IKIBIRIRAHO, Sudani: Itohoza rya BBC ryerekana ko abarwanyi ba RSF bagiye bagaba nkana ibitero ku bitaro n’amavuriro

Amakuru BBC yegeranije yerekana ko hagati ya Ndamukiza (4) 2023 na Gitugutu (10) 2025, abakozi 120 bakomeretse, 55 baricwa, abandi 10 baranyuruzwa.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu

  1. Ubushinwa: Nyamugigima ikomeye yakubise akarere ka Tibet ihitana abantu 16

    Abajejwe kuzimya umuriro bagaragara bariko baratabara abanyagihugu bakomerekeye muri nyamugigima yateye i Baqên, muri Tibet.

    Hambavu y’abo 16 bamaze kumenyekana ko bapfuye, hari n’abashika 65 bemejwe ko bakomeretse. Cumi n’umwe (11) muri bo, bakomeretse bikomeye. Abantu barenga 12.400 bahungishijwe.

    Ng’ibi ivyo tuzi gushika ubu :

    - Nk’uko amakuru yo muri ako karere abivuga, nyamugigima yabaye ifise uburemere canke ubukazi (magnitude) bwa 7, ikaba yakubise mu karere k’imisozi ka Nagqu kabamwo abantu bake, kari mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Tibet, Lhasa.

    - Amakuru ava mu bimenyeshamakuru vya reta y’Ubushinwa avuga ko abantu n’imiburiburi 16 bamaze kumenyekana ko bapfuye.

    - Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko amazu amajana n’amajana yasambutse.

    - Amabarabara n’umuyagankuba vyahagaze, kandi imihana yakozweko iri mu karere kari hejuru cane y’urugero rw’ikiyaga, nko ku metero 4.800.

    - Iyi nyamugigima iri mu zikomeye zahitanye abantu muri ako karere inyuma y’iyabaye mu 2023 mu ntara ya Gansu ihitana abantu 120.

    - Amakuru menshi amaze kumenyekana gushika ubu ava ku kinyamakuru ca reta y’Ubushinwa Xinhua, gisubiramwo ivyo abategetsi bo muri ako karere n’inzego zijejwe ubutabazi bavuga.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Afrika y’Epfo: Umurwi w’abantu bagera kuri 50 bakubise umunyamahanga gushika aho apfa

    Umugabo yipfutse mu maso, yambaye ibendera rya Afrika y’Epfo, ahagaze mw’ibarabara mu gihe hari abandi bantu benshi inyuma yiwe bariko baraba ahantu hatagaragara. Afise imanate mu kuboko kumwe, mu kundi afise inkoni.
    Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w’igipolisi ku rwego rw’intara yabwiye BBC ko imvo zatumye uwo mugabo yicwa zitaramenyekana

    Igipolisi muri Afrika y’Epfo kivuga ko hari umunyamahanga yapfuye ariko arakubitwa n’abantu bashika kuri 50, mu gisagara ca Durban.

    Uwo mugabo ataramenyekana izina, bikekwa ko yari afise imyaka iri hagati ya 35 na 45. Igipolisi kivuga ko yabanje gusatirwa n’abagabo babiri bari iruhande y’ibarabara imbere y’uko abandi benshi bamushwara bakamukubita. Vyemejwe ko yapfiriye aho nyene.

    Igipolisi catanguje itohoza kuri ubwo bwicanyi imvo zabwo zitaramenyekana.

    Iyicwa ry’uwo mugabo rikurikiye imyiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabaye muri Afrika y’Epfo muri uyu mwaka. Imwe muri yo, yaranzwe n’intureka zikomeye. Mu ntango z’uku kwezi, amaduka n’imodoka vyaraturiwe i Durban, no mu gisagara ca Soweto kiri hafi ya Johannesburg.

    Robert Netshiunda, umuvugizi w’igipolisi ku rwego rw’intara, yabwiye BBC ko muri uwu mwanya badashobora kwibwira canke ngo batomboze imvo zatumye uwo muntu agandagurwa. Amenyesha ko amakuru atomoye azotangwa amaze kugenzurwa no kwemezwa.

    Reta yasavye abari mu myiyerekano kuyigira mu mahoro. Ariko kandi ishimangira ko hakenewe isubirwamwo ry’amategeko agenga abinjira n’ababa mu gihugu. Ivuga ko kuva itanguye gukaza ingingo zo kugenzura abinjira n’abasohoka mu ntango z’uyu mwaka, abanyamahanga baharurwa mu bihumbi mirongo birukanywe canke basubizwa mu bihugu vyabo.

    Umwe mu mirwi iri inyuma y’iyo myiyerekano, witwa March and March, wari wabanje gushiraho igenekerezo rya 30 Ruheshi (6) nk’umusi ntarengwa w’uko abanyamahanga bose badafise impapuro zibemerera kuba muri Afrika y’Epfo boba bavuye muri ico gihugu.

    Imyiyerekano itari mike yarabaye imbere y’uko iyo tariki ishika, hakaba haravuzwe ibitero vyagabwe ku bantu baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

    Ivyo vyatumye ibihugu bitari bike harimwo Zimbabwe, Nigeria na Ghana, bifata ingingo zo gutahukana abanyagihugu bavyo.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Sudani: Itohoza rya BBC ryerekana ko abarwanyi ba RSF bagiye bagaba nkana ibitero ku bitaro n’amavuriro

    Abaganga bo ku bitaro vya Saudi biri i el-Fasher bariko barabaga umugore yibungenze (césarienne), ku musi nyene ivyo bitaro vyaterwa amabombe, Kigarama 2024.

    Itohoza ryakozwe na BBC ryaratoye ibimenyetso vyerekana ko abarwanyi b’umugwi witwara gisirikare RSF (Rapid Support Forces) wo muri Sudani bagiye basambura mu buryo bwateguwe igisata c’amagara y’abantu mu gisagara ca el-Fasher, inyuma y’uko bacigaruriye bakamara igihe kirekire barakigose, haraciye umwaka.

    Umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Volker Türk, avuga ko ibigaragazwa muri iryo tohoza biteye impungenge zikomeye. Ashimangira ko ibitero vyinshi vyagabwe n’abagwanyi ba RSF ku bikorwa remezo vya gisivire, harimwo ibigo vy’amagara y’abantu, ari ukurenga gukomeye ku mategeko mpuzamakungu agenga abari mu kaga, kandi ko bishobora kwiyongera ku bifatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

    RSF yamirira kure ivyavuye mw’itohoza rya BBC.

    Umushikiranganji w’amagara muri reta ibangabanganywe n’iya Sudani ikaba kandi yashinzwe na RSF, yavuze ko ibigaragazwa n’iryo tohoza ari propagande rikaba n’igerageza ryo gucafuza uwo murwi ririko rigirwa nkana n’igisirikare ca Sudani hamwe n’abacuditse naco kugira bacafuze izina rya RSF.

    Yishimikije amakuru yatanzwe n’abantu bari i el-Fasher muri ico gihe, BBC yasanze hari ibimenyetso vyerekana n’imiburiburi ibitero 43 bitandukanye vyagabwe ku bitaro no ku bindi bibanza bitanga ‘services’ z’amagara y’abantu, hagati ya Rusama (5) 2024 na Gitugutu (10) 2025. Bimwe muri ivyo bibanza vyatewe incuro nyinshi.

    Amategeko mpuzamakungu arabuza gutera ibigo vy’amagara y’abantu canke abakozi babikoreramwo mu gihe c’intambara.

    Iri tohoza riranerekana ingaruka intambara yagize ku bakozi bo mu gisata c’amagara muri ico gisagara co mu burengero bw’igihugu. Amakuru BBC yegeranije yerekana ko hagati ya Ndamukiza (4) 2023 na Gitugutu (10) 2025, abakozi 120 bakomeretse, 55 baricwa, abandi 10 baranyuruzwa.

    Dr Muhamed Suliman, umuganga abaga yari i el-Fasher mu gihe ico gisagara cari kigoswe, yabwiye BBC ati:

    “RSF yariko igerageza kwomora abantu mu bitaro no gutuma bidashobora kubandanya gukora, kubera igisata c’amagara y’abantu ari wo mushinge w’igisagara cose canke w’igihugu cose.”

    Yongeyeko ati: “RSF yatanguye gutera ivyo bibanza kugira ngo abanyagihugu ntibabe bagishobora kubandanya kuhaba. Ibitero vyari bikomeye. Vyagabwa nkana. Vyarateguwe.”

    Iryo perereza rije umwaka umwe inyuma y’uko el-Fasher ifashwe. Ifatwa ry’ico gisagara ryabaye kimwe mu bihe vyaranzwe n’ubunyamaswa bwinshi muri iyi ntambara yadutse muri Ndamukiza (4) 2023 hagati ya RSF n’igisirikare ca Sudani.

    Impande zompi zagiye zagirizwa gutera ibigo vy’amagara y’abantu.

    Muri Ntwarante (3)2026, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ryarateye ivyatsi ibitero vy’amabombe vyagabwe ku bitaro vya al-Daein, biri mu karere ka Darfur ko mu buseruko kagenzurwa na RSF. Ivyo bitero vy’ama drones vyahitanye abantu benshi cane, bituma ivyo bitaro bihagarika imirimo.

    Bikekwa ko vyagabwe n’igisirikare ca Sudani, n’ubwo co kibihakana.

    Ariko yishura ku bibazo vya BBC, OMS yavuze ko ivyabereye muri el-Fasher ari “rumwe mu ngero zigaragaza neza kandi zikomeye cane ingaruka rusangi iyi ntambara yagize ku bikorwa vy’amagara y’abantu muri Sudani”.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.