Menya ibihugu bitanu bishobora kuzoba biganza isi mu 2050

Ahavuye isanamu, Getty Images
Brexit, ikiza rya Covid19, intambara yo muri Ukraine hamwe n'amatagisi yo ku bicuruzwa vyinjira n'ibisohoka mu bihugu, bishobora kuba vyaragize ingaruka ku butunzi bw'isi. Ariko n'ubwo hari izo ngorane, bitegekanijwe ko ubutunzi bw'isi buzobandanya kwiyongera ku murindi unyaruka mu myaka mirongo iri imbere.
Mu vy'ukuri, gushika mu mwaka wa 2050, bitegekanijwe ko isoko ry'isi yose rizoba ryirwije incuro zibiri, n'ubwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko igitigiri c'ababa kw'isi kizoba ciyongereye ku rugero rwa 26% gusa.
Iryo yongerekana ry'ubutunzi ryitezwe, rizotuma haba impinduka nyinshi. Naho bigoye kumenya neza uko kazoza kazomera, abahinga mu vy'ubutunzi benshi barahuriza ku ciyumviro kimwe: ibihugu ubu biri mu nzira y'amajambere ni vyo bizoba ibihangange mu butunzi bw'isi muri kazoza.
Icegeranyo citwa 'The World in 2050' casohowe n'ishirahamwe mpuzamakungu rigira ubushakashatsi ku biharuro bijanye n'ubutunzi PwC cerekana ko mu myaka 30 iri imbere, ibihugu bitandatu kuri ndwi bifatwa nk'ibiri mu nzira y'amajambere bizoba bifise ubutunzi bukomeye kuruta ubw'ibihugu bisanzwe bikomeye muri iki gihe.
Ivyo bizotuma Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziva mu kibanza ca kabiri zikaja mu ca gatatu, Ubuyapani buve mu ca kane buje mu c'Umunani, mu gihe Ubudagi buzova mu ca gatanu buje mu c'icenda.
Ico cegeranyo kivuga kandi ko n'ibihugu bifise ubutunzi buto nka Vietnam, Filipine na Nijeriya bizotera intambwe ikomeye mu rutonde rw'ibihugu bifise ubutunzi bukomeye mu myaka mirongo itatu iri imbere.
Twaraganiriye n'abantu baba muri bitanu muri ivyo bihugu bifise amahirwe menshi yo gutera imbere kugira twumve ingene bariko barahangana n'izo mpinduka zihuta ziza zimaze no kwigaragaza. Twashatse kandi no gutahura akarusho ko kuba muri ivyo bihugu n'intambamyi bifise.
Ubushinwa
Iyo hapimwe ubunini bw'ubutunzi hisunzwe umwimbu w'imbere mu gihugu n'ubushobozi bwo gusuma buzwi nka 'Purchasing Power Parity – PPP', ari na bwo buhinga bukoreshwa mu gusuzuma ubutandukane bw'urugero rw'ubuzima bw'abanyagihugu n'urw'ibiciro mu bihugu, Ubushinwa busanzwe ari bwo bufise ubutunzi bunini kuruta ubundi kw'isi.
Mu myaka 10 iheze, Ubutunzi bw'Ubushinwa bwarateye imbere cane, kandi abahinga muri iki gisata bavuga ko ivyo ari intango gusa y'iterambere rikomeye riri imbere.
Izo mpinduka zikomeye mu vyerekeye ubutunzi ziriko zibera imbere y'amaso y'ababa muri ico gihugu.
Rowan Kohll, umwanditsi w'ibitabu vyo mu gishinwa vyitwa '1-Minute Chinese', yavuze ati: " Kuva mu myaka mike iheze, mba mu gace k'ubudandaji ka Suzhou, ariko ubu kabaye iparadizo ry'igisagara kirimwo uburere bw'ubudandaji bunini cane, ibibanza vy'iratiro, uburiro n'imiduga myinshi mu mabarabara. Ariko igihe naza mu Bushinwa ubwa mbere, haheze imyaka 15, ako karere kose kari kagizwe n'imyonga n'imirima."
Yongerako ati: "Ibi ni inkuru isanzwe mu Bushinwa. Igihugu cose kiriko kirahinduka."
Ubuhindi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuhindi, ari na co gihugu ca kabiri gifise abanyagihugu benshi kw'isi, bitegekanijwe ko buzoshika kw'iterambere rikomeye mu myaka mirongo itatu iri imbere. Nk'uko bivugwa mu cegeranyo The World in 2050, ubutunzi bw'imbere muri ico gihugu buzokwiyongera ku rugero rwa 5% buri mwaka, ivyo bikazotuma kiba kimwe mu bihugu bifise ubutunzi buriko buraduga ningoga kuruta ibindi kw'isi.
Vyitezwe kandi ko gushika mu mwaka wa 2050, Ubuhindi buzoba ari bwo butunzi bwa kabiri bunini kuruta ubundi kw'isi, bigasigura ko buzoba burenganye Amerika. Mbere Ubuhindi buzoba bufise 15% vy'ubutunzi bwose bw'isi.
Ingaruka nziza z'iryo terambere ziza zaratanguye gushikira abanyagihugu.
Saurabh Jindal, yavukiye mu Buhindi akaba atunganya ikiganiro citwa Talk Travel, yagize ati: "Kuva mu mpera z'ikinjana ca 20 no mu ntango z'ica 21, nabonye Ubuhindi buhinduka ndabubona. Iterambere ry'ubutunzi ryazanye impinduka nyinshi mu mibereho y'abanyagihugu, haba mu buryo ibisagara bimeze, mu kuntu abantu babona ibintu mu kibano, eka mbere no mu kuntu igihugu n'abakibamwo babayeho muri rusangi."
Avuga kandi ko mu myaka 15 iheze habaye "iterambere rikomeye" mu bijanye no gukora neza za televiziyo, amaterefone ngendanwa n'imiduga bibereye ijisho. Yongerako ko ingendo zo mu ndege zisigaye zishobora gukorwa n'abantu benshi kuruta ukwo vyari ubwa mbere, kandi ko amazu na yo yarushirije kuba meza kandi agaragaza ubutunzi.
Brésil

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vyitezwe ko gushika mu mwaka wa 2050, Brésil izoba ari igihugu ca gatanu gifise ubutunzi bunini kuruta ubundi kw'isi, ikazoba yararenze Ubuyapani, Ubudagi n'Uburusiya.
Kubera ubwinshi bw'imitungo kama, ubutunzi bwa Brésil bwaraduze cane mu myaka mirongo iheze. Ariko rero, ico gihugu kiracafise ingorane nyinshi, zirimwo ibiturire mu nzego za reta hamwe n'iduga ry'ibiciro vyarushirije kwibonekeza muri iyi myaka ya vuba.
Zimwe muri izo ngorane zatumye Brésil iba mu bihugu vya mbere vyakiriye ubuhinga bushasha mu gisata c'ivy'amahera.
Annalisa Nash Fernandez, umuhinga mu bijanye n'imico kama y'abantu akaba yarigeze kuba i São Paulo, yavuze ati: "Mu bihugu vyinshi biri mu nzira y'iterambere, ukwiyongera kw'ubutunzi akenshi kujana n'iduga ry'ibiciro. Kubera ikiguzi kinini co gukingira agaciro k'ifaranga, Brésil yabaye kimwe mu bihugu vya mbere vyateje imbere ubuhinga bwa fintech."
Yongeyeko ati: "Uburyo bwo kuriha amahera biciye ku buhinga bwa none, busa na PayPal canke Venmo, bumaze imyaka irenga 20 bukoreshwa cane muri Brésil. N'imbere y'uko amaterefone agezweho (smartphones) aza, abantu barabukoresha biciye ku mashini zitanga amafaranga (ATM)."
Brésil ni kimwe mu bihugu bikomeye kw'isi mu gisata c'ubutare, uburimyi n'inganda.
Mexique

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bitegekanijwe ko gushika mu mwaka wa 2050, Mexique izoba ari igihugu kigira indwi gifise ubutunzi bunini kuruta ubundi kw'isi. Ivyo bisigura ko izoba yaduze ibibanza bine ugereranije n'aho iri ubu, mu kibanza ca 11 ku rutonde rw'ibihugu bifise ubutunzi bukomeye.
Gushira inguvu mu guteza imbere inganda no kwongereza ivyo igihugu gishora ku masoko mpuzamakungu vyatumye ubutunzi bwa Mexique buduga cane muri iyi myaka iheze, n'ubwo uko ubutunzi bwifashe muri iki gihe vyatumye amafaranga yinjira atiyongera uko vyari vyitezwe.
Iyo umuntu aronse akaryo kandi agakora cane, arashobora gutera imbere kurushiriza.
Suzan Haskins, Umunyamerika akaba ari umwanditsi mukuru w'ikinyamakuru International Living, ubu aba i Mérida, muri reta ya Yucatán, agira ati: "Mu misi iheze nari mu gisagara ca Mexico, kandi urugendo rwa Uber rwo kuja aho ushaka hose muri ico gisagara ruri hagati y'amadolari 4 na 10."
Avuga ko nk'uko vyifashe mu bindi bihugu biri mu nzira y'amajambere, ibikorwa remezo n'amabarabara birashobora kuba bigifise ingorane. Ariko rero, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, reta ya Mexique iherutse gutanguza umugambi wo gushira umutahe w'imiliyari 44 z'amadolari y'Amerika mu bikorwa remezo, ayo mafaranga akazokoreshwa mu myaka ine iri imbere.
Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nijeriya, kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bunini kuruta ubundi muri Afrika, vyitezwe ko muri 2050 izoba igeze kw'iterambere ry'ubutunzi rikomeye. Nk'uko icegeranyo kibivuga, ubutunzi bwayo bushobora kwiyongera ku rugero rwa 4,2% buri mwaka, ibizotuma iva mu kibanza ca 22 ikaja mu ca 14 ku rutonde rw'ibihugu bifise ubutunzi bukomeye kw'isi.
Muri iki gihe, reta iriko iragerageza kurwanya igiturire, mu gihe Abanyanijeriya bazwi nk'abantu b'umutima wo kwitunganiriza imigambi n'ubudandaji. Kandi uwo mutima ni wo ubandanya guteza imbere igihugu cabo.
Nk'uko ibitigiri vy'ikigo Global Entrepreneurship Monitor bibigaragaza, ibice birenga 30% vy'Abanyanijeriya ni abarwizatunga batanguje imigambi mishasha canke bafise ubudandaji bwabo bwite. Ico ni kimwe mu bipimo biri hejuru kuruta ibindi kw'isi.












