Kubera iki umugambi w'u Rwanda wo kwakira Formula 1 ubandanya gutera impari?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Isiganwa ry'imiduga rya Formula 1(F1) rigiye gusubira kubera muri Afrika ku ncuro ya mbere inyuma y'imyaka mirongo, inyuma y'aho u Rwanda rwumvikaniye n'abaritegura ku masezerano yo kuryakira imyaka 10.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amahiganwa y'imiduga (FIA) rivuga ko ryipfuza ko iryo siganwa rizosiga ivyiza birama muri Afrika.
Iryo higanwa rizokwitwa African Grand Prix, rizobera ku kibuga gishasha kizokwubakwa ku bw'iyo ntumbero mu karere ka Bugesera, ku bilometero nka 40 mu bumanuko bw'umurwa mukuru Kigali. Bitegekanijwe ko rizotangura mu ntango z'imyaka ya 2030.
Ku mukuru w'igihugu c'u Rwanda, Paul Kagame, intumbero ni ugucira inzira ibindi bihugu vya Afrika kugira na vyo bishobore kwakira amahiganwa ya F1.
Ariko rero, uwo mugambi umaze kunegurwa n'abatari bake, bamwe bagiriza Urwanda gukoresha inkino mu kwiha isura nziza mu makungu, mu gihe hakiri ibibazo ku bijanye n'ukwubahiriza agateka ka zina muntu muri ico gihugu kiri muri Afrika y'ubuseruko.
Kubera iki iyi nkuru ihambaye?
Afrika ntiyari bwakire ihiganwa ry'imiduga rya Formula 1 kuva mu 1993. Mu myaka iheze, abasaba ko iryo higanwa risubira kubera kuri uwo mugabane bagiye barongerekana, harimwo na Lewis Hamilton, amaze gutwara igikombe c'isi incuro indwi, akaba ari umwe mu bari kw'isonga mu gusaba ko risubira muri Afrika.
Maroc ni co gihugu ca mbere co muri Afrika cakiriye ihiganwa rya Grand Prix mu 1958. Mu nyuma, Afrika y'Epfo yarakiriye amahiganwa 23 hagati y'umwaka wa 1962 n'uwa 1993.
Umukuru w'igihugu c'Urwanda, Paul Kagame, yavuze ko ari ''iteka n'akaryo kadasanzwe'' kuba Urwanda ari rwo rwatowe kugira rwakire iryo higanwa rigarutse muri Afrika.
Yongeyeko ati: ''Aya masezerano yari akwiye kuba yarashitsweko kuva kera, ariko ni intambwe ihambaye n'intsinzi ku mugabane wose wa Afrika, na canecane ku bakunzi b'aya mahiganwa bo muri Afrika.''
Afrika y'Epfo na yo yari imaze igihe yipfuza kwakira ihiganwa rya F1, kandi umushikiranganji wayo ajejwe inkino, Gayton McKenzie, aracabona ko igihugu ciwe kizoshobora kuryakira nk'uko Urwanda rugiye kubikora.
Mu butumwa yashize ku rubuga X, yavuze ati: ''Urwanda rumaze igihe kinini kurusha Afrika y'Epfo rukora kugira rushike kuri ivyo, kandi rurabikwiye.''
Yongeyeko ati: ''Ariko mwibuke ko igihugu kimwe, Ubutaliyano, camaze kwakira amahiganwa abiri ya Formula 1 mu mwaka umwe, mugabo hari abavyifatamwo nk'aho umugabane wose ugizwe n'ibihugu 54 woshobora kwakira ihiganwa rimwe gusa. Afrika y'Epfo izokwakira Formula 1, mbere n'imbere y'umwaka wa 2030.''
Ni ibiki bitarafatirwa ingingo?

Ahavuye isanamu, Formula 1
Umwaka nyawo ihiganwa rya mbere rya African Grand Prix rizoberako mu myaka ya 2030, hamwe n'igihe rizoshirwa ku rutonde rw'amasiganwa ya Formula 1, ntibiratangazwa.
Abategura Formula 1 bashobora kuzokwirinda ko iryo higanwa ribera mu Rwanda mu kiringo c'imvura nyinshi, kuva muri Ntwarante/Werurwe(ukwa 3) gushika muri Rusama/Gicurasi(ukwa 5). Hariho kandi ikindi kiringo kigufi c'imvura, kuva muri Gitugutu/Ukwakira(ukwa 10) gushika muri Munyonyo/Ugushyingo(ukwa 11), ariko imvura yaho ntikunda kuba nyinshi cane.
Formula 1 yariyemeje ko amahiganwa azobera mu mwaka umwe atazorenga 24.
Alex Wurz, yahoze ari mw'ihiganwa rya Formula 1, azogira uruhara mu gutegura inzira y'iryo higanwa.
Bitegekanijwe ko ibarabara rizokwubakwa hisunzwe imisozi n'imirambi y'u Rwanda, kugira ngo imiduga ishobore kuhaca uko hateye harimwo ahaduga n'ahamanuka, ku bukiruruke bw'imetero hafi 200, ivyo bikazoba ari ikigeragezo ku bazoba batwara iyo miduga.
Mbega iryo higanwa ryotuma Abanyafrika barushiriza kwitabira Formula 1?
Jody Scheckter ni we Munyafrika wenyene amaze gutahukana igikombe c'isi ca Formula 1 mu batwara imiduga, akaba yagitwaye mu 1979 atwara umuduga wa Ferrari.
Mu kiganiro Newsday ca BBC World Service, uwo Munyafrika y'Epfo yavuze ko bisigaye bizimvye cane kwinjira muri ayo mahiganwa, igihe yabazwa nimba ihiganwa rizobera mu Rwanda ryoshobora kwugururira imiryango abandi batwara imiduga bo muri Afrika.
Yavuze ati: ''Bisaba amahera menshi cane kugira ngo umuntu yinjire muri aya mahiganwa. Jewe ngitangura, ni jewe niyubakira imiduga yanje. Ubu ivyo ntibigishoboka.''
Uwundi, Axcil Jefferies, yahora yitabira amahiganwa ya Formula 2, avuga ko gushika ubu Abanyafrika bipfuza gukora umwuga wo gusiganwa n'imiduga babwirizwa kuja kuronderera amahirwe mu mahanga.
Ariko uwo Munyazimbabwe yizera ko ivyo bishobora guhinduka.
Yavuze ati: ''Kuba Formula 1 igiye kuza muri Afrika bizotuma abantu bose babona ko amahiganwa y'imiduga ari urwego rukomeye rw'ubutunzi.''
Yongeyeko ati: ''Ivyo vyose bizohimiriza urwaruka kwinjira muri uru rwego, haba mu gukora nk'abahinga mu vy'ubuhinga, abatwara imiduga canke abajejwe gutunganya ibikorwa vy'imigwi.''
Kriya Gangiah, umumenyeshamakuru wo muri Afrika y'Epfo ashikiriza ikiganiro ca SuperSport citwa F1 Extra Africa Trackside, na we yizigiye ko iryo higanwa rizotuma igitigiri c'abakenyezi bakunda Formula 1 hamwe n'abitabira ayo mahiganwa muri Afrika kirushiriza kwiyongera.
Yavuze ati: ''Uko urushiriza kubona ikintu kandi kikaba kiri mu buzima bwawe bwa misi yose, ni ko urushiriza kugikunda no kucitaho.''
Yongeyeko ati: ''Iyo ugeze mu bibanza imigwi y'amasiganwa ikoreramwo muri Afrika y'Epfo, urabona ko igitigiri c'abakenyezi binjira muri ayo masiganwa kiriko kiriyongera, kandi ko bariko baritwara neza cane. Hari abakobwa benshi bariko barahiganwa n'abagabo ata co babasumvya.''
Kubera iki ayo masezerano akibandanya gutera impari?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urwanda rumaze igihe ruregwa gukoresha inkino mu kunagura isura yarwo mu makungu, mu gutegura no kwakira inkino n'amahiganwa akomeye.
Kuronka uburenganzira bwo kwakira ihiganwa rya Formula 1 biri mu mugambi munini w'ico gihugu wo guteza imbere ub ukerarugendo, gukwegakwega abagwizatunga bo mu makungu, guteza imbere urwego rw'ibikorwa vya serivisi n'ivyo kwinezereza.
Kuva mu 2021, Urwanda rumaze kwakira amahiganwa ya nyuma ya Basketball Africa League buri mwaka, kiretse umwaka umwe. Mu mwaka uheze, rwarakiriye kandi ihiganwa ry'isi ry'amakinga ribera mu mabarabara, bikaba vyari ubwa mbere iryo higanwa ribera muri Afrika.
Urwego Visit Rwanda rwaragiraniye amasezerano yo gufasha canke gukorana n'imigwi y'umupira w'amaguru nka Arsenal, Bayern Munich na Paris Saint-Germain.
Ariko amasezerano yo kwamamaza Visit Rwanda ku maboko y'imipira y'abakinyi ba Arsenal yarangiye muri uyu mwaka, inyuma y'aho aneguriwe n'imigwi y'abakunzi b'uwo mugwi.
Naho biri uko, Visit Rwanda yaciye ikorana na Aston Villa nawo nyene ukina mu cicaro ca mbere mu Bwongereza, icandiko ca Visit Rwanda ubu kikaba canditse gicafye imbere ku dupira tw'uwo mugwi .
Hagati aho, igihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo kibanyi c'u Rwanda, caritwariye u Rwanda muri Sentare Mpuzamakungu y'Ubutungane (CIJ), kirwagiriza kurenga ku masezerano mpuzamakungu atandukanye, ajanye no gukinga ihonyabwoko, kurwanya ivangura rifatiye ku bwoko, kwubahiriza agateka k'abakenyezi no gukinga uguhohotera abantu.
Ishirahamwe Human Rights Watch ryari ryaravuze ko uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro hamwe n'ubwigenge mu vya politike biriko biragabanuka mu Rwanda.
Felix Jakens, umukuru ajejwe amatohoza mw'ishirahamwe Amnesty International mu Bwongereza, yavuze ati:
''Urwanda ruriko rurashira amahera mu nkino zikomeye kuruta izindi kw'isi kugira ngo runagure isura yarwo, rwongere rukure ivyiyumviro vy'abantu ku bibazo bikomeye ruregwa mu bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu.''
Yongeyeko ati: ''Ihiganwa rya Grand Prix rizomara imyaka 10 ryamamazwa na Visit Rwanda ni akaryo gahambaye ku bategetsi b'Urwanda ko gukoresha inkino mu kunagura isura yabo.''
Ariko Reta y'Urwanda irahakana ivyo birego.
Irene Murerwa, umuyobozi mukuru ajejwe ubukerarugendo mu Rwanda, yari yabwiye BBC Sport Africa ko ivyo birego ari uburyo bwo ''gukura ivyiyumviro vy'abantu ku bikorwa vyiza cane n'intambwe ihambaye igihugu kimaze gushikako''.
Muri Kigarama(12) 2024, yavuze ati: ''Ivyiza biva muri ivyo bikorwa bishikira Umunyarwanda wese. Kwakira ihiganwa rya Formula 1 yoba ari iyindi ntambwe mu rugendo rwacu rwo gutuma Urwanda ruba igihugu gikwegakwega abantu bo hirya no hino kw'isi.''
Formula 1 yo ivuga iki?
Abategura amahiganwa ya Formula 1 barazi neza ibibazo bijanye n'ivyo gukoresha inkino mu kunagura isura y'igihugu mu makungu. Ibihugu bitari bike vyakira ayo mahiganwa biragirizwa gukoresha ubwo buryo, harimwo na Arabiya Saudite.
Mu mategeko ngenderwako ya Formula 1, iryo shirahamwe ryiyemeje ''kwubahiriza agateka ka zina muntu ryemewe ku rwego mpuzamakungu mu bikorwa vyaryo hirya no hino kw'isi''.
Ayo mategeko ashimika kandi ku kamaro ko gutahura no gukurikiranira hafi ingaruka ibikorwa vyaryo bishobora kugira ku gateka ka zina muntu, hamwe no kuganira n'abafise uruhara muri ivyo bikorwa.
Mw'itangazo ryashizwe ahabona rijanye n'uko Urwanda rugiye kwakira iryo higanwa, Formula 1 yavuze iti:
''Turafise akaryo ko gukundisha Formula 1 abantu imiliyoni 100 muri Afrika no kubereka igishika kiri muri ayo mahiganwa. Inkino zirashobora kuba uburyo bwo kuzana impinduka nziza.''
Ariko rero, iryo shirahamwe ryarakunzwe kunegurwa n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.
Felix Jakens wo mw'ishirahamwe Amnesty International avuga ko ivyo Formula 1 ishikiriza ari amajambo ata co avuze.
Yagize ati: ''Formula 1 yari ikwiye gukoresha ububasha n'ijambo ifise ku bategetsi b'u Rwanda kugira ngo ibasabe guhindura ibintu, aho gukoresha izina ryayo mu bikorwa bigamije kunagura isura y'ubwo butegetsi.''
Igihe Urwanda rwariko rurahiganirwa kwakira iryo higanwa, umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amahiganwa y'imiduga (FIA), Mohammed Ben Sulayem, yarabajijwe na BBC Sport Africa ku birego vy'uko u Rwanda ruriko rurakoresha inkino mu kunagura isura yarwo.
Yishuye ati: ''Iyo abantu batashoboye kuronka ivyo bipfuza, baca bama bagiriza abandi gukoresha inkino mu kunagura isura yabo.''
Yongeyeko ati: ''Mvugishije ukuri, ivyo bavuga nta co bimbwiye.''






