Kinshasa yabujije abakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu kuvugana na Ambassade y'Ububirigi

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo vyafashe ingingo ibuza umuntu wese akora muri ivyo biro kuvugana canke kugirana imigenderanire na Ambassade y'Ububirigi y'i Kinshasa.
Urwandiko rwo kw'igenekerezo rya 15 Gitugutu (10) rwashizweko umukono na Anthony Nkinzo Kamole, umuyobozi mwishikira mu biro vya Perezida Félix Tshisekedi, ruvuga ko kuva umusi rusohokeye abakozi bose bo mu biro vy'umukuru w'igihugu basabwe "kwirinda, gushika hasohotse iyindi ngingo, ukuvugana ukwo ari kwo kwose haba mu buryo buziguye canke butaziguye" n'iyo Ambassade y'Ububirigi.
Iyo ngingo isa n'iyatangaje Ububirigi. Nk'uko iradiyo y'Abafaransa RFI ivyandika ku rubuga rwayo, ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'ico gihugu buvuga ko ata mvo n'imwe ihari yosigura ukubuza abantu kuvugana canke kugira ico babaza muri Ambassade, bukamenyesha ko "bwatangaye".
Urwo rwandiko ntirutomora imvo zatumye hafatwa iyo ngingo.
Ariko rwasohotse inyuma y'umusi umwe gusa habaye ibikorwa vyo gusaka mu mihana y'abo mu muryango wa Perezida Tshisekedi, vyakozwe na parake yo ku rwego rw'igihugu mu Bubirigi.
Iyo Parake yasiguye ko vyari bifitaniye isano n'ibirego biherutse gutangwa ku bikekwa ko hoba harabaye "ukweza amafaranga y'inkomoko mbi" n'igikekwa ko hoba harabaye "ukwirundanirizako amatungo mu buryo buteye kubiri n'amategeko", vyoba vyakozwe n'abo baryango ba Perezida wa RDC.
Muri ivyo birego vyatanzwe muri Ndamukiza (4) umwaka wa 2025 n'ihuriro ryitwa DESC/RDC, rihurikiyemwo amashirahamwe aharanira uburenganzira mu vy'ubutunzi muri RDC, abo baryango ba Tshisekedi bikekwa kuba baranyonoye ubutare bongera bigarurira ibirombwe vyo mu ntara ya Katanga.
Nk'uko biri muri urwo rwandiko rwo mu biro vya Perezida wa RDC, abakozi bamenyeshwa ko hamwe vyoshika hakaba uwukenera mu buryo bukomeye kandi busiguritse iyo Ambassade, intambwe yose canke ukuvugana n'iyo ambassade ukwo ari kwo kwose, bitegerezwa gutangirwa uruhusha n'ubushikiranganji bw'imigenderanire.
Rushimangira ko ata n'iyindi nzira n'imwe umuntu ashobora gucamwo atari ubwo bushikiranganji nyene, kandi ko bitegerezwa kwisunga amategeko n'imigenzo bigenda imigenderanire.
Ruvuga ko uwuzobirengako "azohanwa vy'akarorero".
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ububirigi buvuga ko ata kundi bwobigenza uretse kwemera iyo ngingo, ariko bukemeza ko ibabaje.












