Kuki Ukraine iburira ko misire zo gutangira ibitero ziriko zirayiherana?

Umukozi ajejwe ivy’ubutabazi ariko aratabara umugabo yambaye agapira k'ibara ry'umucungwe amukura mu nyubakwa yasenyutse

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Sarah Rainsford
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv
    • Umwanditsi, Harry Sekulich
    • Umwanditsi, Harry Sekulich
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Igisirikare co mu kirere ca Ukraine kivuga ko ata n'imwe muri misire 23 zo mu bwoko bwa 'ballistique' zarashwe n'Uburusiya ku wa Mungu mw'ijoro cashoboye gukorora kubera ubukene bukomeye bwa misire zikoreshwa mu gutangira ibitero vyo mu kirere.

Abategetsi batangaje ko abantu 12 bishwe muri ico gitero gikomeye ca kabiri Uburusiya bugavye ku murwa mukuru Kyiv mu ndwi imwe gusa. Abandi batandatu bishwe mu bindi bice vy'akarere ka Kyiv.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yahamagariye ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO gufata ingingo zikomeye mu nama yavyo yo muri ino ndwi kugira bironse Ukraine uburyo bukomeye bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere.

Inyuma y'ivyo bitero, Zelensky yavuze ko igisirikare ca Ukraine cashoboye gukorora misire zo mu bwoko bwa 'cruise' hamwe n'ama 'drones', ariko ko kitashoboye gukorora misire zo mu bwoko bwa 'ballistique'.

Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko igitero gikomeye cane c'Uburusiya co ku wa Mungu cari kigizwe na misire 68 hamwe na 'drones' 351 z'ubwiyahuzi. Ivyo yabitangaje mu butumwa yashize ku rubuga X.

Zelensky yaburiye ko Uburusiya buzobandanya gutera inyubakwa z'abasivire, igihe cose misire zo kwikingira zo mu bwoko bwa 'Patriot' zizoba zikiri mu bubiko bw'ibihugu bifasha Ukraine.

Ryabaye irindi joro riteye ubwoba ku banyagihugu bo ku murwa mukuru, aho humvikanye ibiturika bikomeye n'urwamwo rw'ama misire yo kwikingira ya Ukraine yariko aburizamwo ivyo bitero.

Nk'uko bisanzwe bigenda iyo habaye ibitero, abanyagihugu benshi bongeye guhungira mu bibanza vyubakiwe munsi y'ubutaka kugira bikingire.

Mu gitondo co ku wa mbere, vyagaragara ko ibice vyinshi vy'igisagara vyononekaye cane. Igorofa nini zitatu zigizwe n'amazu y'uburaro zasenyutse igice kimwe, kandi zimwe muri zo zagemwe na misire ata kindi zibanje kugwako.

Abatabazi babandanije bagerageza gushikira abantu baheze munsi y'ibisigarira vy'izo nyubakwa zasenyutse.

Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaly Klitschko, yavuze ko ivyo bitero vyatumberejwe ku nyubakwa zitandukanye mu gisagara cose, yongerako ko n'umuriro wadutse mu nyubakwa zimwe zimwe z'amazu y'uburaro.

Yavuze kandi ko imangazini n'inyubakwa isanurirwamwo imiduga na vyo nyene vyononekaye.

Kajugujugu zaraye zizunguruka mu kirere, zivoma amazi mu ruzi kugira zifashe kuzimya umuriro wadutse mu gisagara.

Umugabo yakomeretse yifutse uburengetsi bw'ibara ry'ubururu impande y'inzu yononekaye

Ahavuye isanamu, EPA

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umutegetsi mukuru ajejwe intwaro ya gisirikare mu gisagara ca Kyiv, Timur Tkachenko, yavuze ko abantu 49 bakomeretse ku murwa mukuru, mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky yatangaje ko mu karere gakikuje Kyiv hose hamaze kwandikwa abandi 16 bakomeretse.

Igisirikare co mu kirere ca Ukraine cavuze ko iki gitero ca vuba c'Uburusiya cahagaritswe n'indege z'igisirikare zifadikanije n'imirwi y'abasirikare bajejwe gukorora misire. Ico gisirikare kibandanya kivuga ko hakoreshejwe kandi ubuhinga bwa none buzwi nka 'electronic warfare' hamwe n'imirwi y'abasirikare ba Ukraine bakoresha indege zitajamwo abadereva.

Amakuru yegeranijwe avuga ko gushika isaha zibiri n'igice z'igitondo zo muri Ukraine, misire 37 hamwe na 'drones' 326 zari zimaze gukororwa canke guhagarikwa kugira ntizishike aho zari zitumberejwe.

Amasaha makeyi imbere y'ivyo bitero vya vuba, Perezida Volodymyr Zelensky yari yaburiye ko Uburusiya buriko burategura ikindi gitero gikomeye cane ku murwa mukuru Kyiv, inyuma y'ibitero vyabwo vyo ku wa kane vyahitanye abantu 30.

Ivyo bitero vyo mw'ijoro ryo ku wa kane vyakoreshejwemwo ama 'drones' na misire vyatumye abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungira mu bibanza vyo munsi y'ubutaka mu gihe inzamba zo kugabisha zariko zirasamirana.

Ukraine yagirije Uburusiya ko bwagavye n'ibigirankana ibitero ku bibanza bibamwo abasivire. Ivyo bitero vyahitanye n'imiburiburi abantu 30.

Ku ruhande rwabwo, Uburusiya bwavuze ko ivyo bitero bwabitumbereje ku birindiro vya gisirikare n'ibikorwaremezo vy'amasoko ntanganguvu, mu kwihora ku bitero Ukraine iherutse kugaba ku mahinguriro y'umuyagankuba n'ibindi bikorwa vy'amasoko ntanganguvu ku butaka bw'Uburusiya.

Ukraine na yo nyene yarabandanije kugaba ibitero vya 'drones' ku bikorwa bihambaye vy'amasoko ntanganguvu vy'Uburusiya, ivyo bikaba vyatumye umuyagankuba uhagarara igihe gito mu gisagara ca Sevastopol, kiri muri Crimée igenzurwa n'Uburusiya.

Uretse ivyo bitero kuri Crimée, n'ibivuko vy'igitoro vya Vyssotsk na Ust-Luga, biri mu buraruko no mu burengero bw'igisagara ca St Petersburg, na vyo nyene vyarasubiriye guterwa.

Kyiv yarongereje ibitero ku bibanza biri muri Crimée, ishaka guhatira ubutegetsi bwa Kremlin kwemera ibiganiro vy'amahoro.

Ariko gushika ubu, Uburusiya bwahisemwo kwongeraza ibitero vyabwo vyica abantu benshi ku murwa mukuru Kyiv.

Amakuru atandukanye avuga ko Zelensky azohura na Perezida wa Amerika Donald Trump hambavu y'inama y'ibihugu bigize OTAN/NATO izotangura ku wa kabiri i Ankara, muri Turukiya.

Mu butumwa yashize ku rubuga X ku wa mbere, Zelensky yavuze ko ari ngirakamaro cane ko Amerika hamwe n'ibihugu vya Buraya bishigikiye Ukraine baza muri iyo nama bafise ingingo zikomeye zo kuronsa Ukraine ibikoresho bikomeye kugira ikingire ubuzima bw'abanyagihugu basanzwe.

Yagize ati:

"Amerika n'Uburaya bifise ubushobozi buhagije bwo guhagarika ibi bitero vy'iterabwoba."

Umukuru w'akanama k'Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, yavuze ko ikibazo c'uko Ukraine ikeneye vyihutirwa uburyo bwinshi bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere kizokwihwezwa muri iyo nama.

Uburusiya bwatanguye igitero ku gihugu cose ca Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, kandi ubu bugenzura hafi kimwe ca gatanu (1/5) c'ubutaka bwa Ukraine.