Papa yagiye ku mugaragaro ku ncuro ya mbere kuva abazwe cancer

Ahavuye isanamu, Vatican via Reuters
- Umwanditsi, Henry Moore
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Papa Leo wa 14 yafotowe ariko arasoma imisa mu bitaro. Ni amafoto yiwe ya mbere asohowe na Vatikano kuva abazwe amahaha.
Uwo mwungere w'Ekleziya w'imyaka 71, vyamenyekanye ko arwaye cancer yo mu mahaha inyuma y'igikorwa co kubagwa ku musi wa kabiri ku muhingamo, cabereye mu bitaro vya Gemelli i Roma. Vatikano yavuze ko ico gikorwa "cagenze neza" kandi ko ata ngorane zidasanzwe zabayemwo.
Amafoto yasohowe ku wa gatanu yerekana Papa Leo, yavukiye i Chicago, yambaye ikanzu yambarwa igihe co gusoma imisa y'urwatsi rubisi, ahagaze inyuma ya rutari y'umwuzuriraho, mw'igorofa ya cumi kw'ivyo bitaro.
Imisa yasomye yarimwo umugwi w'abaganga n'abaforoma. Yabashimiye ku bikorwa vyabo, nk'uko Vaticano yabimenyesheje mw'itangazo yasohoye.
Ku wa gatanu nyene, Papa ari mu bitaro yarahamagaye kuri terefone Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, amusaba ko haba agahengwe k'intambara mu gisagara ca Oleshky muri Ukraine, kiri mu minwe y'Uburusiya. Muri ico gisagara, abantu ibihumbi n'ibihumbi ntibemerewe kuronka ibifungurwa n'amazi.
Karidinali Pietro Parolin, umunyamabanga wa reta ya Vatikano, yavuze ati: "Kuba yemeye kwakira terefone ya Papa kandi bakavugana, biratuma nizigira ko ico Papa yasavye kizoshirwa mu ngiro koko."
Ata kudoma urutoke ku bijanye n'agahengwe mu ntambara, Kremlin (ibiro vya Perezida w'Uburusiya) yagize iti: "Igisabo ca Vatikano kijanye no gufasha mu gushiraho ibisabwa kugira ngo umutekano w'abanyagihugu b'ico gisagara wubahirizwe, no gutunganya uburyo bwotuma ivya nkenerwa bibashikira, turagishigikiye."
Yongeyeko iti: "Baremeranije gukorana kuri ico kibazo."
Volker Türk, Komisere mukuru wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu, na we nyene yasavye ko hafatwa ingingo zo gutorera umuti ico yise "akaga gakomeye" mu gisagara ca Oleshky.
Abaganga ba Papa bavuze ku wa gatanu ko ibipimo vyakozwe vyerekanye ko "amagara yiwe ariko arushiriza kumera neza" kuva abazwe.
Abaganga biwe bavuze kandi ko ifoto y'ibihimba vyo mu gikiriza yafashwe hakoreshejwe imishwarara ya X yerekanye ko "igihimba c'ihaha ryabazwe kiriko kirakira neza".
Vatikano yavuze ko igice co musi cose c'ihaha ry'iburyo cari kigwaye cakuwemwo "kugira ngo igikorwa co kumubaga kigende neza mu buryo bwuzuye".
Imbere y'aho, Vatikano yari yavuze iti: "Inyuma yo kubagwa, Papa yikanguye nk'uko bisanzwe, hanyuma amaze igihe gito yihwezwa n'abaganga, asubira mu cumba ciwe."
Vatikano yongeyeko ko Papa yaciye arara "ijoro ritekanye" muri ivyo bitaro.

Ahavuye isanamu, Vatican via Reuters
Papa Leo yatangaje ubwa mbere ko agiye kubagwa mu gihe c'amasengesho asanzwe ahagararira buri yinga. Yabwiye isinzi ry'abantu bari mu kibanza ca Petero Mutagatifu ko abaganga bari basanze kw'ihaha ryiwe akavyimba gatoya biboneka ko kadasanzwe, kari kakiri ku rwego rw'intango, maze bamuhanura ko gakwiye kubarwa.
Mwene utwo tuvyimba turakunda kwibonekeza kandi si ngombwa ngo tube ari cancer. Ariko Vatikano yavuze ko inyuma yo gusuzuma ako gahere, umugwi w'abaganga wemeje ko ari cancer, nk'uko "vyari vyiketswe hisunzwe ibipimo vyari vyakozwe imbere yo kubagwa".
Papa yasanze arwaye cancer yo mu bwoko bwa 'adenocarcinoma' yo mu mahaha.
Vatikano yashimangiye ko imbere yo kubagwa, ata bimenyetso vyerekana ko Papa yari afise umugera canke iyindi ndwara vyigaragaje.













