DR Congo: PeaceGold itegekanya gutangura gushora inzahabu naho hakiri intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe ryo mu Bwongereza, PeaceGold, rivuga ko ritegekanya gutangura gushora inzahabu mu kwezi kw’icenda ziva mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, naho ako karere kakirangwamwo umutekano muke n’ubudandaji bwa magendu.
Mu buseruko bwa Congo, cane cane mu ntara ya Ituri na Kivu ya ruguru, hamaze imyaka hari mu intambara z’imirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo n’umuhari wa M23, aho Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunze, ubuzima n’ubutunzi bigahungabana.
Inzahabu ni kimwe mu butunzi buhambaye cane muri ako karere, ariko bikavugwa ko iyirenga igice c'iyivayo isohorwa mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.
PeaceGold yatanguye mu 2013 ifatanije n’ishirahamwe Conflict Resolution Center, ifise intumbero yo gutunganya ubucukuzi bw’inzahabu bukorwa n’abanyagihugu no gusubiza mu buzima busanzwe abahoze mu mirwi yitwaje ibirwanisho.
Ubu ikorana n’amashirahamwe 11 y’abacukuzi muri Ituri n’abakozi bashika ku 25.000.
Uwashinze iryo shirahamwe, Greg Valerio, avuga ko ugushora inzahabu bizotangura bukebuke, bikazoshika kuri biro 50 ku kwezi mu myaka itatu.
Intumbero ni uko gushika kuri 80% vy’agaciro k’inzahabu bisigara mu gihugu no mu banyagihugu.
Izindi nkuru wosoma:





