Robert Kabera: Human Rights Watch isaba Uganda gukora itohoza ryimbitse ku rupfu rwiwe

Ifoto ya Sergeant Robert Kabera yari yashizwe iruhande y’isandugu yiwe igihe c’amaziko yabaye ku wa 21 Gitugutu(10) 2026, i Kammengo muri Uganda.
Insiguro y'isanamu, Robert Kabera yari asigaye azwi cane mu biganiro yacisha kuri shene yiwe yo kuri YouTube, aho yanenga ubutegetsi bw'Urwanda
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), risaba abategetsi ba Uganda kugira itohoza ryihuta, ryimbitse kandi ryizewe kw'igandagurwa "bunyamaswa" rya Sergeant Robert Kabera yahoze mu ngabo z'Urwanda (RDF) akaba n'umuririmvyi yamenyekanye cane mu murwi w'umuziki w'izo ngabo nyene.

Ikiziga ca Kabera – yaba mu buhungiro muri Uganda kuva muri 2020 – catowe mw'ishamba ku wa 17 Gitugutu (10) 2026, kitagira umutwe, mu karere ka Kammengo kari nko ku birometero 45 mu bumanuko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Kampala.

Abo mu muryango bavuga ko umutwe wiwe batari bwawutore.

Robert Kabera yari asigaye azwi cane mu biganiro yacisha kuri shene yiwe yo kuri YouTube, aho yanenga ubutegetsi bw'Urwanda.

Mu cegeranyo HRW yasohoye, isa n'iyigaragaza ko Urwanda rushobora kuba hari uruhara rwagize mw'igandagurwa ryiwe.

BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya ico reta y'Urwanda ivuga kuri iki cegeranyo. Umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu Olivier Nduhungirehe yavuze ko ataco afise yishura ku co yise "iteshagaciro ry'uburenganzira bwa muntu".

Mu vyo HRW ifatirako, harimwo ko ubutegetsi bw'Urwanda bwari bwashize Robert Kabera ku rutonde rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi baba muri Uganda bwipfuza ko borungikwa mu Rwanda.

Ivuga kandi ko Kabera yigeze gutabwa muri yompi muri Uganda, abakozi bo mu buserukizi bw'Urwanda bakamusanga aho yari apfungiwe kandi yari yahunze Urwanda avuga ko umutekano wiwe uri mu kaga.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikindi mu bimenyetso bitangwa na HRW, ni uko abagiye bamuhiga canke bamutera ubwoba bavuga ururimi rw'Ikinyarwanda.

Iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu rishimika ko Uganda ikwiye gusuzuma neza ibimenyetso vyose vyerekana ko igandagurwa rya Kabera rishobora kuba rifitaniye isano n'imvo za politike, kugira ngo ababigizemwo uruhara babibazwe imbere y'ubucamanza.

Sergeant Robert – anafitaniye isano na Jenerali Majoro Fred Rwigema ari mu batanguje urugamba rwiswe urwo kubohora Urwanda mu 1990, yari yahunze Urwanda mu 2020. Ico gihe, igisirikare c'ico gihugu cavuga ko ariko araronderwa ngo ashikirizwe ubutungane. Mu vyo yari kubazwako harimwo ibirego vy'uko yari yafashe ku nguvu uwo mu muryango wiwe.

Ariko mu kiganiro yatanze amaze gushika muri Uganda, yavuze ko ivyo yagirizwa ari irementanya. Yasiguye ko yari yashitse muri Uganda imisi ibiri imbere y'itariki bivugwa ko yakoreyeko ico caha.

Uwo yahoze ari umumenyereza wa gisirikare (military instructor), yamenyesheje ko mu vyo azira harimwo ko akekwa kuba hari amabanga yoba azi y'umuririmvyi Kizito Mihigo yasanzwe yapfiriye mu gasho k'igipolisi i Kigali mu kwezi kwa kabiri 2020, mu buryo bwateye amakenga.

HRW ivuga ko Sergeant Robert amaze gushika muri Uganda yayibwiye incuro nyinshi ko hari abantu bavuga ururimi rw'Ikinyarwanda bagiye bamusanga muri ico gihugu bakamutera ubwoba.

Ivuga ko mu kiganiro yagiranye na we muri Nyakanga (9) 2022, yayibwiye ati: "Bazonyica. Barazi aho ndi... Nzopfa ntaranashobora kwimurirwa mu kindi gihugu."

Ifatiye ku vyo yayibwiye, HRW ivuga ko hari abigeze kumubwira ko vyanka bikunda bazomusubiza mu Rwanda, ko n'aho yoronka ubuhungiro muri Amerika bomusanzeyo bakamugirira nabi.

Isaba abategetsi ba Uganda kugira itohoza ryimbitse ku mvo zose zishobora kuba zatumye yicwa, no gufata ingingo zihuta zo gukingira impunzi n'abatavuga rumwe na reta y'Urwanda baba muri ico gihugu.

Igipolisi ca Uganda carasavye ko hagirwa isuzuma ry'ikiziga ciwe kugira hamenyekane neza icamwishe. Ariko ivyavuye muri ryo ntibiramenyekana.

Ku bwa HRW, urupfu rwa Robert Kabera rwibutsa ingorane n'akaga bikomeye abanegura ubutegetsi bw'Urwanda bashobora kugira, gushika n'iyo baba bari mu mahanga.

Isaba ibihugu n'inzego mpuzamakungu gukurikirana abahonyanga agateka ka zina muntu kugira bashikirizwe ubutungane.