Ubufaransa: Abaharurwa muri mirongo bafashwe n'igipolisi mu gihe hatanguye imyiyerekano mu gihugu cose

Ahavuye isanamu, Getty Images
I Paris, igipolisi cataye muri yompi abantu baharurwa muri mirongo ku wa gatandatu mu gitondo, mu gihe abapolisi n'abari mu myiyerekano bagiye batana mu mitwe mu bice bitandukanye vy'Ubufaransa.
Amasanamu ariko arahanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro yerekana abantu bariko batera ibintu vyaka bigafumbura n'umwotsi mwinshi w'amabara ku murwa mukuru Paris, mu gihe ayafatiwe i Marseille na yo asa n'ayerekana igipolisi kiriko gitera vya vyuka bikoroza amasozi.
Vyitezwe ko abantu baharurwa mu bihumbi mirongo bihereza amabarabara, mu gihe amasendika y'abakozi, abanyeshure hamwe n'abitwa "Gilets jaunes" bifatanije n'abari mu myiyerekano mu kwiyamiriza iduga ry'ibiciro vy'igitoro, ivy'ivya nkenerwa mu buzima bwa misi yose, hamwe n'ugutituka kw'ibikorwa vya reta n'amashure.
Umwe mu banyeshure yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Ni uguhuriza hamwe ibisabo vyose n'abantu bo mu mice itandukanye y'ikibano."
Umurwi w'aba "Gilets jaunes", uri mu yiriko iratunganya imyiyerekano y'uno musi. Mu 2018, warigeze kumara umwaka urenga wiyamiriza iduga ry'ibiciro n'ubuzima buzimvye.
Urubuga rw'uwo murwi rwerekana ko hateguwe imyiyerekano amajana n'amajana mu gihugu cose uno musi, kandi rugasaba abarimyi, abakozi, abaharanira ibidukikije hamwe n'abageze mu zabukuru kuyishigikira.
Iyi myiyerekano mishasha ibaye inyuma y'amayinga abanyeshure baguma bihereza amabarabara, basaba ko ivyigwa n'uburyo bwo kwigisha bitunganywa neza bigahabwa akanovera kuruta. Hagiye hibonekeza rimwe rimwe ugutana mu mitwe hagati y'abo n'abapolisi, hakaba n'umudugararo udasanzwe.
Mu ntango z'uku kwezi, umuhungu w'imyaka 15 yarakomeretse bikomeye ku buryo ukuboko kwiwe kwacitse kubera uguturika.
Kuva imyiyerekano y'abanyeshure itanguye mu mpera z'ukwezi guheze, abantu baharurwa mu bihumbi amajana n'amajana, ni bo bamaze kuyitaba hose mu Bufaransa.
Abayitunganya basaba ko reta yongereza amahera yo guteza imbere amashure. Banegura ibura ry'abigisha n'abandi bakozi, ubwinshi bw'abanyeshure mu birasi hamwe n'inyubakwa z'amashure zononekaye.
Abanyeshure baratambitse ku bwinjiriro bw'amashure ibintu bibuza abantu kurengana mu gihugu cose, bituma amajana y'ayo mashure yugara. Gushika ubu, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko biteguriye guhesha.
Imbere y'imyiyerekano y'uno musi, Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yasavye ko haba "ituze". Yavuze ko ashigikiye uburenganzira bw'abantu bwo kugira imyiyerekano, ariko yongera asaba abari muri yo kwubaha abantu n'amatungo.
Mu ntango z'iyi ndwi, umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Sébastien Lecornu, yidoze avuga ko iyo myiyerekano itakimeze nk'iy'abanyeshure, ahubwo ko yahindutse umudugararo n'umudurumbanyo vyo mu gisagara.














