Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwato rutura bw’intambara bwa Amerika bwasatiriye amazi ya Iran mu gihe umwuka ukomeje kuba mubi
Igisata cyacu cya BBC Verify kimaze ibyumweru gikurikirana ibikorwa bya gisirikare bya Amerika mu karere k’Uburasirazuba bwo hagati, ubu cyabashije kubona aho ubu bwato bugeze hatari kure cyane ya Iran.
Incamake
- Ukwiyunguruza n'indege muri Kenya biriko bihungabana kubera abakozi bahagaritse akazi. Ku wa mbere w'indwi iheze, bari batangaje ko guhera uno musi bari guhagarika akazi mu gihe ababarongoye batoba baratorera umuti ibibazo vyabo
- Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres ariyamiriza yivuye inyuma ingendo yo kubandanya gutaramura Afrika mu kuyima ikibanza ntayegayezwa mu Nama nkuru y'Umutekano kw'isi
- Uwahoze ari Minisitiri w'ingufu muri Ukraine yatawe muri yombi ubwo yageragezaga kuva mu gihugu
- Netanyahu avuga ko amasezerano hagati ya Amerika na Irani agomba kuba arimo isenywa ry'ibikorwaremezo bya nikirieli
- Irani iriteguriye ibiganiro na Amerika ku mugambi wayo wa nikleyeri, mu gihe Amerika yoba yemera gukuraho ibihano ni ko umushikiranganji yabwiye BBC i Tehran
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Dinah Gahamanyi na Samba Cyuzuzo
Bashashe ibitenge aho Ndayishimiye aca mu kumwakira ashitse i Bujumbura avuye Addis Abeba
Prezida Evariste Ndayishimiye “yatashe nk’intwari ” mu Burundi avuye i Addis Abeba muri Ethiopia aho yahawe uburongozi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, irya mbere Uburundi bufashe iki kibanza.
Abantu ibihumbi babonetse ku mabarabara mugisagara ca Bujumbura baje kumwakira inyuma y’isekeza ryari ryabaye mu batuye iki gisagara ngo baze kumwakira ari benshi.
Evariste Ndayishimiye yabonetse arikumwe n’umugore wiwe batambuka n’amaguru barikumwe n’abajejwe umutekano wabo, Ndayishimiye agenda aramutsa abaturage ku mpadne zombi z’imihanda.
Nk’ikimenyetso co kumukeza muri ayo mabanga mashasha, hamwe hamwe muri ico gisagara abantu bakuye ibitenge babisasa mu nzira nawe arabitambukako.
Prezida Ndayishimiye abaye umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi ajejwe ayo mabanga ya Afrika y’ikiringo c’umwaka umwe.
Ararindiriwe no kugira ico akoze ku bibazo vy’intambara bivugwa muri Sudani, Sudani y’Epfo, akarere ka Sahel, na cane cane mu buseruko bwa Republica ya Demokrasi ya Congo aho igisirikare c’igihugu arongoye na co nyene kiri mu ntambara.
Abanenga ubutegetsi bwa Ndayishimiye bavuga ko afise ibibazo vyinshi vy’ubukungu imbere mu gihugu bitumye bikomeye ko azotanga umusanzu ukwiye ku ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.
Kuwa Mungu, ari i Addis Abeba, Ndayishimiye yavuze ko 'Uburundi bwiteguriye gutanga intererano mu kugarukana amahoro' kandi ko ikibazo c’intambara muri RD Congo kimuraje ishinga cane .
Izindi nkuru wasoma:
Kenya na Ghana bongereje inguvu ngo wa mugabo yafata abagore amashusho batabizi afatwe
Abategetsi bo muri Ghana na Kenya barongereje inguvu mu gukurikirana ikibazo c’umwenegihugu w’Uburusiya akekwako yafashe amashusho y’imibonano mpuzabitsina n’abagore batabimuhereye uruhusha,mu bihugu bitandukanye vya Afrika hanyuma ayo mashusho akayashira ku mbuga ngurukanabumenyi.
Leta y’Uburusiya yemeye ko yamenye ayo makuru ariko ntiyashimye kuvuga ko yiteguriye gufasha mu kumushikiriza ubutungane.
Mu butumwa bwashizwe ku rubuga X, ambasade y’Uburusiya i Accra muri Ghana yavuze ko “yamenye ayo makuru”, mu gihe abategetsi ba Ghana batangaje ko basavye ko uwo muntu arungikwa muri Ghana kugira aburanishwe, kandi ko bagiye gukoresha inzira zose zirimwo na Interpol.
Kenya na Ghana, aho uyu mugabo yanyuze, vyiyamirije ivyo bikorwa, bivuga ko ari ihohoterwa rikomeye rikoresheje ubuhinga bwa none kandi rihungabanya agateka k’abagore.
Muri Kenya, Ubushikiranganji bujejwe iterambere ry’umugore, imico kama n’ibibazo vy’abana bwavuze ko ari ikintu kibabaje cane kandi gihonyanga uburenganzira bwo kwubahirizwa kwu gateza ka zina muntu, nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro.
Abategetsi baragabishije abantu kwirinda gusangira canke gusubira gukwiragiza ayo mashusho, kuko bishobora gufatwa nk’icaha kandi bikongera kubabaza abavugwa muri ayo ma video.
Mu gihe amakuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ko uwo muntu ashobora kuba yarabikoze muri Ghana no muri Kenya, hariko hariyongera abantu basaba ko ivyo bihugu vyokorera hamwe mu kurwanya ihohoterwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, kandi ivyo bihugu vyemeza ko bizobandanya kurondera ubutungane aho uwo muntu ari hose naho hataramenyekana neza nimba Uburusiya buzokorana muri ico kibazo.
Izindi nkuru wasoma:
Ubwato rutura bw’intambara bwa Amerika bwasatiriye amazi ya Iran mu gihe umwuka ukomeje kuba mubi
Ubwato butwara indege z’intambara n’ibitwaro kirimbuzi bwa Amerika bwitwa Abraham Lincoln ubu buri mu nyanja y’Abarabu ku ruhande rwa Oman, nk’uko amashusho y’icyogajuru abyerekana.
Igisata cyacu cya BBC Verify kimaze ibyumweru gikurikirana ibikorwa bya gisirikare bya Amerika mu karere k’Uburasirazuba bwo hagati, mu gihe Washington ikomeje kotsa igitutu ubutegetsi bwa Iran kuri gahunda yabwo y’ingufu za nikleyeri.
Nyuma y’amakuru ko ubwato USS Abraham Lincoln bwageze mu karere k’Ikigobe (Gulf region) ku wa 26 Mutarama(1), ubu bwato bwari butarongera kuboneka mu mashusho y’icyogajuru kugeza ejo ku cyumweru.
Mu isesengura ry'amashusho atangwa n’icyogajuru Sentinel-2 agakoreshwa ahanini mu kureba amato mu nyanja, BBC Verify yabashije kubona no kumenya Abraham Lincoln mu nyanja y’Abarabu – iri kuri kilometero 240 uvuye ku mwaro wa Oman.
Abategetsi ba Amerika bavuze ko ubundi bwato bwabo bwa kabiri, USS Gerald R Ford, nabwo bwoherejwe ngo busange Abraham Lincoln hamwe n’ibindi bikoresho bya gisirikare vuba aha byoherejwe muri aka karere.
Perezida Donald Trump yaburiye ko “byaba byiza” ubutegetsi bwa Iran buvuyeho, ariko ku rundi ruhande impande zombi zikomeje ibiganiro bigamije gusaba Iran guhagarika gutunganya ubutare bwa Uranium bukagera ku rwego bivamo ibisasu kirimbuzi.
Iran ivuga ko gahunda yayo yo gutunganya ubutare bwa Uranium itagamije gukora intwaro kirimbuzi ahubwo gukora ingufu za nikleyeri zifashishwa mu bikorwa by’iterambere nk’amashanyarazi n’ibindi.
Bimwe kuri ubu bwato bufatwa nka kimwe mu birango by’ingufu za Amerika
USS Abraham Lincoln, bwubatswe mu gihe cy’imyaka ine butangira gukora mu 1988, bupima toni hafi 100,000 z’uburemere.
Uretse indege z’intambara bufite ubushobozi bwo kwikorera no kuarasirwaho ibisasu bya kirimbuzi.
Ubu bwato bufite uburebure bwa metero 330, ni bwo bwa mbere bwagize ubushobozi bwo kugwaho no guhagurukiraho indege z’intambara kabuhariwe za ‘F-35C Lightning II fighters’.
Bufite ubushobozi bwo kumara amasaha 16 muri ‘operation’ budahagaze, bushobora kugendera ku muvuduko wa 56km/h kandi kuko bukoresha ingufu za nikleyeri bushobora kumara imyaka 20 bugenda mu nyanja budakeneye ibitoro.
Ukwiyunguruza n'indege muri Kenya biriko bihungabana kubera abakozi bahagaritse akazi
Ibikorwa ku bibuga vy’indege muri Kenya biriko birahungabana mu gihugu cose inyuma y’uko abari muri sendika y’abakozi bo mu gisata co kwunguza abantu n’ibintu n’indege bahagaritse akazi nk’uko bari bamenyesheje, kubera ibibazo bijanye n’imishahara hamwe n’uburyo basanzwe bakoramwo.
Igisata kijejwe ibibuga vy’indege ca Kenya (Kenya Airport Authority) casohoye itangazo kuri uno wa mbere kimenyesha ko ibikorwa ku kibuga mpuzamakungu c’indege Jomo Kenyatta biriko biracumbagira kubera iyi ngingo y’aba bakozi.
Ku wa mbere w’indwi iheze, hari ku wa 9 Ruhuhuma (2) 2026, abakozi ba sendika Kenya Aviation Workers Union, bahaye abarongoye igisata kijejwe kwunguruza abantu n’ibintu n’indege (Kenya Civil Aviation Authority) ikiringo c’imisi indwi, bavuga ko inyuma yaho bazoca bahagarika akazi, mu gihe ibibazo bafitaniye n’iki gisata bitoba bitaroterwa inyishu.
Bimwe muri ibi bibazo harimwo ko ubuyobozi bw’iki gisata kijejwe ivy’indege cananiwe no gutunganya amasezerano ahuza abakozi n’abakoresha, hamwe kandi n’uko abakozi bashirwa mu masezerano y’igihe gito mu kazi gakwiye kuba ak’igihe kirekire.
Itangazo ry’iki gisata rimenyesha ko hari ugucererwa mu ngendo ziva kuri iki kibuga kubera iri hagarikwa ry’akazi, rigasaba ingenzi kubanza kuvugana n’amakompanyi y’indege ziyandikishijemwo kugira ngo zihabwe amakuru agezweho ku bijanye n’ingendo zazo.
Ikompanyi ya Kenya, Kenya Airways, yunguruza ibintu n’abantu n’indege nayo nyene iravuga ko ibikorwa vyayo biriko birahungabana, haba ku ndege zigenda canje izishika, igasaba ingenzi kutihutira gufata inzira igana kuri ico kibuga zitabanje kuraba ko ingendo zazo zibandanya uko zateguwe.
Ikibuga c’indege c’i Nairobi, Jomo Kenyatta International Airport, ni kimwe mu bibuga vy’indege bikomeye mu karere no ku mugabane wa Afrika.
Abarongoye iyi sendika bavuga ko iyi ngingo yo guhagarika akazi izobandanya gushika habaye ibiganiro nyavyo hanyuma ibibazo vyabo na vyo bikaronka inyishu.
Kenya Civil Aviation Authority yari yituye amasentare mu kugerageza guhagarika iyi ngingo y’aba bakozi ariko nticabujije ko iba.
Ubushinwa 'buvanyeho' imisoro ku bicuruzwa biva mu bihugu 53 bya Afurika, uretse kimwe
Kuva tariki 01 Gicurasi(5) Ubushinwa buratangira gukuraho imisoro ku bicuruzwa byinjira ku isoko ryabwo bivuye mu bihugu 53 bya Afurika bifitanye umubano wa dipolomasi nabwo, nk’uko bivugwa n’itangazamakuru ryaho.
Ibiro ntaramakuru Reuters bisubiramo ikinyamakuru cya leta y’Ubushinwa kivuga ko Perezida Xi Jinping yatangaje iki cyemezo ku wa gatandatu.
Ubucuruzi hagati y’Ubushinwa na Afurika umwaka ushize bwageze ku mari yo hejuru butigeze bugeraho mbere, gusa Ubushinwa buracyohereza muri Afurika hafi inshuro ebyiri y’ibyo Afurika yo yoherezayo.
Mu kugabanya ubwo busumbane, Televiziyo y’iki gihugu ivuga ko Ubushinwa bizakomeza gusinya amasezerano y’ubufatanye mu bukungu n’ibihugu bya Afurika kugira ngo bufungure kurushaho isoko ryabwo kuri Afurika.
Ubushinwa niwe mufatanyabikorwa wa Afurika munini kurusha abandi ku isi mu bucuruzi, biciye ahanini mu mushinga wabwo uzwi nka “One Belt One Road Initiative” wo guteza imbere ubucuruzi hagati yabwo n’ibindi bihugu.
Ubushinwa busanzwe bwarakuyeho imisoro ku bicuruzwa biva mu bihugu 33 bya Afurika, ariko umwaka ushize ni bwo Beijing yari yatangaje ko izongera uyu mubare ukagera ku bihugu 53.
Guhera tariki 1 Gicurasi ibi bizatangira gushyirwa mu bikorwa kuri ibyo bihugu uretse igihugu cya Eswatini, kuko cyo gifitanye umubano wemewe na Taiwan – ikirwa gishaka ubwigenge bwacyo ku Bushinwa.
Ibihugu byinshi bya Afurika byarushijeho gufata Ubushinwa nk’umufatanyabikorwa ukomeye mu bucuruzi kuva umwaka ushize ubwo ubutegetsi bwa Donald Trump muri Amerika bwongeraga imisoro ku bicuruzwa by’ibindi bihugu bijyayo.
Ubucuruzi hagati ya Afrika n’Ubushinwa mu 2025 bwageze ku kigero butigeze bugeraho mbere, bugera ku mari ya miliyari $348 - inyongera ya 17% ugeraranyije na 2024.
Gusa, ibicuruzwa Ubushinwa bwohereza muri Afurika byageze kuri miliyari $225 (2025) mu gihe ibyo Afurika yoherejeyo byo bingana na miliyari 123$, nk’uko bivugwa na raporo ya Oxford Economics.
Izindi nkuru wasoma:
António Guterres aranegura itaramurwa rya Afrika mu Nama Nkuru ijejwe umutekano kw’isi
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU António Guterres ariyamiriza yivuye inyuma ingendo yo kubandanya gutaramura Afrika mu kuyima ikibanza ntayegayezwa mu Nama nkuru y’Umutekano kw’isi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akavuga ko ari ingingo itabereye muri kino gihe ca none.
Mw’ijambo yashikirije m'ikoraniro rigira 39 ry’Ubumwe bwa Afrika mu gisagara ca Addis Ababa, umugwa mukuru wa Ethiopia, Guterres yavuze ko ituganywa ry’ubutegetsi mpuzamakungu ari ngombwa ko rijana n’ingene ibintu bimeze ubu, aho gushingira ku kungene vyari bimeze mu 1946.
"Ubu turi mu 2026, ntituri mu 1946. Buri gihe iyo hari ingingo zifashwe kuri Afrika, ni ngombwa ko Afrika iba ari ho iri", niko yavuze, aca asaba ko haba impinduka zihutirwa.
Guterres ashimangira ko ishirahamwe ONU rishigikiye Afrika mu rugamba rwayo rwo kurondera ubutungane kw’isi yose, harimwo ukwemera uruhara rw’ubukoloni n’ubucakara, be no kwihutisha igikorwa co kurondera gushika ku ntego z’iterambere rirama.
Ashimangira ko gusubiramwo itunganywa ry’Inama nkuru ijejwe Umutekano kw’isi atari ku gushaka, ko ahubwo ari ngombwa kugira ngo isubire kugirirwa icizere.
Uwahoze ari Minisitiri w’ingufu muri Ukraine yatawe muri yombi ubwo yageragezaga kuva mu gihugu
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko uwahoze ari Minisitiri w’ingufu muri icyo gihugu yatawe muri yombi ubwo yageragezaga kuva mu gihugu.
Minisitiri German Galushchenko, weguye kugahato ku kazi ke ka leta umwaka ushize nyuma yo kuvugwa mu rubanza rwa ruswa, bivugwa ko yatawe muri yombi ubwo yari muri gari ya moshi yavaga muri Ukraine. Ntibiramenyekana neza aho yateganyaga kujya.
Yari mu bayobozi benshi ba leta bashinjwa ruswa ifite agaciro ka miliyoni 100 z'amadolari (miliyoni 75 z'amapawundi).
Iki gisebo cya rushwa cibasiye ubutegetsi bwa Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky muri rusange, bwagiyeho mbere y’uko Uburusiya butera icyo gihugu, akaba yari yasezeranye abanyagihugu kurandura ruswa.
Umukuru w'ingabo za Zelensky, Andriy Yermak, akaba n’umujyanama we wa hafi mu gihe cy'intambara, yeguye nyuma y'uko inzu ye isatswe.
Perezida cyangwa Yermak nta n'umwe muri bo wigeze ashinjwa icyaha icyo ari cyo cyose. Nyamara, iki gikorwa cy’urukozasoni cyongereye igitutu cya Amerika cyo gutegura amatora, yahagaze kuva intambara yatangira mu 2022, bitewe n’ingingo ziri mu itegeko nshinga rya Ukraine zihagarika amatora mu gihe igihugu kiri mu ntambara.
Ibiro by’igihugu bishinzwe kurwanya ruswa muri Ukraine (Nabu) byatangaje mu itangazo ryabyo ku cyumweru ko abashinzwe iperereza bafashe uwahoze ari Minisitiri w’ingufu “igihe yambutse umupaka w’iyi leta”, nk’igice cy’urubanza rwa Midas.
Ntabwo ryavuze Galushchenko mu buryo bweruye, ariko yavuzwe n'imiryango myinshi ikomeye y'itangazamakuru yo muri Ukraine.
Galushchenko yamaze igihe gito ari Minisitiri w’Ubutabera, umwanya yari afite ubwo Zelensky yamubwiraga kwegura mu Gushyingo, akaba yari amaze imyaka itatu ari Minisitiri w’Ingufu mbere y’aho.
Uwamusimbuye, Svitlana Hrynchuk, nawe yeguye nyuma yo gushinjwa muri ibyo byaha bya ruswa.
Netanyahu avuga ko amasezerano hagati ya Amerika na Irani agomba kuba arimo isenywa ry’ibikorwaremezo bya nikleyeri
Minisitiri w’Intebe wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, yavuze ku cyumweru ko yabwiye Perezida wa Amerika, Donald Trump, ko amasezerano ayo ari yo yose hagati ya Amerika na Irani agomba kuba arimo gusenya ibikorwa remezo bya nikleyeri bya Irani.
Mu ijambo rye mu nama ngarukamwaka y’abaperezida b’imiryango y’Abayahudi bo muri Amerika, Netanyahu yavuze kandi ko Isiraheli ikeneye "gusoza akazi" ko gusenya imiyoboro yose y'inzira n'imihanda y’ikuzimu izwi nka "tunnels" muri Gaza. Isiraheli, nk’uko yabivuze, yamaze gusenya ibirometero 150 (miles 93) mu birometero bigera kuri 500.
Ibiganiro bya kabiri hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani biteganijwe kuba muri iki cyumweru. Irani irimo gukurikirana amasezerano ya nikiliyeri na Leta Zunze Ubumwe za Amerika azagirira akamaro impande zombi mu bukungu, nk'uko byatangajwe ku cyumweru n'umudipolomate wa Irani.
Netanyahu yavuze ko afite gushidikanya kuri ayo masezerano ariko agomba kuba arimo gukuraho ibikoresho bikungahaye kuri Irani. Yagize ati: "Nta bushobozi bwo gukungahaza buzabaho - tuzasenya ibikoresho n'ibikorwa remezo bifasha gukungahaza ibi bitwaro bya kirimbuzi."
Irani na Leta Zunze Ubumwe za Amerika byongeye kuganira mu ntangiriro z'uku kwezi kugira ngo bikemure ikibazo cyabo kimaze imyaka ibarirwa muri za mirongo ku bijyanye na gahunda ya nikirilieri ya Tehran no kwirinda intambara nshya.
Abayobozi ba Amerika batangarije ibiro ntaramakuru bya Reuters ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zohereje ubwato bwa kabiri bw'intambara muri ako karere kandi ko zitegura ibikorwa bya gisirikare bishobora gukorwa mu gihe ibiganiro bitagenze neza.
Izindi nkuru wasoma:
Irani iriteguriye ibiganiro ku mugambi wayo wa nikleyeri, ni ko umushikiranganji yabwiye BBC i Tehran
Irani iriteguriye kwinjira mu biganiro na Amerika mu ntumbero yo kurondera amasezerano ku mugambi wa nikleyeri, mu gihe Abanyamerika boba bemera gukuraho ibihano, niko umushikiranganji wa Irani yabibwiye BBC.
Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntibahengeshanya gushimangira ko Irani ari yo ituma ata ntambwe iterwa muri ibi biganiro bimaze igihe.
Ku wa gatandatu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yavuze ko Perezida Donald Trump yipfuza amasezerano ariko ko ari “ikintu kigoye cane gushikako” na Irani.
Ariko, mu kiganiro n’umunyamakuru wa BBC i Tehran, Majid Takht-Ravanchi, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, yavuze ko umupira uri “mu minwe ya Amerika kugira ngo yerekane ko ishaka gushika ku masezerano”, akongerako ai: " Nimba koko bavyipfuza, ndazi neza ko tuzoba turi mu nzira ishikana ku masezerano”.
Trump agabisha ko ashobora gucucagira ibibombe kuri Irani ari nka hamwe amasezerano yo kuzibira umugambi wayo wa nikleyeri atoshikwako, kandi Amerika iriko iregeranya ingabo n’ibikoresho mu karere.
Mu ntango z’uku kwa kabiri, Amerika na Irani baragiriraniye ibiganiro bitari imbonankubone mu gihugu ca Oman kiri mu karere k’Ikigobe c’Abarabu. Takht-Ravanchi, igihe yemeza ko ibindi biganiro bizoba ku wa kabiri i Genève, yavuze ko ibintu vyari “mu nzira nziza ku rugero runaka”, ariko ko hakiri kare cane “kugira ngo umuntu ashobore kugira ico yokwemeza”. Trump na we nyene avuga ko ibi biganiro ari intambwe nziza.
Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire avuga ko kubona Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yemera kugabanya inguvu za uranium gushika ku bice 60% ari ikimenyetso c’uko ifise ishaka ryo gushika ku mwumvikano.
Amerika n’incuti zayo bifise ubwoba ko Irani yoba iri hafi yo guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara, ivyo Irani yamye yamirira kure.
Hampande yo kurondera ko Irani yohagarika umugambi wayo wa nikleyeri, ibiganiro kandi birondera ko iki gihugu co mu Kigobe c’Abarabu gihagarika umugambi wo guhingura ibisasu vya misire za ballistiques, iki kikaba ari ikintu Israel yipfuza cane, kuko ari yo iraswako ibi bisasu.
Hagati aho, Irani ntishaka kwumva ibiganiro vyoyisaba guhagarika uno mugambi.
"Igihe twaterwa na Israel hamwe na Amerika, misire zacu ni zo zadutabaye, none wumva twokwemera gute gutakaza ubushobozi bwacu”, ni ko Takht-Ravanchi ashimangira avuga.
Izindi nkuru ushobora gusoma:
Turabahaye ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.