Ibintu bitanu ushobora kuba utazi kuri Erling Haaland, umukinyi yafashije Norvège kwandika amateka mu Gikombe c'Isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Norvège yaheruka mu nkino z'igikombe c'isi mu 1998. Ico gihe Erling Haaland ntiyari bwavuke.
Ariko uno musi, uwo murwi wo mu buraruko bwa Buraya, urongowe n'uwo musatirizi w'imyaka 25, wararonse itike yo gushika muri kimwe ca kane c'ihiganwa ry'Igikombe c'Isi rya 2026 inyuma yo gukuramwo Brésil - igihugu kimaze gutwara ico gikombe incuro zitanu -, intsinzi ukesha ibitsindo bibiri vya Haaland.
Uwo mukinyi w'uburebure bwa metero 1,94, yitwa kandi "Android". Ubu, ariko arahiganirwa agashimwe k'umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa. Afise ibitsindo indwi, bingana n'ivyo Lionel Messi wa Argentine na Kylian Mbappé w'Ubufaransa bafise.
Ariko aratwenga, Haaland yavuze, mu misi iheze, inyuma yo kwinjiza ibitsindo bibiri mu rukino rwahuje Norvège na Sénégal, ati: "Sinzi, nibaza ko kwinjiza ibitsindo ari wo mwuga wanje... uko ni ko biri."
Ni ubwa mbere Norvège yanditse amateka yo gushika muri kimwe ca kane c'Igikombe c'Isi. Ariko ishobora gukora ibidasanzwe hamwe yotsinda Ubwongereza ku wa gatandatu gurtyo igaca ishika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Kandi nk'uko vyagiye bigenda, Norvège izobandanya ishira ivyizigiro ahanini kuri Haaland.
Ngibi ibintu bitanu ushobora kuba utari uzi kuri uwo mukinyi.
1. Yavukiye mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Erling Haaland yavutse mu mwaka wa 2000 mu gisagara ca Leeds mu Bwongereza. Se wiwe, Alf-Inge Haaland, yari Umunya Norvège yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Norvège wanitavye inkino z'igikombe c'isi mu 1994 zabereye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kandi ico gihe yakinira umurwi Leeds United F.C wo mu Bwongereza.
Yamara Haaland amaze imyaka ine gusa, umuryango wiwe waciye usubira iwabo mu gisagara ca Bryne, mu bumanuko bwa Norvège. Ni ho yatanguriye gukina umupira w'amaguru hamwe n'izindi nkino nko gusimba no gutwara ipikipiki y'amapine abiri. Yari akiri muto.
Umumenyereza Alf Ingve Berntsen yabwiye Goal ati: "Nkibona Erling ubwa mbere, yari afise imyaka itanu. Yari aje mu myimenyerezo yabera mu nzu ari kumwe n'abana bamurusha umwaka umwe."
Yongeyeko ati: "Ubwa mbere yakoze ku mupira incuro zibiri gusa, ariko zose zavuyemwo ibitsindo. Kuva agitangura yaragaragaza ubuhinga budasanzwe, n'ubwo atari bwigere akinira uwo murwi."
Berntsen abandanya agira ati: "Yari mugufi gatoyi ugereranije n'abo bahiganwa kubera ko bamurusha umwaka. Ariko n'ubwo bamusumba, yabandanya yinjiza ibitsindo. Ageze ku myaka 11 canke 12, twari tumaze kubona ko azoshika kure. Twari tuzi ko afise ibisabwa vyose kugira abe umukinyi akomeye ku rwego mpuzamakungu mu rwaruka."
Ku myaka 15 gusa, Haaland yari asanzwe akinira umurwi wa mbere wa Bryne FK, umurwi wamaze igihe ugenda uraduga canke ukamanuka hagati y'icicaro ca mbere n'ica kabiri c'umupira w'amaguru muri Norvège.
Ariko ubuhinga bwiwe bwo kwinjiza ibitsindo bwaratumye asinya amasezerano na Molde FK, umurwi wari urongowe ico gihe n'uwahoze ari umusatirizi rurangiranwa Ole Gunnar Solskjær, umwe mu bantu bafashije cane Haaland gukura mu mwuga wiwe.
Igihe yakinira FC Red Bull Salzburg muri Autriche ni ho yatanguye kwamamara ku rwego mpuzamakungu, imbere yo kubandanya yigaragaza muri Borussia Dortmund yo mu Budagi.
Ubu ni umwe mu bakinyi badasanzwe kandi b'inkingi muri Manchester City F.C, umurwi wo mu Bwongereza.
2. Ni imashini yinjiza ibitsindo mu murwi nserukiragihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri iri higanwa ry'igikombe c'isi, Haaland ntiyikoreye gusa ivyizigiro vy'abanyagihugu bose ba Norvège, ahubwo anikoreye umutwaro w'abahoze ari abakinyi b'iki gihugu batashoboye gushika ku ndoto yabo yo gukina mu Gikombe c'Isi.
Uretse kwitabira Igikombe c'Isi incuro zibiri zikurikirana mu 1994 no mu 1998, Norvège imaze imyaka myinshi itaboneka mu mahiganwa akomeye mpuzamakungu. Ubwa nyuma yitabiriye ihiganwa rikomeye hari mu gikombe ca Euro co mu mwaka wa 2000.
Ariko ubu Norvège ifise inyenyeri yayo, umukinyi amaze kwamamara cane mu myaka ya vuba.
Mu murwi nserukiragihugu wiwe, uwo musatirizi wa Manchester City amaze kwinjiza igitsindo muri buri rukino rwose mu nkino 14 ziheruka yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Norvège, ivyatumye ashikana ibitsindo 27 muri ico kiringo.
Muri rusangi, amaze kwinjiza ibitsindo 62 mu nkino mpuzamakungu 54. Ni ukuvuga ko yinjiza igitsindo kimwe hafi buri minota 71.
3. Imfungurwa zidasanzwe za Haaland

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo atari mu kibuga, Haaland akunze gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu kwerekana ubuzima abayemwo, harimwo n'ingene yitwararika cane ivyo afungura.
Uwo musatirizi akiri muto afata hafi ama kalori 6.000 ku musi. Imfungurwa ziwe zigizwe n'ingaburo zidasanzwe za 'protéine', harimwo umutima n'igitigu vy'inka, ubuki budatetse n'amata.
Muri imwe mu mafoto yashize ahabona yavuze ati: "Nkora ibishoboka vyose kugira mbe umuntu mwiza kuruta uwo ndi uno musi."
Arafise kandi indero ikomeye mu buzima bwiwe bwa misi yose. Nk'akarorero, arazimya ibikoresho vyose vya 'électronique' muhira kandi akaryama nimiburiburi amasaha 10.
Ivyo si bishasha. Kuva akiri umukinyi wa Red Bull Salzburg muri Otirishi, abo bakinana baratangazwa n'ukuntu, n'aho yari akiri muto, yama yitwararika cane amagara yiwe n'ugutunganya ubuzima bwiwe.
Uwahoze akinana na we, Maximilian Wober, yabwiye DAZN ati: "Ni umukinyi w'umwuga wo ku rwego rwo hejuru. Igihe twe twaba turiko turakina amakarata mu rugendo, we yaba ariko arasoma inyandiko z'ubushakashatsi zisigura ingene yoryama neza canke yotunganya imfungurwa ziwe. Yama arondera utuntu duto duto yokwongereza kugira abandanye atera imbere."
4. Iteka ryo kwitwa Braut
Kubera yavukiye i Leeds mu Bwongereza, Haaland yari gushobora kuronka uburenganzira bwo gukinira Ubwongereza no gushika ku rugero rwo hejuru mu mupira w'amaguru i Buraya no kw'isi yose.
Ariko, ivyo ntivyigeze biba ihitamwo ryiwe.
Umunyamakuru w'inkino wo muri Norvège, Andreas Korssund, yabwiye BBC Sport ati: "N'ubwo Haaland ari inyenyeri izwi kw'isi yose, yagumye ari wa wundi. Arazi neza iyo akomoka kandi akunda gusubira kenshi mu gisagara gitoyi yakuriyemwo co muri Rogaland. Arishimira cane inkomoko yiwe kandi yama yiteguriye kuvugana n'ibinyamakuru vya Norvège igihe aba ariko araserukira igihugu ciwe."
Haaland yaranyuzwe cane n'amateka y'aba Vikings (ubwoko bw'abanya Norvège b'aho hambere bafatwa nk'abarwanyi bakomeye) kandi arishimira cane guserukira igihugu ciwe.
Ubwo bucuti yiyumvamwo ko afitaniye n'inkomoko yiwe, ni bwo bwatumye ashira izina ry'amamuko yiwe ku mugongo w'umwambaro wiwe w'umurwi nserukiragihugu: Braut Haaland.
Braut ni izina ry'umuryango wa nyina imbere y'uko arongorwa, kandi kurifatanya n'izina ry'umuryango wa se ni umugenzo usanzwe muri Norvège.
Korssund yagize ati: "Haaland afise ico asigura kinini cane kuri Norvège. Yabaye inyenyeri idasanzwe kandi yihariye mu rukino rukunzwe kuruta izindi zose kw'isi. Ku gihugu gifise abanyagihugu barenga gato imiliyoni 5,5 gusa, kugira umwe mu bakinyi beza kuruta abandi kw'isi ni ikintu gitangaje kandi c'iteka."
5. Inyifato itandukanye n'iy'abanya Norvège

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kubera uburebure bwiwe bwa metero 1,95 n'imishatsi miremire y'ibara rigomba gusa n'inzahabu, Haaland yabaye umwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bamenyekana cane kw'isi.
Inyifato yiwe yatanguye kumenyekana cane kuva ashitse muri Manchester City, kandi kamere yiwe yo gutwenza - rimwe rimwe mu buryo busa n'ubw'Abongereza -yatumye akundwa cane n'abakunzi b'umupira.
Konte yiwe ya YouTube, aho acisha amavidewo yerekana "umusi umwe mu buzima bwa Haaland," ikurikiranwa n'abarenga imiliyoni 1,6. Azogira uruhara kandi muri 'film' yitwa ViQueens, aho ijwi ryiwe rizokoreshwa mu gusubiramwo iry'umuntu wo mu bwoko bw'Aba Vikings, kandi ashobora kuzoba yitwa Haaland.
Umunyamakuru wo muri Norvège, Lars Sivertsen, yagize ati: "Niyumvira ko Erling, mu buryo bumwe, atameze nk'Umunya Norvège asanzwe. Arafise ukwiyemera kandi akunda gutebura mu buryo yisangije. Arazi agaciro kiwe, arazi ubushobozi afise kandi arifitiye icizere cane."
Yongeyeko ati: "Scandinavie igizwe n'ibihugu bishimikira cane ku kwicisha bugufi. Ariko Erling, nk'akarorero, ntiyotinya kwerekana ko atanezerewe aramutse asigaye ku ntebe y'abasubirira. Ni co gituma Abanya Norvège benshi bamubona nk'umuntu atandukanye gato n'abandi, kandi ivyo ni vyo bituma aba intwari idasanzwe kuri twebwe."
Kwamamara kwiwe gufatanye n'ibintu bisanzwe bijanye no kuba rurangiranwa: imyambaro yiwe y'umupira iragurwa cane, abantu barushiriza gukunda no gukurikirana Igikombe c'Isi, kandi urwaruka rwinshi rumufatirako akarorero.
Sivertsen agira ati: "Ubu ari ku rugero rw'ukwamamara rutandukanye cane n'urwo twari tumenyereye ku ntwari zacu z'inkino. Ariko iyo uravye igihugu cose, urabona ko Abanya Norvège batewe iteka n'ukubona umukinyi nk'uwo afise ingabirano idasanzwe n'ivyo amaze gushikako, aturuka mu gihugu iwacu."













