Irani ishobora kumara igihe kingana iki iri mu ntambara?

Ifoto yo mu bubiko yerekana amamisirie menshi yarabishijwe mu kirere, abantu bariko barayihweza, i Tehran, muri Munyonyo (11) 2025

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanya Irani bariko baragendera ahariko herekanwa ivyo igihugu kimaze gushikako mu bijanye no gukora amamisire n'ama 'drone', i Tehran, ku wa 12 Munyonyo (11) 2025
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Haraheze amezi atandatu intambara kuri Irani itanguye. Yamara, n'ubwo ubutunzi n'ibikorwa remezo vyayo biri mu kaga gakomeye, abategetsi b'ico gihugu baracasa n'abatihutira kurondera ko ihagarara.

Tehran ishobora kuba ifise intumbero yo kwerekana ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zonyene zidafise ububasha bwo gufata ingingo ku kungene ivy'iyi ntambara vyogenda. Mbere irashobora no kuba ishaka gutuma uruhombo rwa Amerika haba mu vya gisirikare, mu vy'uburyo no vya politike rwongerekana cane rwose, kugira amaherezo Washington yemere bimwe mu vyo Iran isaba.

Ariko vyose bishingiye kuri iki kibazo nyamakuru: mu vy'ukuri Irani ishobora kubandanya irwana gushika ryari?

Irani ifise ubushobozi bwa gisirikare bungana gute?

Ibice bimwe vy'inganda zikora ibikoresho vya gisirikare muri Irani hamwe n'ibibanza bikorerwamwo amamisire vyagiye biterwa. Ariko urugero rw'ibimaze kwononekara ntirurashirwa ahabona mu buryo bwigenga.

Mw'isuzuma rya vuba, ikigo c'ubushakashatsi Chatham House cavuze ko ata makuru yizewe ahari ku rugero rw'amamisire Irani isigaje mu bubiko bwayo muri iki gihe.

Igitigiri ca misire zo mu bwoko bwa 'balistique' Irani irasa cagiye kigabanuka ukwo imisi yagiye yigira imbere. Ariko ubushobozi bwo kubandanya intambara ntibupimirwa gusa ku gitigiri c'amamisire.

'Drones' na misire zigera ku ntera ndende ziroroshe gukora. Kandi abategetsi bishwe mu gisirikare ca Iran gushika ubu barasubirijwe. Mbere, n'ingene igisikare cari cubatse imbere y'intambara, kuva ku bategetsi bo hejuru gushika ku musirikare wo hasi, n'ubu biracameze neza rwose.

Mohammad Ghaedi, umwigisha mu vy'imigenderanire mpuzamakungu muri kaminuza ya George Washington, yabwiye BBC News Persian ati: "Irani ishobora kubandanya ifise ubushobozi bwo kurasa igihe kirekire - n'ubwo hoba ku rugero ruri hasi - kandi iracafise ubushobozi bwo guhungabanya uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Intambara y'igihe kirekire ishobora kandi kugira ingaruka kuri Amerika, nk'uko abategetsi ba Irani babibona.

Gutangira no guhagarika misire n'ama drones vya Irani vyatwaye uburyo bwinshi na bimwe mu bikoresho vya gisirikare Amerika yari ifise mu bubiko. Vyongeye, hari isuzuma ry'Abanyamerika ryaburiye ko ivyo bikoresho bidashobora gusubirizwa ningoga.

Ghaedi avuga kandi ko "ingaruka iyi ntambara yagize ku biciro vy'igitoro no ku vyiyumviro vya politike imbere muri Amerika vyatumye i Tehran habaho icizere c'uko ishobora guhatira Washington kwemera bimwe mu bisabwa na Irani."

Ku bijanye n'ivy'imbere mu gihugu, Perezida Donald Trump aracabifise ugushigikirwa ugereranije n'abatora bo mu mugambwe w'Abarepubulikani. Ariko, ivyigwa vyihweza iryo abanyagihugu bagona vyerekana ko Abanyamerika benshi batemera iyi ntambara kandi ko bahagaritswe umutima n'ukuntu Trump atariko arashitsa intumbero yari yihaye.

Nimba ibiharuro vya Tehran vyoba ari vyo, intumbero si ngombwa ko ari ugutsinda Amerika mu vya gisirikare: intambara y'igihe kirekire kandi itwara uburyo bwinshi cane ubwayo ishobora kuba uburyo bwo gushira igitutu kuri Amerika.

Kugeza ubu, nta kimenyetso cerekana ko inguvu za gisirikare zonyene zohatira Irani guhagarika intambara.

Inkuru tubandanya tubashikiriza...