Macky Sall yahoze arongoye Sénégal yasokoye mw'ihiganwa ryo kurondera ubunyamabanga bwa ONU

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw'itangazo yashize ahabona ku wa gatandatu i Marrakesh, muri Maroc, Macky Sall yavuze ko yafashe iyo ngingo inyuma y'itora ritari iry'icese ryabaye mu kanama ka ONU kajejwe umutekano ku wa 16 Gitugutu (10), hamwe n'ibiganiro yagiranye n'abakuru b'ibihugu babiri bari mu bari bashigikiye kandidatire yiwe: uw'Uburundi, Évariste Ndayishimiye, n'uwa Sénégal, Bassirou Diomaye Faye.
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, asanzwe arongoye ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (UA) muri kino gihe, ni we yari yatanze izina rya Macky Sall muri ONU.
Macky Sall avuga ko yafashe iyo ngingo abitumwe n'umutima wo kwihweza ikibereye, kugira afashe mu gutuma haboneka umukandida ashigikiwe n'impande nyinshi.
Avuga ko itora ritari iry'icese, rikaba n'iry'igerageza, ryabaye mu kanama kajejwe umutekano ka ONU ryerekanye ko ibihugu vyinshi bishigikiye ko ikibanza c'umunyamabanga mukuru wa ONU cohabwa umukandida aturuka mu burere bwa Amerika y'Epfo na Karayibe.
Yagize ati: "Ivyavuye mu matora atandukanye y'igerageza vyerekana ko hari ugushigikira umukandida akomoka mu karere ka Amerika y'Epfo n'aka Karayibe, kandi ashobora no kuba umugore."
Macky Sall yongeye kwemeza ko aguma ashigikiye amahoro, umutekano, iterambere n'ibiganiro hagati y'ibihugu.
Yasavye kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU risubirwamwo mu buryo bwimbitse, ku buryo Afrika ironka uruhara runini mu gufata ingingo zigenga isi.
Ati: "Afrika, iri mu ngorane z'amahoro, umutekano n'iterambere, ikwiye kubandanya ishikiriza ijwi ryayo no gukora ibishoboka vyose kugira ngo ironke ikibanza kiyikwiriye mu gufata ingingo zigenga isi."












