Uko Irani yashatse kwica umwe mu bana banje – Netanyahu

 Benjamin Netanyahu yambaye ikoti yirabura, ishati igomba kwera n'ikaruvati itukura. Ariko araba muri camera.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Benjamin Netanyahu abishikirije mu gihe hasigaye imisi mike ngo habe amatora rusangi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, avuga ko Irani yagerageje kwica umwe mu bana biwe, ariko ntatomora igihe vyabereye.

Netanyahu ntanavuga uwo mwana yaronderwa mu bandi uwo ari we, canke ngo asigure uko vyagenze.

Amajambo ya Netanyahu yerekana ukuntu umwuka w'ukunyinyurana no kwikekana ukibandanya kuva igihe Amerika na Israel zatanguza intambara kuri Irani muri Ruhuhuma (2). Muri iyo ntambara, umuyobozi w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, hamwe n'abandi bategetsi b'ico gihugu barishwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, asanzwe ari mu runani rwa politike ruhanzwe n'ukugabanuka kw'abarushigikiye, yavuze ayo majambo mu gihe hasigaye amezi abiri gusa ngo habe amatora rusangi ategekanijwe ku wa 27 Gitugutu (10). Yayavugiye mu kiganiro yahaye Channel 14, imboneshakure yo muri Israel.

Yabishikirije igihe yariko yishura ku bivugwa ko inzego z'umutekano z'ico gihugu zanse gucungira umutekano umunyapolitike wo mu batavuga rumwe na reta.

"Ndazi ko hari ibintu bitangaje vyerekeye abana banje, ariko ni ko ibintu bimeze. Irani yaragavye igitero ku mwana wanje umwe. Irani yashatse kwica umwe mu bana banje." Ni ko Netanyahu yabwiye iyo mboneshakure ishigikira ibikorwa vya reta.

Yabandanije ati: "Rero, uko umutekano umeze birateye amakenga." Yamara, ntiyatanze ayandi makuru arenze ngaho.

Netanyahu yemeza kandi ko yabwiye umukuru w'urwego rw'umutekano Shin Bet, David Zini, ko uburinzi bukwiye guhabwa umuntu wese ariko ahiganirwa kuba umushikiranganji wa mbere.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y'aho, ibimenyeshamakuru vyo muri Israel vyari vyatangaje ko Zini yanse guha uburinzi Gadi Eisenkot, aho ngo yabwiye umurwi ujejwe gutegura amatora ko ata kintu na kimwe kibangamiye umutekano wiwe.

Vyitezwe ko umugambwe wa Eisenkot ushobora kuronka intebe nyinshi mu matora yimirije, n'ubwo muri Israel reta isanzwe igirwa n'urunani rw'imigambwe aho umugambwe umwe wonyene ari wo uba ufise ubwiganze bw'ibibanza.

Amerika iherutse gutangaza urukurikirane rw'ibihano bishasha kandi vyagutse kuri Irani, yongera igabisha ibihugu vyose ivuga ko bifasha ico gihugu mu vy'ubutunzi.

Umushikiranganji w'ikigega wa Amerika, Scott Bessent, yavuze ko izo ngingo ari "igitero gikomeye kuruta ibindi vyose vy'ubutunzi vyari bimaze kubaho muri kahise."

Bessent, yise ivyo bihano "icago c'ubutunzi" kuri Irani, ashimangira ko Amerika izohagarika imigenderanire yose y'ubutunzi ifitaniye n'ico gihugu. Mbere avuga ko igihugu cose kizogirana ubudandaji na Irani na co nyene kizotaramurwa mu vy'ubutunzi.

Ariko Umushikiranganji w'ikigega ca reta muri Irani, Ali Madanizadeh, yavuze ko igihugu ciwe citeguriye kubandanya gihangana n'ivyo bihano mu kiringo c'imyaka ibiri iri imbere, kandi ko kizonabandanya kurwanya Amerika.

Intambara hagati ya Amerika na Irani yatumye ibiciro vy'igitoro n'amasoko ntanganguvu biduga cane kw'isoko mpuzamakungu, kandi Irani yongeye gukangisha guhagarika burundu uruja n'uruza rw'igitoro mu karere iherereyemwo.

Irani iragabisha n'ubwato ubwo ari bwo bwose bwogerageza guca mu muhora wa Hormuz itabanje kubuha uruhusha.