Uburundi, Urwanda na RDC mu bihugu Ubufaransa bushaka ko imfashanyo y'iterambere ijana n'ukurwanya ubwimukira muri Mayotte

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa Sebastien Lecornu yambaye ikotisime yirabura, ishati yera n'ikaruvati yirabura (ifoto mbarankuru).

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'ubufaransa avuga ariko ko imfashanyo yerekeye abari mu kaga izobandanya gutangwa
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ubufaransa bugiye guhindura ivyo bwisunga mu gutanga imfashanyo y'iterambere ku bihugu bimwe bimwe vya Afrika, impinduka zije mu ntumbero yo guhangana n'ingorane y'abimukira mw'izinga rya Mayotte rikukira ico gihugu.

Vyatangajwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Sébastien Lecornu, mu rugendo arimwo muri Mayotte. Avuga ko imfashanyo yahora ihabwa Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), Kenya, Somaliya na Comores, izohora isohoka bivanye n'ingene ivyo bihugu bizoba vyarushirije kugira utwigoro mu kurwanya ubwimukira bwerekeza muri Mayotte.

Gushika ubu nta biharuro bihari vyerekana ingene abimukira baturuka muri ivyo bihugu bangana muri iryo zinga. Ariko amwe mu makuru BBC Gahuzamiryango ifise yemeza ko abatari bake mu bihugu vyo muri Afrika Abajayo bajanwa no kurondera inzira yo gushika ku mugabane wa Buraya kuharondera amahirwe y'ubuzima.

Ku ruhande rw'Uburundi, umurindi w'abajayo watanguye kuba munini cane igihe haduka intureka za politike muri 2015, zatumye abantu ibihumbi amajana bahungira mu mahanga.

Nk'uko bishikirizwa n'urubuga rw'iradiyo y'Ubufaransa RFI, Sébastien Lecornu yasavye umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa gutegura indinganizo y'ingene vyogenda kugira igice ca mbere c'iyo ngingo gitangure gushirwa mu ngiro kuva muri uwu mwaka wa 2026, hanyuma ishirwe mu ngiro mu buryo burama kandi bwuzuye kuva mu 2027.

Umushikiranganji wa mbere w'ubufaransa avuga ariko ko imfashanyo yerekeye abari mu kaga izobandanya gutangwa.

Iyi ngingo itegekanya ko imfashanyo y'iterambere itunganywa gushasha hisunzwe ibintu bitandukanye harimwo: ukurwanya abantu bafasha abimukira gushika muri iryo zinga, itangwa ry'impapuro z'inzira, n'itahukanwa ry'abanyamahanga bari muri iryo zinga mu buryo butemewe n'amategeko.

Sébastien Lecornu ashimangira ko "ari ibisanzwe" guha [imfashanyo] cane cane "igihugu gikora uko gishoboye kugira cisunge ivyo tucitezeko mu bijanye n'abimukira.»