingenzi i Grenoble, iriko itwarwa n'abagabo bipfutse mu maso, baca mw'ibarabara ripfunganye riri hagati mu gisagara, berekeza ku bapolisi nibura batatu bari bajejwe guturuza imigumuko.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu ndwi ziheruka, abanyeshure ibihumbi amajana n'amajana baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza ibura ry'abakozi hamwe n'inyubakwa z'amashure zishaje cane mu mashure yisumbuye yo mu gihugu, yitabwa n'urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 18.
Ku wa gatandatu, abo banyeshure bashigikiwe n'abanywanyi b'amashirahamwe y'abakozi hamwe n'iyindi migwi itegura imyiyerekano.
Muri iyo migwi harimwo umurwi uzwi nka gilets jaunes. Uwo murwi waramaze umwaka urenga, kuva mu 2018, wiyamiriza izimba ry'ubuzima. Iyo myiyerekano yaciye iba imwe mu yamaze igihe kirekire kuruta iyindi yose mu mateka y'Ubufaransa.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze ati: "Abasambuye canke bagatera ibiro vy'abaserukira reta mu ntara, hamwe n'amaduka, bakanasahura mbere n'inyubakwa z'ubuyobozi bw'ibisagara vyacu, bazokurikiranwa n'ubutungane kandi bahanwe."
Reta y'Ubufaransa isa n'iyagerageje kugira ivyo irekurira abari mu myiyerekano kugira ibahumurize. Ku wa 8 Gitugutu (10), mu kiganiro yahaye imboneshakure, umushikiranganji ajejwe indero, Édouard Geffray, yasezeranye kwongereza mu gisata c'indero abigisha 3.000 bazofasha gusubirira ababa babuze mu mashure.
Ariko rero, imyiyerekano yarabandanije, mbere irushiriza gukomera.













