IKIBIRIRAHO, Trump agabisha ko azobomagura ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihe Irani itosubira mu biganiro

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.

Incamake

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n'ibigo vy'umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y'ibiganiro.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpungu

  1. Trump agabisha ko azobomagura ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihe Irani itosubira mu biganiro

    Ubwato bw'intamnbara bwa Amerika

    Ahavuye isanamu, @CENTCOM/X

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.

    Yavuze aya majambo mu kiganiro n’imboneshakure Fox News, mu gihe Amerika na Irani bimaze imisi ine birasana ubudasiba.

    Yagize ati: "Indwi iza ibintu bizobabera bibi cane. Tuzobomagura ibigo vyabo vyose vy’umuyagankuba. Tuzobomora ibiraro vyabo vyose nimba bataje ku meza y’ibiganiro".

    Yarigeze kuvuga aya majambo yatewe ivyatsi n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

    Inyuma y’uko Trump yari yagabishije muri Ndamukiza (4) ko azotera ibikorwa remezo vya gisivire muri Irani, harimwo ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba, umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Volker Türk, yavuze ati: "Mu mategeko mpuzamakungu, gutera nkana abasivire n’ ibikorwa remezo vyabo bifatwa nk’icaha c’intambara".

    Muri ico kiganiro citwa “Special Report with Bret Baier” gicishwa kuri iyo mboneshakure ku wa kabiri mw’ijoro, Trump yongeye kuvuga ati: "Nzoba ndihojeje gatoya ibigo ntanganguvu, ariko impera n’imperuka tuzotera ibigo ntanganguvu".

    Avuga kandi ko intumwa za Amerika zamenyesheje abo ku ruhande rwa Irani ku mugoroba wo ku wa kabiri ziti: "Vyiza mwokwemera amasezerano, ahandi ho nta na kimwe muzosigarana".

    Yavuze aya majambo imbere y’uko ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, igisirikare ca Amerika gitangura ibindi bitero no gusubira kuzibira amato yinjira canke asohoka ava ku bivuko vya Irani.

    Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, ubuyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) bwatangaje ko ingabo zabwo “zatanguye ikindi gice c’ibitero kuri Irani kugira ngo zirushirize kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo gutera amato y’ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz".

    Iti: “Ubu amato y’intambara arenga 20 y’ingabo za Amerika zirwanira mu mazi hamwe n’amajana y’indege za gisirikare biri mu bikorwa mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati".

    Mu rindi tangazo ryasohowe ku wa kabiri mw’ijoro, Admiral Brad Cooper wa Amerika yavuze ko Irani "yarashe abasivire n’ibigira nkana" mu gutera amato ndwi y’ubudandaji muri ako karere, ivyo bikaba vyatumye hafi abantu cumi na babiri bari mu mato bapfa, babura canke bakomereka.

    Mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu, igisirikare ca Koweti catangaje ko kiriko kiratangira indege z’intambara za Irani zitajamwo abadereva (drone), mu gihe Bahreïn nayo yuguruye inzamba zo kugabisha ku bitero vyo mu kirere.

    Igisirikare ca Koweti cavuze giti: "Ubwirinzi bwo mu kirere bwa Koweti buri kurwanya ibitero vya drones vy’abansi bikomoka ku gitero c’ubugome ca Irani."

    Ubushikiranganji bwa Bahreïn bujejwe intwaro yo hagati bwasavye abanyagihugu n’ababa muri ico gihugu kuguma batekanye no kwihutira kuja mu bibanza bitekanye.

    Ibi bitero vya Amerika vyaje bikurikira urundi rukurikirane rw’ibitero vy’ijoro vya Amerika ku musi ugira gatatu vyikurikiranya.

    Umusi umwe imbere y’aho, Perezida Trump yari yatangaje ko ingingo yo kuzibira amato yinjira canke ava muri Irani yasubijweho mbere aca atangaza n’ikori rya 20% ku mato kugira ngo ashobore gukingira umutekano w’Umuhora wa Hormuz, imbere y’uko yisubirako agahagarika iryo kori inyuma y’amasaha 24. Mu kwishura, Irani yarashe amato abiri atwara ibitoro ya Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE). Abu Dhabi (ubutegetsi bwa UAE) yatangaje ko umuntu umwe yahasize ubuzima.

    Irani nayo yaciye yihora mu gutera amato abiri yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Uku kurasana kwasubiye kwaduka hagati ya Amerika na Irani kwatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera ko uruja n’uruza rw’amato atwara ibitoro aca mu Muhora wa Hormuz rwahagaze hafi rwose.

    Ayandi makuru kuri iyi ntambara:

  2. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.