Kim Jong Un - Kubera iki ibihuha vy'urupfu rwiwe biguma bigaruka?

    • Umwanditsi, Laura Bicker
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Bushinwa
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Kim Jong Un yagaragaye mu bimenyeshamakuru vya reta ya Koreya ya Ruguru asa n'uwufise amagara meza cane, n'ubwo hari ibihuha vyavuga ko yapfuye ahitanywe n'ingorane yo kuvirirana mu bwonko.

Amafoto yasohowe n'ikinyamakuru ca reta citwa Rodong Sinmun yerekana uwo mutegetsi w'umunyagitugu w'imyaka 42 ariko aragendera ihayanishwa ry'impuzu n'ibirato, ari kumwe n'umukobwa wiwe.

Ayo mafoto yashizwe ahabona haciye amasaha make umunyapolitike w'Umushinwa atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'igihugu ciwe, aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, atangaje ko Kim yanyarukanywe mu bitaro i Beijing (mu Bushinwa) ari muri koma, mu nyuma agapfa. Nta vyemezo yigeze atanga.

Ku bantu bakurikiranira hafi ibibera muri Koreya ya Ruguru, ibihuha nk'ivyo bimaze kuba ikintu gisanzwe.

Muri kimwe mu bihugu kw'isi binyegeza cane gose amakuru, biragoye kenshi kugenzura no guhinyuza ukuri kw'ibiba vyavuzwe. Ivyo bituma haboneka akaryo kanini ko gukwiragiza ivyiyumviro n'amakuru atagira ivyemezo.

Ibijanye n'urupfu rwa Kim Jong Un vyaturutse kuri Wanjun Xie, yidondora nk' umukuru w'umugambwe wo mu Bushinwa uharanira Demokarasi (Chinese Democratic Party), wirukanywe n'ubutegetsi bw'Ubushinwa. No muri kahise, yarigeze gukwiragiza ibihuha, harimwo n'ivyavuga ko umukuru w'Ubushinwa, Xi Jinping, yapfuye.

Xie yavuze ko Kim yagize ingorane y'ivirirana rikomeye ryo mu bwonko, aca anyarukanwa i Beijing kuko Koreya ya Ruguru itari ifise ibikoresho n'ubushobozi bw'ubuvuzi bikenewe kugira ngo avurwe.

Yavuze ko mu nyuma Kim yahavuye apfa, maze ikiziga ciwe kigasubizwa muri Koreya ya Ruguru mu mpisho, ubutegetsi na bwo bukanyegeza urupfu rwiwe.

Ariko rero, amafoto yerekana ibitandukanye n'ivyo.

Kim agaragara ariko arihweza ibihayanishwa, ari kumwe na Kim Ju Ae, hamwe n'abategetsi basanzwe bamuherekeza.

N'ubwo bitoroshe kumenya neza aho ayo mafoto yafatiwe, hari n'izindi mvo zituma umuntu akekeranya ku kuri kw'ivyavuzwe kuri uwo mutegetsi.

Kumbure hoshobora kwigaragaza ibimenyetso no hanze ya Koreya ya Ruguru hamwe amagara yiwe yoja mu kaga giturumbuka.

Ubushinwa bwoshobora gukaza umutekano ku rubibe ruhuza ibihugu vyompi, mu kwitegurira ingorane zoshobora kwaduka canke igitigiri kinini c'impunzi zohungira muri ico gihugu. Ibikorwa n'imirimo birangurirwa ku buserukizi bw'ico gihugu no mu micungararo yabwo na vyo nyene vyoshobora kwongerekana.

Abarwanya ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru bahungiye muri Koreya y'Epfo kenshi baronka amakuru biciye mu mihora idasanzwe kandi itazwi y'ihanahana ry'amakuru iri hafi y'urubibe rw'Ubushinwa. Nta kimenyetso na kimwe cagaragaye muri iyo nzira.

Ku rundi ruhande, abategetsi b'iperereza muri Koreya y'Epfo babwiye ikinyamakuru Yonhap ko ata makuru bigeze baronka ajanye n'ivyavuzwe n'uwo munyapolitike w'Umushinwa aba muri Amerika.

Ico gihuha kandi kirasa n'ibindi vyagiye biravugwa muri kahise, ariko bikaza kumenyekana ko atari vyo.

Mu mwaka wa 2020, umuntu yari yarahunze Koreya ya Ruguru azwi cane yavuze ko azi neza ku rugero rwa 99% ko Kim yapfuye inyuma yo kubagwa kubera indwara y'umutima n'imitsi ijana amaraso. Ariko haciye igihe gito, Kim yagaragaye mu bantu, maze ico gihuha gita agaciro.

None ni kubera iki ivyo bihuha biguma bigaruka?

Imvo ya mbere ni ikibazo c'uwuzosubirira Kim ku butegetsi.

Koreya ya Ruguru itwarwa n'umuryango w'aba Kim kuva kuri sekuru wa Kim Jong UN atwara ubu. Yamara, uwuzosubirira uyu ahari ubu ntagaragara neza nk'uko vyari vyifashe ku batwaye imbere yiwe.

Kim Il Sung yamaze imyaka myinshi ategura umuhungu wiwe, Kim Jong Il, kugira azomusubirire ku butegetsi. Igihe Kim Il Sung yapfa mu 1994, umugambi w'ukuntu umuhungu wiwe yomusubirira wari warateguwe neza. Uwo muhungu yashikiriye ubutegetsi ata nkomanzi. Nta ngorane zikomeye zabayemwo.

Iduga rya Kim Jong Un ku butegetsi ryabaye mu mwanya muto mu gihe kandi ibintu bitari vyifashe neza cane. Inyuma y'uko Kim Jong Il agize indwara yo guturika kw'imitsi yo mu bwonko itwara amaraso mu 2008, umuhungu wiwe w'umuhererezi yaciye aduzwa mu mabanga akomeye mu buryo bwihuse.

Igihe se yapfa mu 2011, Kim Jong Un yari amaze kwerekanwa ku mugaragaro nk'uwuzomusubirira ku butegetsi.

Naho vyari uko, Kim Jong Un yamaze imyaka myinshi akomeza ububasha bwiwe, yigizayo abo yabona ko bashobora kumubera intambamyi canke kumuhungabanya.

Muri iki gihe, urwego rw'iperereza rwa Koreya y'Epfo rwibaza ko ashobora kuba ariko arategura umukobwa wiwe kugira azomusubirire ku butegetsi. Uwo mukobwa amaze kwiyerekana kenshi mu birori bikomeye harimwo n'ivya gisirikare.

Ariko bivugwa ko afise imyaka 13 gusa. Koreya ya Ruguru ntiyigeze irongorwa n'umugore, kandi uwo mukobwa ntarashirwa icese mu kibanza c'uwuzosubirira se ku butegetsi. Kuba akiri muto na vyo nyene vyotuma agira intege nke mu gihe hoba ukurwanira ubutegetsi.

Ivyo vyose bituma umuntu atahura igituma ibihuha bivuga ku magara ya Kim Jong Un bikwega abantu benshi.

Imvo igira kabiri ni uko ivyo bihuha atari ibintu bidashoboka.

Kim aravyibushe cane kandi anywa itabi ryinshi. Urwego rw'iperereza rwa Koreya y'Epfo, National Intelligence Service, rwaragabishije kenshi ko uburyo Kim abayeho bushobora gutuma agira ingorane z'indwara zifata umutima n'imitsi ijana amaraso. Mwene izo ngwara zirakunze kuboneka mu muryango wiwe.

Hagize igishikira Kim, ibihugu bibanyi na Koreya ya Ruguru hamwe n'amakungu bose bohahombera vyinshi. Hadutse ingorane y'uburongozi giturumbuka, vyotuma haba iyindi ngorane ikomeye cane ijanye n'uwoca agenzura ibirwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya Ruguru, hamwe n'uko hoshobora kwaduka uruhagarara mu vya politike.

Mbega ukurwanira ubutegetsi hagati y'abagendera mu murongo ukaze vyotuma haba intureka? Mbega ukunyinyurana hagati yabo kwotuma haduka akaga kajanye n'abahunga mu kivunga ku rubibe rw'Ubushinwa? Ivyo ni ibibazo bihagaritse umutima atari Beijing na Seoul gusa, ariko na Washington isanzwe ifise abasirikare bashika ku bihumbi 28 muri Koreya y'Epfo.

Inzego z'iperereza zikurikiranira hafi Kim Jong Un kugira ngo zame ziteguriye kwakira inkuru iyo ari yo yose ishobora gushika.

Kubera ko Koreya ya Ruguru ari igihugu bigoye cane kumenya no guhinyuza amakuru y'ukuri y'ibiberayo, biroroshe kandi ko kiba icibare c'amakuru y'ibinyoma n'ibihuha.

Ni umurwi muto cane w'abantu ushobora gushikira Perezida w'ico gihugu. N'inzego z'iperereza ubwazo birazigora kuronka amakuru yizewe. Vyinshi mu vyo zironka biba bivugwa ko bitaragenzurwa canke ko bishobora kuba atari vyo.

Birakekwa kandi ko ubwo butegetsi nyene bushobora kuba bukoresha uburyo bwo guhuvya mu gusohora nkana amakuru atari ay'ukuri kugira ngo buhishe ukuri ku biba biriko biraba imbere mu gihugu.

Ku bw'ivyo, biragoye kwemera ko Wanjun Xie yoba yamenye ayo makuru akomeye ku gihamana mu gihe n'inzego zikomeye zikurikiranira hafi amakuru mwene ayo zitigeze ziyaronka.

Birashoboka ko yashaka gusa kwiyerekana canke kwikwegerako abamukurikira. Canke akaba yashaka gutetereza Beijing mu kwerekana isano ifitaniye na Pyongyang, n'ubwo iyo migenderanire isanzwe izwi n'amakungu.

Uko intumbero yiwe yoba yifashe kwose, Xie si we muntu wa mbere akoresheje ku nyungu ziwe ukutamenya neza ibijanye n'uwurongoye Koreya ya Ruguru.