Neymar yavuze ko gukinira igihugu ciwe birangiye inyuma yo gutsindwa na Norvège

    • Umwanditsi, Mandeep Sanghera
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Yuzuye umubabaro n'agahinda, Neymar yavuze ko urugendo rwiwe mu murwi nserukiragihugu wa Brésil "rurangiye", inyuma y'uko igihugu ciwe gitsinzwe na Norvège mu rukino rw'igice c'umunani gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi co mu 2026.

Neymar w'imyaka 34, yinjiye mu kibuga ku munota wa 67 asubiriye uwundi. Ico gihe Brésil yari imaze gutsindwa na Norvège ibitsindo 2-0. Yamara, ntiyashoboye kubuza ko umurwi w'igihugu ciwe usezererwa muri iryo higanwa.

Yaronse igitsindo ca penariti mu minota y'inyongera ku kibuga ca MetLife Stadium muri reta ya New Jersey, muri Amerika, ariko bisa nk'aho ico gitsindo ataco camumariye, mu gisa n'urukino rwiwe rwa nyuma akiniye igihugu ciwe.

Mu kiganiro yahaye TV Globo inyuma y'uko Brésil isezerewe, Neymar yavuze ati:

"Naragerageje, naragerageje. Ubu birarangiye. Aho ni ho natanguriye, kandi ni ho ndangirije."

Neymar yakiniye Brésil ubwa mbere kuri ico kibuga nyene muri Myandagaro (8) 2010, aho yatsinze igitsindo mu rukino rwa gicuti Brésil yatsinzemwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika ibitsindo 2-0.

Kuva ico gihe, yabaye umukinyi amaze kwinjiriza Brésil ibitsindo vyinshi kurusha abandi bose, akaba afise ibitsindo 80. Yakiniye igihugu ciwe incuro 130, ibituma aza mu kibanza ca kabiri mu bakinyi bakiniye Brésil kenshi, inyuma ya Cafu, afise inkino 142.

Neymar ntiyari aherutse gukinira Brésil kuva mu 2023 kubera ingorane z'imvune. Ariko yarasubiriye kwizerwa atumwako mu murwi nserukiragihugu wari witabiriye inkino z'igikombe c'isi co mu 2026.

Mu rukino rwo gukurakuranamwo Brésil yakinye na Écosse, Neymar yinjiye mu kibuga mu minota ya nyuma asubiriye uwundi. Muri urwo rukino Brésil yatsinze Écosse 3-0.

Yasubiriye kugaragara mu rukino rwaraye ruhuje Brésil na Norvège. Nta rundi rukino yakinye muri izi nkino z'igikombe c'isi co mu 2026.

Bwari ubwa kane uwo mukinyi akina mu nkino z'igikombe c'isi, inyuma y'izo yakinye mu 2014, 2018 na 2022.