Ibanga n'amayobera ku kibanza canke inzu Mojtaba Khamenei yoba yihishijemwo

Ishusho y'imboneza y'ikirenga Ali Khamenei

Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ishusho y'imboneza y'ikirenga Ali Khamenei
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Mu ndwi iheze, ibirori vyo kwibuka imisi 40 iheze kuva indongozi y'ikirenga ya Iran Ali Khamenei ahambanywe iteka vyabereye i Tehran, i Qom n'i Mashhad. Nk'uko vyagenze mu gihe co kumufuba, umuhungu wiwe Mojtaba Khamenei ntiyagaragaye muri ibi birori, kandi nta n'ifoto canke amajwi vyiwe vyashizwe ahabona.

Kur iyi ncuro, biratandukanye n'igihe co gufuba se wiwe. Bisa n'uko ata bantu benshi bari biteze kubona uwo mutegetsi mushasha wa Repubulika ya Kiislam muri ivyo birori. Ni nk'uko kandi ukutagaragara kwiwe kutigeze gutera ikibazo gikomeye mu binyamakuru nk'uko vyari vyagenze ubwa mbere.

Impamvu nyamukuru abavugizi ba reta batanga mu gusigura ukutaboneka kwiwe, ni iz'umutekano. Bavuga ko gusohora video yiwe vyoshobora gutuma aho ari hamenyekana, bigashira ubuzima bwiwe mu kaga.

Mu kwishura ibibazo ku gituma hatasohowe n'agace gato k'amajwi ya Mojtaba Khamenei, ibinyamakuru vya reta bivuga ko n'ijwi ubwaryo rishobora gutuma aho ari hamenyekana.

Ivyo ni ukuri. Hasuzumwe neza amajwi yafashwe, bishobora gutuma haboneka amakuru ngirakamaro, nk'ibiranga ibikoresho vyakoreshejwe mu gufata ayo majwi, ibiranga uburyo bw'umuyagankuba bwakoreshejwe, canke bimwe mu biranga umubiri n'ibindi vyose biri aho amajwi yafatiwe.

Ariko nimba impamvu nyamukuru zo guhisha ifoto n'amajwi vy'uwo mutegetsi ari iz'umutekano, hariho uburyo bwinshi bwo kuzikinga.

Nk'akarorero, inzego za reta zari gushobora kwirinda gukoresha ibikoresho vya none vya 'digital' mu gufata ayo majwi, ahubwo zigakoresha ivyo mu gihe c'imbere y'ubuhinga bwa 'digital', nk'amakaseti canke ibindi vyuma vya kera bifata amajwi.

Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo ntihamenyekane ibishobora kuranga aho ayo majwi aba yafatiwe, vyari gushoboka kuyafatira ahantu hatandukanye cane n'aho uwo mukuru asanzwe aba, hanyuma amajwi, nk'akarorero akoresheje ikaseti yafashwe, akavugirizwa abumviriza bari kure.

Muri make rero, ibishikirizwa n'ibimenyeshamakuru vya reta ko impamvu yo kudashira ahabona ifoto canke amajwi vya Mojtaba Khamenei ari izijanye n'umutekano wiwe, bisa n'uko bitanyuze benshi. Ukwo abategetsi bagiye bagerageza gutanga insiguro nyinshi ku vyerekeye izo mpungenge z'umutekano ni ko vyatumye mbere haca havugwa vyinshi gusumba.

N'ubwo biri uko, Salar Velayatmadar, umwe mu bagize umurwi w'igihugu ujejwe ivy'umutekano mu nama nshingamateka, izo mvo z'umutekano arazishimangira.

Yavuze ko kudashira ahabona amajwi n'ifoto vy'uwo mutegetsi vyavuye ku « mpanuro z'abahinga mu vy'idini bo muri Najaf, Qom na Mashhad hamwe n'ingingo yafashwe n'abajejwe umutekano », kugira ngo « abansi ntibashobore kumugirira nabi bakoresheje uburyo budasanzwe hamwe n'ubumenyi bw'amayobera bwigishwa mu mashure ateye imbere cane, nka kaminuza y'ubumenyi bw'amayobera yo muri Tel Aviv. »

Inkuru tubandanya tubashikiriza...