Intambara yo muri Ukraine: Zelensky avuga ko Trump ariko agerageza guhatira Ukraine kumanika amaboko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariko agerageza guhatira Ukraine kwemera kumanika amaboko imbere y’Uburusiya.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Bloomberg, Zelensky yavuze ko yari yemeye guhagarika ibitero ku bigo bitunganya igitoro vy’Uburusiya mu gihe Amerika yari kwihutira kurungikira Ukraine ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot bikoreshwa mu kwivuna ibitero vyo mu kirere, ariko ko inyishu yahawe na Amerika ari uko ivyo bitero bikwiye guhagarara ata kindi gisabwe.
Zelensky yavuze ati: “Mbona ko hari ingingo zafashwe zigamije gutuma Ukraine imanika amaboko. Si mvuga ko incuti zacu zafashe iyi ntumbero. Kandi sinoshima kwiyumvira ko Amerika ibona ko iyi ntambara ikwiye kurangira vuba bishoboka Ukraine ikaba ari yo ivyishura. Ariko bisa nk’aho ari ko bimeze”.
Yavuze kandi ko imigenderanire hagati ya Ukraine n’ubutegetsi bwa Amerika, imaze iminsi irangwamwo ukutumvikana, ishobora guhinduka inyuma y’amatora y’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika ategekanijwe mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo (11).
Zelensky yavuze ati: “Mu gihe c’amatora, ibikorwa vya politike biba bikaze cane. Ubu birashushe cane, ariko amatora niyarangira ubuzima buzobandanya kandi nibaza ko ibintu bizosubira mu buryo.”
Abanyamakuru ba Bloomberg babajije Zelensky ku ngingo zafashwe na Amerika zishobora kugabanya ubushobozi bwa Ukraine bwo kwivuna, harimwo ukugabanya umuvuduko w’itumatumanako rikoresha ikigendajuru ca Starlink, hamwe n’ugukwega amaguru mu guha Ukraine ibisasu vya Patriot.
Perezida wa Ukraine yashimangiye ko amakuru yakuye ku masoko yizeye avuga ko ingingo yerekeye Starlink yafashwe n’“abategetsi, Maison Blanche/White House”, kandi ko ivyo guteba kurungikira igihugu ciwe izo misire kitari ikibazo c’ubuhinga.
Ati: “Ibi birwanisho twarabirihiye. Hari ivyo Amerika yemeye kurungika, ariko hari ibindi itemeye kurungika. Rero iki si ikibazo c’ubuhinga.”
Ayandi makuru:

