Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzobere mpuzamahanga zinjiye mu muhate wa DR Congo wo gushaka ubutabera ku byaha bimaze imyaka 30
Ako kanama kazanasuzuma ibikubiye muri raporo ya ONU yiswe 'Mapping Report' yo mu mwaka wa 2010, ndetse n'ibikorwa byo kurenga ku mategeko bya vuba aha mu burasirazuba bwa DRC.
Incamake
- Inzobere mpuzamahanga zinjiye mu muhate wa DR Congo wo gushaka ubutabera ku byaha bimaze imyaka 30
- Sierra Leone yakuyeho ikirego cy'ubugambanyi ku wahoze ari perezida kijyanye n'igerageza rya Coup d'État
- Iran yakangishije gufunga izindi nzira z'ubucuruzi mu gihe Amerika yagabye ibindi bitero
- Kenya: Sentare yanse igisabo c'aba Rasta co kwemeza urumogi mu mategeko
- Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n'ibigo vy'umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y'ibiganiro.
- Espagne igiye gukina finale y'igikombe c'isi ku ncuro igira kabiri muri kahise kayo, inyuma y'uko yaraye yirahiye Ubufaransa 2-0, mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma rwa nijoro.
- Ishirahamwe Kofi Annan Institute rigabisha ko Kenya ishobora kwisanga mu ntureka zijanye n'amatora rusangi yo mu 2027 ku rugero rwa 84,1 kw'ijana.
- Abategetsi ba Afrika y'Epfo bari mu matohoza kw'iyicwa ry'umwe mu barongoye urugamba rwo kurwanya abimukira ryabaye mu ntango z'uku kwezi.
- Finale y'Igikombe c'Isi: Akaruhuko ko hagati y'igice ca mbere n'ica kabiri gashobora gushika ku minota 25
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Inzobere mpuzamahanga zinjiye mu muhate wa DR Congo wo gushaka ubutabera ku byaha bimaze imyaka 30
Akanama gashya k’ubujyanama kagizwe n’abanyamahanga katangijwe ngo gasuzume amarorerwa amaze imyaka 30 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Ako kanama ko gusuzuma amarorerwa yabaye muri DRC (‘Council for the Examination of Atrocities’), kazagira inama ibigo bibiri byo muri DRC ku bijyanye n’ubutabera mu gihugu kivuye mu ntambara (ibizwi nka ‘transitional justice’): ikigega cy’igihugu cy’indishyi na komisiyo ihuza za minisiteri yo gufasha abahohotewe no gutanga ubufasha mu mavugurura.
Ako kanama, kayobowe n’impirimbanyi n’Umunye-Congo Julienne Lusenge n’umunyamategeko w’Umwongereza Sir Howard Morrison KC, karimo inzobere mu mategeko mpuzamahanga, dipolomasi n'inzobere zo muri za kaminuza.
Abagize ako kanama barimo uwahoze ari ambasaderi w’Amerika ushinzwe ibyaha byo mu ntambara Stephen Rapp, umudipolomate w’Umunya-Ghana Patrick Hayford, umucamanza Nina Jørgensen ufite ubwenegihugu bw’Ubwongereza n’ubwa Norvège, ndetse n’Umufaransa w’inzobere mu mategeko, Pascal Turlan.
Aka kanama kazanasuzuma ibikubiye muri raporo ya ONU yiswe ‘Mapping Report’ yo mu mwaka wa 2010, ndetse n’ibikorwa byo kurenga ku mategeko bya vuba aha mu burasirazuba bwa DRC, gatange umurongo wo gukurikiza mu mategeko na dipolomasi kugira ngo habeho kwemerwa kw’ibyaha n’indishyi ku bahohotewe.
Mu nama ya mbere y’ako kanama yabaye muri iki cyumweru, habayeho kumva amakuru mashya ku bikorwa by’ubukangurambaga na gahunda zo gusubiza mu buzima busanzwe. Lusenge yavuze ko “gahunda ya mbere y’aka Kanama izaba kureka guceceka”.
Itangizwa ry’aka kanama ribaye mu gihe Kinshasa ikomeje urubanza mu rukiko mpuzamahanga rw’ubutabera aho irega u Rwanda, mu gihe Perezida wa DRC Félix Tshisekedi asaba ko amahanga yemera icyo yise “jenoside icecetse [ikorwa bucece]”.
Izindi nkuru wasoma:
Sierra Leone yakuyeho ikirego cy'ubugambanyi ku wahoze ari perezida kijyanye n'igerageza rya Coup d'État
Leta ya Sierra Leone yakuyeho ibirego, birimo n'icy'ubugambanyi, ku wahoze ari Perezida w'icyo gihugu Ernest Bai Koroma, watawe muri yombi bijyanye n'igerageza ryo guhirika ubutegetsi (Coup d'État) ryabaye mu myaka hafi itatu ishize.
Minisitiri ushinzwe gutangaza amakuru Chernor Bah yabwiye BBC ko ibyo birego byakuweho ku mpamvu z'ubuzima.
Koroma, w'imyaka 72, yakomeje guhakana avuga ko nta ruhare yagize muri iryo gerageza ryo guhirika ubutegetsi ryabaye mu Gushyingo (11) mu 2023, ubwo abagabo bitwaje imbunda biraraga mu bubiko bw'intwaro no mu magereza menshi, bakarekura imfungwa hafi 2,000.
Inkuru irambuye hano
Iran yakangishije gufunga izindi nzira z'ubucuruzi mu gihe Amerika yagabye ibindi bitero
Iran yakangishije gufunga izindi nzira z'ubucuruzi zo mu karere, mu gihe Amerika yagabye ibindi bitero ku hantu hari ibikorwa bya gisirikare.
Umutwe wihariye wo mu ngabo za Iran witwa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) wavuze ko Umuhora wa Hormuz uzakomeza gufungwa kugeza Amerika iretse "ibikorwa by'ubushotoranyi". Wanakangishije gufunga indi miyoboro y'ibikomoka kuri peteroli n'iya gaze yo muri ako karere ikoreshwa mu kubyohereza mu mahanga.
Uko kuburira kubaye mu gihe bumwe mu buyobozi bukuru bw'ingabo z'Amerika (CENTCOM) bwavuze ko mu gitondo cyo kuri uyu wa gatatu bwagabye ibitero bya 'drone', ibyo mu kirere n'ibyo mu mazi kuri Iran, nyuma y'ikindi gikorwa cya gisirikare cyo mu ijoro ryacyeye cyamaze amasaha arindwi.
Inkuru irambuye hano
Kenya: Sentare yanse igisabo c'aba Rasta co kwemeza urumogi mu mategeko
Muri Kenya, sentare nkuru yanse ibisabwa n'umuryango w'Aba Rasta barondera ko urumogi rukoreshwa mu buryo bwemewe n'amategeko ku mvo z'idini.
Umuryango w'Aba Rasta wari wavuze ko kubuzwa kwihereza urumogi bihonyanga uburenganzira bwawo bwo kugira umwidegemvyo wo gusenga no kwizera, nk'uko bitegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Finale y’Igikombe c'Isi: Akaruhuko ko hagati y'igice ca mbere n'ica kabiri gashobora gushika ku minota 25
Mu karuhuko ko hagati y'igice ca mbere n'ica kabiri c'urukino ruzobera ku kibuga ca New York New Jersey Stadium, hazoba igiteramo c'iminota 11 giteye nk'ibiteramo vya Super Bowl, kizoririmbwamwo na Madonna, Shakira n'umugwi w'abaririmvyi b'Abanyakoreya BTS.
Naho amakuru ava mu bategura Igikombe c'Isi ba FIFA yerekana ko ako karuhuko gashobora kumara nk'iminota 20, bivugwa ko hari uburyo bwo kugumana akaruhuko gasanzwe k'iminota 15 hanyuma hagakurikira ico giteramo c'iminota 11.
Amategeko y'umupira w'amaguru agenwa na IFAB (International Football Association Board) avuga ko abakinyi bemerewe akaruhuko ko hagati y'ibice bibiri vy'umukino “katarenza iminota 15”.
Mu rukino rwa nyuma rw'Igikombe c'Isi c'imirwi (Coupe du monde des clubs/Club World Cup ) na rwo nyene rwabereye i New Jersey umwaka uheze kandi rwari rwateguwe na FIFA, akaruhuko ko hagati y'igice ca mbere n'ica kabiri kamaze iminota 24 kubera igiteramo caremeshejwe na Coldplay, J Balvin, Doja Cat, Tems na Emmanuel Kelly.
Mu ndwi iheze, Justin Bieber yarongerewe ku rutonde rw'abazoseruka muri ico giteramo co ku wa Mungu, akazokwifatanya na Burna Boy, Gustavo Dudamel hamwe na PS22 Chorus bazoririmbana na Coldplay, mu gihe umuririmvyi Chris Martin yafashije mu gutegura ico giteramo.
Urukino rwa nyuma rw'Igikombe c'Isi ruzotangura isaha icenda z’umuhingamo i New Jersey (hazoba ari isaha zitatu z’ijoro mu masaha ya Kigali na Gitega), mu gihe ibirori vyo gusozera iri higanwa bizotangura isaha indwi n’igice z’umurango (13h30, hazoba ari isaba imwe n’igice z’ijoro mu Burundi no mu Rwanda).
Tom Cruise, Laura Pausini, Nicole Scherzinger, Robbie Williams na IShowSpeed na bo bitegekanijwe ko bazoba mu baremesha ivyo birori, mu gihe Jennifer Hudson azoririmba indirimbo y’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Urukino rwa nyuma ruzohuza Espagne yaraye ironse itike inyuma yo gutsinda Ubufaransa 2-0, ikazohura n'uwutsinda mu rukino rutegekanijwe kuri uno wa gatatu hagati y'Ubwongereza na Argentine.
Afrika y'Epfo mu matohoza kw'iyicwa ry'umwe mu barongoye umuhari urwanya abimukira
Abategetsi ba Afrika y’Epfo bari mu matohoza kw’iyicwa ry’umwe mu barongoye urugamba rwo kurwanya abimukira ryabaye mu ntango z’uku kwezi.
Andile Mvuyiselwa Somgaxa yarasiwe hanze y’inzu yiwe ku wa 4 Mukakaro (7) akaba yahavuye ahitanwa n’ibikomere inyuma y’imisi itanu.
Mw’itangazo caraye gisohoye, igipolisi ca Afrika y’Epfo kivuga kocashinze umurwi w’abahinga mu vy’umutekano kugira ngo ukore amatohoza ku rupfu rwa Andile Mvuyiselwa Somgaxa.
Somgaxa yari arongoye umuhari March and Marchmu ntara ya Gauteng umurwi urwanya abimukira umaze amezi atari make utegura imyiyerekano mu gihugu cose.
Abagize uwo murwi bariyemeje kwama bakora iyi myiyerekano buri ndwi gushika bashitse ku ntego yabo.
Basaba reta kwongereza inguvu kugira ngo ibuze abimukira badafise ivyangombwa kwinjira mu gihugu bavuye mu bindi bihugu vyo mu karere.
Hagati aho, abategetsi bariyamirije abo bose batera ubwoba canke bahohotera abanyamahanga baba muri Afrika y’Epfo.
Ejo ku wa kabiri, bamwe mu bagize uwo murwi barafashwe n’igipolisi bagirizwa kwigira abakozi bajejwe abinjira n’abasohoka, bategeka abanyamahanga kuva muri ico gihugu.
Icuka kibi gishingiye ku kibazo c’abimukira muri Afrika y’Epfo kigenda ciyongera, aho bamwe mu banya-Afrika y’Epfo bagiriza abimukira badafise ivyangombwa ko babatwara ubuzi bigatuma ubushomeri n’ubugizi bwa nabi vyiyongera.
Icegeranyo cerekana ko amatora ya Kenya y’umwaka uza wa 2027 ashobora kurangwa n’intureka
Kenya irashobora kwisanga mu ntureka zijanye n’amatora rusangi yo mu 2027 ku rugero rwa 84,1 kw’ijana, nk'uko biri mu cegeranyo gishasha y’Ishirahamwe Kofi Annan institute.
Iki cegeranyo gisigura ko uru rugero ari umwihwezo w’ibishobora gushika, ariko ko kidasigura ko bitegerezwa gushika. Ni co gituma iryo shirahamwe ritera akamo, reta, abategetsi ba poritike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abanyagihugu gufata ingingo hakiri kare kugira ngo bongereze inguvu mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro no kuzibira intureka imbere y’uko zaduka.
"Ibi biharuro ni umwihwezo ku bishobora kuba, si icemezo c’ibizoba. Bikwiye kuba akamo ko gufata ingingo kare kugira ngo utwigoro tw’amahoro dutsimbatazwe maze intureka zikingwe zitaraduka”.
Nk'uko iri shirahamwe ribivuga, amatora ashobora kuba akaryo ko gukomeza intwaro rusangi, ariko kandi ashobora gutuma indyane za poritike ziyongera mu gihe hokwaduka ugucanamwo hagati y’abanyaporitike, inzego zijegajega canke mu gihe abanyagihugu botakaza icizere mu nteguro z’ayo matora.
Iki cegeranyo kivuga kandi ko Ikigereranyo c’Ingaruka z’Amatora (Election Risk Index) gikoresha ibimenyetso bishingiye kuri poritike, ku mibano, ku butunzi n’iuburongozi mu kwihweza uko ibintu vyifashe imbere y’amatora no kuburira hakiri kare abafata ingingo, abajejwe amatora n’abandi bose babifisemwo uruhara.
Ayandi makuru:
Igikombe c’isi: Espagne yaraye isezereye Ubufaransa inyuma y’urukino rwo ku rwego rwo hejuru yerekanye
Espagne igiye gukina finale y’igikombe c’isi ku ncuro igira kabiri muri kahise kayo, inyuma y’uko yaraye yirahiye Ubufaransa 2-0, mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma rwa nijoro.
Rwari urukino abatari bake bari biteze kuraba ingene bigenda hagati y’abasatirizi babiri ba La Liga, ihiganwa rya Espagne, Lamine Yamal wa Barcelona, hamwe na Kylian Mbappe wa Real Madrid.
Mu nkino zose bwagiye bukina kuva iri higanwa ritanguye, Ubufaransa bwagiye bwerekana ko bukomeye cane kuko bwagiye butsinda inkino zose. Ariko mu rukino rwa nijoro, Espagne yabweretse ubudasa, kandi vyaragaragaye ko bwarushijwe.
Mu gihe Ubufaransa bwari bwiteze gukina finale y’igikombe c’isi ku ncuro ya gatatu bwikurikiranya, ikosa rya Lucas Digne ku musatirizi Lamine Yamal ryavuyemwo penalty yahaye Espagne igitsindo ca mbere itewe na Mikel Oyarzabal ku munota wa 22, maze ica ironka inguvu zidasanzwe zo gufata urukino mu minwe.
Igihe cose Abafaransa bagira ngo bagomba bivyukiranye kugira ngo basatire, abakinyi ba Luis de la Fuente baba bahagaze neza kandi batajugumira. Igitsindo ca kabiri ca Espagne cinjijwe na Pedro Porro ku munota wa 58 caje kurangiza ibizigizigi vyose vy’Abafaransa.
Ubu Didier Deschamps n’abakinyi biwe ba “Les Bleus” basigaranye amahirwe yo kuzokinira ikibanza ca gatatu ku wa gatandatu, aho bazohura n’uwuza gutsindwa mu rundi rukino rw'igice ca kabiri nyene gishira ica nyuma rutegekanijwe kuri uno wa gatatu hagati y’Ubwongereza na Argentine, iki gihugu co muri Amerika y’ubumanuko kikaba kiriko kirondera gutsindira iri higanwa ubugira kabiri cikurikiranya.
Ayandi makuru:
Trump agabisha ko azobomagura ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihe Irani itosubira mu biganiro
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.
Yavuze aya majambo mu kiganiro n’imboneshakure Fox News, mu gihe Amerika na Irani bimaze imisi ine birasana ubudasiba.
Yagize ati: "Indwi iza ibintu bizobabera bibi cane. Tuzobomagura ibigo vyabo vyose vy’umuyagankuba. Tuzobomora ibiraro vyabo vyose nimba bataje ku meza y’ibiganiro".
Yarigeze kuvuga aya majambo yatewe ivyatsi n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Inyuma y’uko Trump yari yagabishije muri Ndamukiza (4) ko azotera ibikorwa remezo vya gisivire muri Irani, harimwo ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba, umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Volker Türk, yavuze ati: "Mu mategeko mpuzamakungu, gutera nkana abasivire n’ ibikorwa remezo vyabo bifatwa nk’icaha c’intambara".
Muri ico kiganiro citwa “Special Report with Bret Baier” gicishwa kuri iyo mboneshakure ku wa kabiri mw’ijoro, Trump yongeye kuvuga ati: "Nzoba ndihojeje gatoya ibigo ntanganguvu, ariko impera n’imperuka tuzotera ibigo ntanganguvu".
Avuga kandi ko intumwa za Amerika zamenyesheje abo ku ruhande rwa Irani ku mugoroba wo ku wa kabiri ziti: "Vyiza mwokwemera amasezerano, ahandi ho nta na kimwe muzosigarana".
Yavuze aya majambo imbere y’uko ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, igisirikare ca Amerika gitangura ibindi bitero no gusubira kuzibira amato yinjira canke asohoka ava ku bivuko vya Irani.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, ubuyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) bwatangaje ko ingabo zabwo “zatanguye ikindi gice c’ibitero kuri Irani kugira ngo zirushirize kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo gutera amato y’ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz".
Iti: “Ubu amato y’intambara arenga 20 y’ingabo za Amerika zirwanira mu mazi hamwe n’amajana y’indege za gisirikare biri mu bikorwa mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati".
Mu rindi tangazo ryasohowe ku wa kabiri mw’ijoro, Admiral Brad Cooper wa Amerika yavuze ko Irani "yarashe abasivire n’ibigira nkana" mu gutera amato ndwi y’ubudandaji muri ako karere, ivyo bikaba vyatumye hafi abantu cumi na babiri bari mu mato bapfa, babura canke bakomereka.
Mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu, igisirikare ca Koweti catangaje ko kiriko kiratangira indege z’intambara za Irani zitajamwo abadereva (drone), mu gihe Bahreïn nayo yuguruye inzamba zo kugabisha ku bitero vyo mu kirere.
Igisirikare ca Koweti cavuze giti: "Ubwirinzi bwo mu kirere bwa Koweti buri kurwanya ibitero vya drones vy’abansi bikomoka ku gitero c’ubugome ca Irani."
Ubushikiranganji bwa Bahreïn bujejwe intwaro yo hagati bwasavye abanyagihugu n’ababa muri ico gihugu kuguma batekanye no kwihutira kuja mu bibanza bitekanye.
Ibi bitero vya Amerika vyaje bikurikira urundi rukurikirane rw’ibitero vy’ijoro vya Amerika ku musi ugira gatatu vyikurikiranya.
Umusi umwe imbere y’aho, Perezida Trump yari yatangaje ko ingingo yo kuzibira amato yinjira canke ava muri Irani yasubijweho mbere aca atangaza n’ikori rya 20% ku mato kugira ngo ashobore gukingira umutekano w’Umuhora wa Hormuz, imbere y’uko yisubirako agahagarika iryo kori inyuma y’amasaha 24. Mu kwishura, Irani yarashe amato abiri atwara ibitoro ya Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE). Abu Dhabi (ubutegetsi bwa UAE) yatangaje ko umuntu umwe yahasize ubuzima.
Irani nayo yaciye yihora mu gutera amato abiri yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.
Uku kurasana kwasubiye kwaduka hagati ya Amerika na Irani kwatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera ko uruja n’uruza rw’amato atwara ibitoro aca mu Muhora wa Hormuz rwahagaze hafi rwose.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.