Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Amashure y'uburaro mu bibazo vyo kugaburira abanyeshure, mu gihe ibiciro biguma biduga
"Ku meza [imwe] turi benshi, abanyeshure 12.
"Hari igihe usanga baduhaye indya zidakwiye bigatuma umunyeshure atiga neza kubera aba agifise inzara".
Ayo ni amajambo ashikirizwa n'umwe mu banyeshure biga kuri ETS Kamenge, ishure ryo mu gisagara ca Bujumbura ryigisha ibijanye n'ubuhinga.
BBC Gahuzamiryango yagendeye iryo shure mu ndwi yahariwe ivyo kurya, mu gihe amashure y'uburaro atandukanye avuga ko bitayorohera kuronka ivyo agaburira abanyeshure bihagije kandi bitandukanye, nk'uko umubiri ubikeneye.
Mu gikoni co kuri ETS Kamenge. Ni mu masaha yo gutegura ivyo bagaburira abanyeshure. Akazi kashushe. Abakozi bajejwe gukinjika bariko baranyuragiranwa, bihuta. Biraboneka ko umwanya uriko urabajana. Kubera ubwinshi bwawo no kwenyegeza cane, umuriro uguma uturagurika.
Hirya gato, mu gace bacumbiramwo ubugari, amazi ari ku ziko. Hagaragara amasafuriya manini cane abanyeshure bakunda kwita 'Muvero'.
Igikorwa co gucumba nticoroshe kuko bacumbira abanyeshure barenga 2400 baba mu ndaro. Ivyo bitigiri vyerekana ko ETS Kamenge ari ryo shure riza kw'isonga mu yafise abanyeshure benshi mu ndaro mu Burundi bwose.
Bacumbirwa ibiro 670 vy'ifu ry'imyumbati ku murango gusa.
Igihe c'isaha umunani z'umuhingamo, ni umwanya wo gufungura. Abanyeshure baca barangurura berekeza mu buriro buzwi nka 'réfectoire'. Umwe wese aza yizaniye isahani yiwe n'igikombe akoresha mu kunywa amazi.
"Imboga ziraboneka rimwe rimwe, gusa ni nkeya... Igitoke co kukironka vyobagora. Igitoke gikwiye abana ibihumbi ...?", ni ko uwundi munyeshure yabwiye BBC Gahuzamiryango.
Mu mashure menshi y'uburaro mu Burundi, abahiga ni abayabaga. Mwene aba, baba bakeneye kugaburirwa imirwi y'imfungurwa ikwiye kugira bakomeze gukura neza. Kuva kuri ndemamubiri, ugaca kuri ntanganguvu, ivyamwa n'imboga, gushika no ku bifungurwa birimwo 'calcium' na 'fer' bituma amagufa yabo akomera.
Ariko ivyo ntivyoroshe kuboneka. Ibiciro vy'ivyo kurya biguma biduga, mu gihe amafaranga reta iha amashure y'indaro atongerekana kuri uwo murindi.
Umwana umwe yandikiwe ibihumbi bitatu (3000) ku musi. Ni mu gihe, nk'akarorero, ikilo c'umuceri mwiza gishobora gushikana ibihumbi 10 (10.000) canke bikanarenga. Ikilo c'ifu y'imyumbati gishobora gushikana ibihumbi bine (4000).
Umuyobozi wa ETS Kamenge, co kimwe n'abandi bayobozi b'amashure y'uburaro, aremeza ko iduga ry'ibiciro ritaborohereza mu kugaburira abanyeshure. Julien Burikukiye avuga ko amafaranga 3000 agenewe umunyeshure ku munsi ari make.
Ati: "Tugiye kuraba ingene ibiciro bigenda biduga, ntivyoroshe ariko turagerageza mu buryo bwose bushoboka no mu buryo reta iduha, abana bagashobora gufungura gatatu ku munsi".
Abandanya ati: "Imboga dusanzwe tuzirimira. Ni uko twagize ikibazo c'ici rirerire, nta kibazo c'imboga cahora kiba ngaha".
Mu gitondo, abanyeshure bahabwa ubuyi butagira isukuri, uwubishoboye akayigurira. Akanyama ko, iyo bishitse kakanaboneka, ngo bagafungura rimwe mu mwaka: itariki ya mbere y'ukwezi kwa gatanu, ku munsi mukuru w'abakozi.
Abanyeshure bo kuri ETS Kamenge basaba ko ivyo kurya vyokwongerezwa hakanakosorwa utunenge twibonekeza mu gutegura ivyo bagaburirwa. Bavuga ko hari igihe bahabwa ivyo kurya birimwo amabuye, bagatinya ko bishobora kubatera ingwara.
Kuva uyu mwaka wa 2026, reta y'Uburundi yihaye umugambi wo kuzoguma yongereza igitiri c'abanyeshure baba mu buraro. Icatumye ifata iyo ngingo, ni uko yasanze kwiga abana bataha biri mu vyasubije inyuma ubumenyi.
Ibiharuro biva mu bushikiranganji bw'indero vyerekana ko gushika ubu mu mashure yisumbuye ya reta n'ay'abigenga, abanyeshure badashika 20 kw'ijana ari bo gusa biga baba mu ndaro. Abandi biga bataha.
Ihangiro rya reta ryo kuguma iduza ibitigiri vy'abiga baba mu buraro, kurishikako bizovana no gushira mu ngiro icivugo c'uyu mwaka c'ishami rya ONU riraba ivyo kurya FAO: Dukore mu buryo bushasha uyu munsi, twihaze ejo''.