Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa yashitse muri Guinée Equatoriale inyuma yo kwiyamiriza ubutegetsi bw’igitugu
Ashitse ku murwa mukuru Malabo avuye muri Angola aho yiyamirije ihohoterwa rikorerwa abantu bageramiwe n'abantu bakomeye kw'isi.
Incamake
- Abahiganirwa gusubirira Antonio Guterres muri ONU batanguye kumvirizwa
- Tehran izaba ifite "urutoki ku mbarutso" nijya no mu biganiro - Umuvugizi
- Madonna yashyizeho igihembo ku myenda ye 'idasanzwe' yari yambaye akayibura nyuma y'igitaramo
- Reba: Amashusho yasohotse muri Amerika yerekana abasirikare ba barwanira mu mazi bari mu bwato bwa Irani
- Trump aratanga umuburo wo gutera andi mabombe
- Iran yatanze amabwiriza 'akomeye' mbere yo kwitabira imikino y'Igikombe cy'Isi
- Papa yashitse muri Guinée Equatoriale inyuma yo kwiyamiriza ubutegetsi bw'igitugu
- Pentagon yatangaje ko ingabo za Amerika zinjiye ku bwato bwafatiwe ibihano mu ijoro ryakeye
- Umwami w'Ubwongereza avuga ko Umwamikazi yari kuba yarahungabanyijwe cyane n'isi ya none
- Iran irimo gutegura "amakarita mashya ku rugamba" mu gihe agahenge karangira mu minsi ibiri
- Nigeria: Umugore yatsindiye igihembo cyo ku rwego rw'isi kubera kugerageza kurokora uducurama
- DR Congo: PeaceGold itegekanya gutangura gushora inzahabu naho hakiri intambara
- Kompanyi Apple yashyizeho umuyobozi mushya wayo John Ternus
- Ubuyapani: Abasirikare batatu bapfuye ubwo igisasu cyaturikiraga imbere mu gifaru bari mu myitozo
- Trump avuga ko Amerika itazokuraho ukwugara Hormuz gushika habonetse amasezerano na Iran
- DR Congo: Abantu barenga 200 batabawe bamburwa umutwe wa ADF
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa, Dinah Gahamanyi na Samba Cyuzuzo
Abahiganirwa gusubirira Antonio Guterres muri ONU batanguye kumvirizwa
Uyu musi ku cicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hatanguye kwumvirizwa abahiganira ikibanza c’umunyamabanga mukuru waryo, bahereye kuri Michelle Bachelet.
Abakandida bane barifuza gusubirira umunyaportugal António Guterres uzasozera ikiringo ciwe mu mpera z’uyu mwaka.
Abo bakandida, barimo batatu bava muri Amerika y’epfo, ni;
- Michelle Bachelet yahoze ari umukuru w’igihugu ca Chili
- Rafael Grossi umunya-Argentine akuriye urwego rwa ONU rujejwe inguvu za nikleyeri
- Rebeca Grynspan yabaye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ca Costa Rica
- Na Macky Sall yahoze ari prezida wa Senegal
Sall agiye yagiye muri iri higanwa adashigikiwe n’igihugu ciwe canke n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, inyuma y’uko ibihugu 20, harimwo na Senegal nyene, bisohoreye urwandiko bivuga ko vyanse kandidatire yiwe yatanzwe n’Uburundi ubu ari bwo burongoye Ubumwe bwa Afrika.
Imigenderanire hagati y’ubutegetsi bwa Perezida Bassirou Diomaye Faye wa Sénégal na Sall w'imyaka 64 ntimeze neza, inyuma y’uko avuye ku butegetsi mu 2024 habanje kwaduka intureka ziciwemwo abantu zandurutse ku mugambi wiwe wo kurondera kwitoreza ikiringo kigira gatatu.
Ikiringo c'umunyamabanga mukuru wa ONU asanzwe ahari António Guterres kizorangira mu mpera z'uyu mwaka, uwuzotorwa ngo amusubirire akazotangura amabanga yiwe mu ntango z’umwaka uza wa 2027.
Izindi nkuru wasoma:
Tehran izaba ifite “urutoki ku mbarutso” nijya no mu biganiro - Umuvugizi
Umuvigizi wa leta ya Iran yabwiye ibiro ntaramakuru bya leta IRNA ko Tehran izaba ifite “urutoki ku mbarutso” mu gihe yajya no mu biganiro bishobora kuba kandi ko ingabo zizaba “ziteguye byuzuye”.
Fatemeh Mohajerani ntabwo yavuze mu buryo bweruye niba Iran izitabira ibiganiro bya kabiri biteganyijwe i Islamabad muri Pakistan hagati yabo na Amerika.
Yagize ati: “Dufite ingamba (strategies) ebyiri imbere yacu: iya mbere ni intambara iya kabiri ni ibiganiro bya dipolomasi.
Fatemeh yavuze ko ikipe ya Iran y’ibiganiro idashobora “na rimwe gutandukira ku nyungu z’igihugu” muri ibyo biganiro.
Hagati aho Perezida Donald Trump we yemeje ko yohereje itsinda rijya mu bindi biganiro na Iran muri Pakistan.
Muri iki gihe Iran yakomeje kwerekana impungenge zo kuganira na Amerika kuko ibitero bya Amerika na Israel kuri Iran byatangiye ku wa 28 z’ukwezi kwa Gashyantare(2) byabaye mu gihe impande zombi zari zimaze iminsi mu biganiro, igihugu cya Oman cyabahuzaga cyavugaga ko biri hafi kugera ku kumvikana.
Madonna yashyizeho igihembo ku myenda ye ‘idasanzwe’ yari yambaye akayibura nyuma y'igitaramo
Umuhanzi w’icyamamare Madonna yashyizeho igihembo ku wabona imyenda yari yambaye ku rubyiniro mu gitaramo cya Coachella cyabaye mu mpera z’icyumweru gishize.
Ni nyuma y’uko iyo myenda amaranye imyaka myinshi ibuze nyuma y’icyo gitaramo.
Madonna w’imyaka 67 yanditse kuri Instagram ati: “Ntabwo ari imyenda isanzwe, iri mu bigize amateka yanjye”.
Muri iyo myenda harimo ijaketi y’ibara ry’umwura, akambaro ko ku gihimba kitwa ‘corset’ n’ikanzu ngufi, byose yari yambaye ku wa gatanu nijoro.
Madonna yanditse ati: “Nizeye kandi ndasenga ngo hagire umugira neza ubona iyi myenda akavugisha ikipe yanjye” yongeraho ati: “kandi hari igihembo ku uyigarura”.
Iyo myenda hamwe n’inkweto zo mu bwoko bwa ‘boots’ yari yambaye birihariye kuko Madonna yari anabyambaye mu gitaramo nk’iki cya Coachella yabonetsemo mu myaka 20 ishize.
Polisi yo mu gace ka Indio muri leta ya Corolado aho icyo gitaramo cyabereye ntiratangaza uko iyo myenda yabuze ariko ikinyamakuru TMZ kivuga ko ishobora kuba yaraburiye mu gikapu yarimo ubwo bariho bava aho icyo gitaramo cyabereye.
Madonna yamaze igihe kirekire ari we muhanzi w'umugore wagurishije ibihangano byinshi kurusha abandi bose mu bihe byose ku isi, kubera muzika ye yahawe akazina k'akabyiniriro ka "Umwamikazi wa Pop".
Izindi nkuru wasoma:
Reba: Amashusho yerekana abasirikare ba Amerika barwanira mu mazi bafata ubwato bwa Iran
Perezida Donald Trump yavuze ko Amerika yafashe ubwato bw’imizigo bufite ibendera rya Iran mu kigobe cy'Abarabu nk'igice cy'umutekano wayo wo mu mazi.
Trump yanditse ku rubuga rwe rwa Truth Social ko ubwato bwa Touska bwafashwe n'ingabo za Amerika zirwanira mu mazi nyuma yo kwirengagiza kuburirwa, nk'uko abivuga.
Iran yavuze ko ari ukwica itegeko ry'agahenge no guhagarika imirwano kandi ko izihorera vuba kubera "igikorwa cy'ubujura bw'indege bwitwaje intwaro".
Izindi nkuru wasoma:
Ivy'akakanya, Trump yaburiye ko ashobora gutera andi mabombe
Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yavuze hari amahirwe make yo kongera igihe cy'agahenge kizarangira ku wa gatatu niba amasezerano na Iran atabonetse.
Mu kiganiro n’ikinyamakuru Bloomberg, Trump yavuze ko gufunga umuhora wa Hormuz bizakomeza kugeza igihe habaye amasezerano.
Hagati aho, mu kiganiro yagiranye n’itangazamakuru ryo muri Amerika PBS News, Trump yavuze ko Iran iramutse ihagaritse imirwano "ibisasu byinshi bizashira."
Tariki 8 z'uku kwezi nibwo Amerika yatangaje agahenge k'ibyumweru bibiri ko guhagarika imirwano.
Trump, yanashinje Iran kutubahiriza kao gahenge "inshuro nyinshi."
Ibi yabivuze binyuze mu butumwa yashyize ku rubuga rwa Truth Social, ariko ntiyatanze ibisobanuro birambuye ku cyo yashakaga kuvuga.
Ibi bibaye mu gihe hari urujijo ku bijyanye no kumenya niba ibiganiro hagati ya Amerika na Irani bizabera uyu munsi i Islamabad.
Izindi nkuru wasoma:
Iran yatanze amabwiriza 'akomeye' mbere yo kwitabira imikino y'Igikombe cy'Isi
Mu kiganiro yatanze ku bijyanye n'ikibazo cyo kohereza ikipe y'igihugu cye y'umupira w'amaguru mu gikombe cy'isi, Minisitiri wa Siporo wa Iran yavuze ko icyemezo cya nyuma kiri mu maboko ya letaa cyangwa Inama Nkuru y'Umutekano y'Igihugu.
Iran iri mu itsinda G hamwe n'Ububiligi, New Zealand na Misiri muri iki gikombe kizatangira mu kwezi kwa gatandatu. Itsinda ryabo rizakinira muri Amerika.
Minisitiri Ahmad Donyamali yagize ati: "Birashoboka ko icyemezo cyari ukudakina igikombe cy'isi," ariko ntiyatanze igihe icyo cyemezo kizafatwa.
Minisitiri yagize ati: "Imyitozo y'ikipe y'igihugu iteganijwe kuba mu cyumweru cya gatatu cya Gicurasi (5)mu gihugu cy'abaturanyi kandi izamara icyumweru kimwe.
"Niba umutekano atari mwiza ku bakinnyi kandi uwabakiriye (Leta Zunze Ubumwe za Amerika) atarahagarika ibikorwa by'intambara n'akaga, hazafatwa icyemezo gikwiye."
Ginani Infantino, perezida wa w'impuzamashyirahamwe y'umupira w'amaguru kw'isi (FIFA), yavuze ku wa gatatu ushize ko Iran izitabira igikombe cy'isi cya 2026: "Iran izitatabira nta kabuza. Twizeye ko icyo gihe hazaba hari amahoro, bizafasha cyane."
Yongeyeho ati: "Iran ikwiye kwitabira. Bahagarariye igihugu cyabo, bujuje ibisabwa kandi abakinnyi barashaka gukina."
Soma inkuru izindi nkuru hano:
Papa yashitse muri Guinée Equatoriale inyuma yo kwiyamiriza ubutegetsi bw’igitugu
Papa Léon yashitse kuri uyu wa kabiri muri Guinée Équatoriale, mu gice ca nyuma c'urugendo rwiwe mu bihugu bine vyo muri Afrika, kikaba ari igihe gihambaye mu rugendo rwasobanurwa n'ukwiyamiriza ubutegetsi bw'igitugu n'ubusumbane.
Ashitse ku murwa mukuru Malabo avuye muri Angola aho yiyamirije ihohoterwa rikorerwa abantu bageramiwe rikorwa n'abantu bakomeye kw'isi.
Mu rugendo rwiwe, Papa Leo yakiriwe na prezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, ari ku butegetsi kuva mu 1979, kandi akunze kunegurwa ku bijanye n’agateka ka zina muntu.
Abaharanira agateka ka zina muntu babona ko Papa ari akaryo ko gushimangira akamo ko kwubaha amategeko, ubutungane n’ukubazwa ivyo umuntu akora ari ngirakamaro mu barongozi.
Uru rugendo rufise kandi insiguro ikomeye, kuko Papa Leo yibutse uwamubanjirije, Papa Francis, yitavye Imana umwaka uheze.
Kubera ko abarenga 70% vy’abanyagihugu ari Abagatolika, uru rugendo rufise akamaro kanini mu vy’idini no mu vya politike.
Muri iki gihugu ari na co azosorezamwo urugendo rwiwe muri Afrika, Papa Fransisiko azogendera ibohero ricunzwe cane i Bata no gusengera ahabereye ibisasu mu 2021, yerekana impungenge z'agateka ka zina muntu hamwe n'uko bikenewe ko habaho gukorera mu muco.
Izindi nkuru wosoma :
Pentagon yatangaje ko ingabo za Amerika zinjiye ku bwato bwafatiwe ibihano mu ijoro ryakeye
Pentagon yatangaje ko ingabo z'Amerika zinjiye ku bwato bwafatiwe ibihano mu ijoro ryakeye mu karere ka Indo-Pacific “nta kibazo kibayeho”, mu rwego rwo “guhagarika imiyoboro itemewe ishyigikira Iran.”
Mu butumwa yashyize kuri X, Minisiteri y’Ingabo ya Amerika yavuze ko “yakoresheje uburenganzira bwo gusura, guhagarika no kugenzura ubwato bwo mu nyanja, ndetse no kwinjira ku bwato butagira igihugu bubarizwaho bwitwa M/T Tifani, nta kibazo kibaye.”
Iyo minisiteri yasangije aya makuru amafoto n’amashusho y’icyo gikorwa.
Yanavuze ko ikomeje “gukurikirana ibikorwa byo kugenzura inyanja ku rwego mpuzamahanga, hagamijwe guhagarika imiyoboro itemewe no kubuza ubwato bufatiwe ibihano gutanga ubufasha kuri Iran aho bwaba bukorera hose.”
Yongeyeho iti: "Amazi mpuzamahanga si ubuhungiro bw’ubwato bufatiwe ibihano."
Izindi nkuru wasoma:
Umwami w'Ubwongereza avuga ko Umwamikazi yari kuba yarahungabanyijwe cyane n’isi ya none
Umwami Charles III w'Ubwongereza yatanze ubutumwa bw’amashusho bwihariye yibuka ubuzima bw’ “Umubyeyi [we] yakundaga cyane”, Umwamikazi Elizabeth II, ku isabukuru y’imyaka 100 yari bwuzuze iyo aza kuba akiriho.
Charles III yavuze ko iyo nyina aza kuba akiriho atari kwishimira uko isi imeze muri iki gihe.
Yagize ati: “Ibintu byinshi by’iki gihe turimo ntekereza ko byari kumuhangayikisha cyane,” ariko ntiyagaragaje ibibazo runaka byihariye, yaba ibiri mu gihugu cy'Ubwongereza cyangwa mu mahanga.
None ku wa Kabiri, ubwo u Bwongereza buraba bwizihiza isabukuru y’imyaka 100 y’umwe mu bamamaye mu mateka yabwo, igishushanyo gikozwe muri Bronze cy’uwahoze ari Umwamikazi kigaragaza uko yari ameze akiri muto kirerekanwa n'Umwami Charles.
Iki gishushanyo, cyakozwe na Martin Jennings, kigaragaza Umwamikazi akiri muto yambaye imyambaro y’icyubahiro y’Iteka rya Order of the Garter.
Iyi shusho igiye gushyirwa ahagaragara hashize imyaka 100 uhereye ku itariki yavukiyeho, 21 Mata 1926, ubwo Princess Elizabeth yavukiraga mugace k’ umujyi wa Bruton muri Mayfair i Londres.
Izindi nkuru wasoma:
Iran ifite “amakarita mashya ku rugamba” mu gihe agahenge karangira mu minsi ibiri
Perezida Donald Trump yatangaje ko “bisa n’ibidashoboka” ko agahenge k’ibyumweru bibiri hagati ya Iran na Amerika kazongerwa mu gihe umukuru w’inteko ishingamategeko ya Iran na we yaburiye ko bamaze igihe bategura “amakarita mashya” yo gukoresha ku rugamba.
Impande zombi zavuze ibi mu gihe ubu hari icyizere gicye ko ibiganiro biteganyijwe hagati ya Iran na Amerika i Islamabad muri Pakistan biza kubaho.
Ibiro bya perezida wa Amerika byemeje ko intumwa zikuriwe na Visi Perezida JD Vance zerekeza muri Pakistan muri ibyo biganiro, nubwo batavuze igihe.
Naho ibiro ntaramakuru bya leta ya Iran byatangaje ko “kugeza ubu, nta ntumwa zavuye muri Iran zijya i Islamabad”.
Basubiramo kandi Mohammad Bagher Ghalibaf ukuriye inteko ishinga amategeko ya Iran, ari na we wari ukuriye abagiye mu biganiro mbere, avuga ko Tehran itazemera ibiganiro “bishingiye ku bikangisho”.
Hagati aho, Major General Abdullahi umwe mu bagaba bakuru b’umutwe w’ingabo wa IRGC yatangaje ko ingabo za Amerika na Israel “zihebye kandi zinaniwe” ko ariyo mpamvu Trump “ashaka cyane agahenge”.
Abdullahi yavuze ko ingabo za Iran zitazemera “kubeshya no kuyobya kwa perezida wa Amerika” bigamije “guhimba amakuru atari yo y’uko ibintu byifashe ku rubuga” rw’intambara “cyane cyane ku kibazo cy’umuhora wa Hormuz”, nk’uko asubirwamo n’ibiro ntaramakuru Fars bifitanye isano na IRGC.
Izindi nkuru wasoma:
Nigeria: Umugore yatsindiye igihembo cyo ku rwego rw'isi kubera kugerageza kurokora uducurama
Umuhanga muri siyansi wo muri Nigeria washingiye ku buzima yabayemo bujyanye n’imiriro y’agasozi, inkeke itera ku ducurama turi mu byago byo gushiraho yari amaze iminsi avumbuye, hamwe n’igikorwa cye cyo kuturinda, byatumye atsindira igihembo mpuzamahanga cyo kurengereza ibidukikije cyitwa 'Goldman Environmental Prize'.
Iroro Tanshi avuga ko ari "icyubahiro kidasanzwe" kuba yatsindiye icyo gihembo.
Tanshi yavuze ko kubona utwo ducurama (cyangwa uduhungarema mu Kirundi) mu cyanya (parike) cyitwa 'Mountain Wildlife Sanctuary' cyo mu majyepfo ashyira uburasirazuba bwa Nigeria, ku nshuro ya mbere mu myaka hafi 50, byagakwiye kuba byarabaye “inkuru ikomeye” mu bitangazamakuru.
Ariko yabwiye ikiganiro 'BBC Focus on Africa podcast' ko hari hari “ikibazo gikomeye... imiriro y’agasozi”.
Muri icyo gihugu aho uducurama akenshi dusanishwa n’abapfumu, Tanshi yashoboye gutangiza igikorwa kigirwamo uruhare n’abaturage cyo kuturinda, abinyujije mu kurwanya imiriro y’agasozi mu bice uducurama tubamo.
Mu kuvuga ku kuntu yashoboye guhindura imyumvire y’abaturage, uwo muhanga mu mibanire y’ibinyabuzima yagize ati: “Rwose ni ikibazo cya [cyo kumenya]: ‘Ni gute twemeza abantu kurinda aho [uducurama] tuba?’
“Ku byacu [mu byo twakoze], ni ukubera ko ikibazo cy’umuriro w’agasozi cyari n’ikibazo cy’abaturage – aho ni ho twafatiye.”
Tanshi – ubu ukora ubushakashatsi bwibanda ku ducurama kuri Kaminuza ya Washington muri Amerika nyuma yo kurangiza amasomo yo ku rwego rw’ikirenga (PhD) – yari yabonye ko imiriro y’agasozi iterwa n’abantu, ari imwe mu nkeke zugarije utwo ducurama turi mu byago byo gushiraho.
Ni umwe muri batandatu batsindiye igihembo 'Goldman Environmental Prize' cy'uyu mwaka wa 2026. Ku nshuro ya mbere mu myaka 37 kimaze gitangwa, abagitsindiye bose uyu mwaka ni abagore.
Izindi nkuru wasoma:
DR Congo: PeaceGold itegekanya gutangura gushora inzahabu naho hakiri intambara
Ishirahamwe ryo mu Bwongereza, PeaceGold, rivuga ko ritegekanya gutangura gushora inzahabu mu kwezi kw’icenda ziva mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, naho ako karere kakirangwamwo umutekano muke n’ubudandaji bwa magendu, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Mu buseruko bwa Congo, cane cane mu ntara ya Ituri na Kivu ya ruguru, hamaze imyaka hari mu intambara z’imirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo n’umuhari wa M23, aho Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunze, ubuzima n’ubutunzi bigahungabana.
Inzahabu ni kimwe mu butunzi buhambaye cane muri ako karere, ariko bikavugwa ko iyirenga igice c'iyivayo isohorwa mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.
PeaceGold yatanguye mu 2013 ifatanije n’ishirahamwe Conflict Resolution Center, ifise intumbero yo gutunganya ubucukuzi bw’inzahabu bukorwa n’abanyagihugu no gusubiza mu buzima busanzwe abahoze mu mirwi yitwaje ibirwanisho.
Ubu ikorana n’amashirahamwe 11 y’abacukuzi muri Ituri n’abakozi bashika ku 25.000.
Uwashinze iryo shirahamwe, Greg Valerio, avuga ko ugushora inzahabu bizotangura bukebuke, bikazoshika kuri biro 50 ku kwezi mu myaka itatu.
Intumbero ni uko gushika kuri 80% vy’agaciro k’inzahabu bisigara mu gihugu no mu banyagihugu.
Izindi nkuru wosoma:
Kompanyi Apple yashyizeho umuyobozi mushya wayo John Ternus
Kompanyi Apple ikora ibikoresho by'ikoranabuhanga yatangaje ko John Ternus ari we uzaba umuyobozi nshingwabikorwa (CEO) mushya wayo, agasimbura Tim Cook weguye nyuma y’imyaka 15 ayoboye iyi kompanyi yo muri Amerika.
Ternus, ubu uyobora ishami rishinzwe ubwubatsi bw’ibikoresho (hardware engineering), umaze imyaka 25 akorera Apple, azatangira izi nshingano ku itariki ya mbere Nzeri (9) uyu mwaka, naho Cook azahinduka umuyobozi mukuru w’inama y’ubutegetsi ya Apple.
Cook yabaye umuyobozi mukuru wa Apple kuva mu 2011, nyuma yuko Steve Jobs, umwe mu bashinze iyi kompanyi, yeguye kubera ibibazo by’ubuzima, mbere gato yuko apfa.
Cook azakomeza kuba umuyobozi mukuru kugeza ku mpeshyi, kugira ngo akorane na Ternus mu ihererekanya ry’ubuyobozi, nyuma yaho azakomeza gufasha muri bimwe "mu bikorwa by'iyi kompanyi, harimo no kuganira n’abafata ibyemezo hirya no hino ku isi.”
Icyemezo cya Cook cyo kuva ku mwanya w’umuyobozi nshingwabikorwa gikurikiye amezi yari ashize hari uguhwihwisa ko Apple irimo gushaka uzamusimbura.
Izindi nkuru wasoma:
Ubuyapani: Abasirikare batatu bapfuye ubwo igisasu cyaturikiraga imbere mu gifaru bari mu myitozo
Abasirikare batatu b’Ubuyapani bapfuye mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri ubwo bari mu myitozo yo kurashisha igifaru mu kigo kiri mu ntara ya Oita mu majyepfo y’igihugu, nk’uko byatanjwe na Minisitiri w’intebe w’iki gihugu.
Mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga Takaichi Sanae yavuze ko muri iyo myitozo yo kurashisha ibifaru bya Type 10 “igisasu bivugwa ko cyaturikiye imbere mu mbunda” kitarasohoka.
Uko guturika kwabereye imbere mu gifaru kwatumye “mu bantu bane bari bakirimo, batatu bapfa undi umwe arakomereka” nk’uko Minisitiri w’intebe Sane abivuga. Yongeraho ko hakirimo gukorwa iperereza.
Ibinyamakuru mu Buyapani bivuga ko abapfuye ari abagabo batatu bari mu myaka 20 na 40 naho umugore umwe uri mu myaka 20 agakomereka.
Muri Kanama(8) ishize, abasirikare babiri bo mu ngabo zirwanira ku butaka barapfuye bishwe n’inkuba ubwo bari mu myitozo muri kiriya kigo nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru byo mu Buyapani.
Izindi nkuru wasoma:
Trump avuga ko Amerika itazokuraho ukwugara Hormuz gushika habonetse amasezerano na Iran
Perezida Donald Trump avuga ko Amerika itazokuraho izibira ryayo ku bivuko vya Irani gushika habonetse amasezerano na Iran.
Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ko iryo hagarikwa, ryatanguye mu ndwi iheze, “ririko rirasambura Iran cane,” yongerako ko igihugu ciwe kiriko kiratsinda iyo ntambara “ku rugero runini cane”.
Ivyo yabivuze mu gihe agahengwe k’intambara hagati ya Amerika na Iran kari kategekanijwe kurangira ku wa gatatu, ariko hakaba hataramenyekana neza nimba ibiganiro bishasha vy’amahoro bizobandanya muri Pakistan.
Umutekano warakajijwe mu murwa mukuru Islamabad wa Pakistan mu kwitegura ivyo biganiro. Ariko icegera c’umukuru wa Amerika, JD Vance, ari we yari gutwara umugwi wa Amerika, ntarava i Washington, mu gihe Iran yo ivuga ko itarafata ingingo yo kwitaba.
Kuva iryo hagarikwa ritanguye, igisirikare ca Amerika categetse ubwato 27 gusubira ku kivuko ca Iran, nk’uko bivugwa n’ibiro bikuru vy'imirwano vyo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (CENTCOM).
Amerika kandi, ku ncuro ya mbere muri iyi ntambara, yarafashe ubwato bw’imizigo bufise ibendera rya Iran, inyuma y’uko bwagerageje kurenga iryo zibira ku musi w’Imana.
Izindi nkuru wosoma:
DR Congo: Abantu barenga 200 batabawe bamburwa umutwe wa ADF
Abasivile barenga 200 bari barashimuswe mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) n’umutwe witwaje intwaro wa ADF ufite aho uhuriye n’umutwe wiyita Leta ya Kisilamu (IS), batawe mu gikorwa cya gisirikare, nkuko ingabo z’igihugu gituranyi, Uganda (UPDF), zabitangaje.
Abasirikare ba Uganda, ku bufatanye na bagenzi babo ba DRC, binjiye mu nkambi igenzurwa n’umutwe w’intagondwa wa ADF, ufite inkomoko muri Uganda.
Itangazo ry’ingabo za Uganda rivuga ko abana bari mu babohojwe, umuto cyane muri bo akaba ari umukobwa w’imyaka 14.
ADF yashingiwe muri Uganda mu myaka ya 1990 n’abantu bari babajwe n’uburyo leta ifatamo abayisilamu. Ariko nyuma yo kwirukanwa n’ingabo muri Uganda, abasigaye bo muri uwo mutwe bahungiye hakurya y’umupaka muri DRC.
Mu mwaka wa 2021, Uganda na DRC byatangije igikorwa cya gisirikare bihuriyeho kigamije kwirukana ADF mu bice yagize indiri zayo muri DRC, ariko kugeza ubu icyo gikorwa cyananiwe guhagarika ibitero by’uwo mutwe.
Ntibisobanutse igihe abo basivile batabawe bari barashimuswe n'aho bari barashimuswe bavanwa, ariko itangazo ry'ingabo za Uganda ryavuze jo abo bari barashimuswe basobanuye "uburyo bubi bari babayemo aho bari bari bashimuswe, burimo ibiribwa bicye, imirimo y'agahato n'igihano ku kutumvira".
Abategetsi bavuze ko bamwe basaga nk'abafite intege nkeya ndetse barwaye malariya, bafite ibibazo byo guhumeka no kunanirwa cyane.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.