Burundi – Rwanda: Imigenderanire y'ubucuruzi yoba yarabandanije n'ubwo imbibe zugaye?

Ibubamfu, Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi, iburyo ni Perezida Paul Kagame w'Urwanda.
Insiguro y'isanamu, Ibiharuro biherutse gusohorwa n'ikigo NISR, ni ivyo mu gice ca kabiri c'umwaka wa 2026
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ikigo c'igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro mu Rwanda (NISR) giherutse gushira ahabona ibiharuro vyerekana ko mu Burundi habandanya kwinjira ibicuruzwa biva canke bihingurirwa mu Rwanda.

Ni mu gihe, kuva mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2024, imbibe zo hasi ibihugu vyompi bihana zugaye. Uburundi ni bwo bwugaye izo mbibe, aho bwagirije Urwanda guha indaro umuhari Red-Tabara Urwanya ubutegetsi bwa Gitega bukanawagiriza "gutikiza inganda" mu ntureka zo mu 2015. Uburundi bwasiguye kandi ko Urwanda rwabandanije kuronsa uwo muhari "inyigisho z'iterabwoba n'ubwicanyi".

Abandi Uburundi buvuga ko bahawe indaro n'Urwanda, ni abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Ibiharuro biherutse gusohorwa n'ikigo NISR, ni ivyo mu gice ca kabiri c'umwaka wa 2026. Ni ukuvuga ukwezi kwa kane, ukwa gatanu, n'ukwa gatandatu.

Vyerekana ko ibidandazwa vyinjiye mu Burundi bivuye mu Rwanda muri ico kiringo bifise agaciro ka miliyoni 13,39 z'amadolari ya Amerika. Iki giharuro gituma Uburundi buza mu kibanza c'indwi mu bihugu vya mbere Urwanda rushoreramwo ibicuruzwa vya rwo.

Igihugu kiza kw'isonga mu vyo Urwanda rushoreramwo ni Ubushinwa. Agaciro k'ivyo rurungikayo kangana na miliyoni 142,38 z'amadolari. Ikiza ubwa kabiri ni Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu: miliyoni 107, 96 z'amadolari ya Amerika. Ica gatatu ni Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC): 89,51. Igihugu kiza ubwa kane ni Netherlands: 26,50. Ica gatanu ni Reta Zunze Ubumwe za Amerika : 24,22. Igihugu kiza ubwa gatandatu ni Ubwongereza: miliyoni 14 z'amadolari.

Mu bicuruzwa Urwanda rushorera mu mahanga, harimwo ibintu bitandukanye rwihingurira hadasizwe inyuma ibinyobwa vyambiye n'ibitambiye, isima, icayi, agahawa, ubutare n'ibindi.

Icegeranyo ca NISR ntaco kivuga ku vyoba vyinjira mu Rwanda bivuye mu Burundi. BBC Gahuzamiryango yagerageje no kubirondera, ariko ntavyo irabona.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inzira y'ukuri ibicuruzwa biva mu Rwanda bicamwo kugira bishike mu Burundi ntizwi. N'ivyoba vyinjira mu Rwanda bivuye mu Burundi, ntawuzi neza inzira bishobora kuba bicamwo. Ariko hari abibaza ko impande zompi zoba zigerageza gukwepa imipaka yugaye zigacisha ibicuruzwa vyazo mu bindi bihugu bifise imbibe bihana na buri ruhande zuguruye, nko muri Tanzaniya.

Ivyo bibaye ari vyo, vyoca bisigura ko ivyo bicuruzwa bifata urugendo rurerure gusumba urwo vyafata imbere y'iyugarwa ry'imipaka. Bica bituma ivyo bicuruzwa bishika mu Burundi canke mu Rwanda bizimvye cane.

Iyugarwa ry'imipaka hagati y'Uburundi n'Urwanda ryabaye mu 2024, si irya mbere. Uburundi bwatanguye kuyugara mu 2015 igihe haba igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Pierre Nkurunziza yari arongoye Uburundi ico gihe. Uburundi bwagirije Urwanda ko ari rwo rwari inyuma y'ivyabaye kandi ko rwaciye ruha indaro abasirikare bashaka guhirika ubutegetsi.

Igihe Evariste Ndayishimiye, Perezida aramutswa Uburundi muri iki gihe, yashika ku butegetsi mu 2020, harabaye utwigoro two kunagura imigenderanire. Imbibe zahavuye zugururwa inyuma y'imyaka indwi mu kwezi kw'icumi mu 2022, ivyasa n'ibigaragaza ko habonetse agahengwe mu migenderanire hagati y'Urwanda n'Uburundi.

Yamara, mu 2024, ibintu vyahavuye bisubira i buti. N'ubu rero, imipaka iracugaye kandi ibihugu vyompi bikomeza guterana amajambo.