Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Ubufaransa bwaraye bushizeho amategeko abuza gutembera mu masaha y’ijoro kubera imidugararo ikomeye

Ibisagara bitari bike vy’Ubufaransa vyaraye mu mategeko abuza abantu gutembera mu masaha y’ijoro mu gihe abategetsi b'Ubufaransa bariko bagerageza guhagarika imigumuko n'ugusahura birangwa mu gihugu kuva ku wa gatandatu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gildas Yihundimpundu na Gisèle Berwa

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone muri yindi gahunda nk'iyi.

  2. Amerika yaburiye abaturage bayo ku ngendo bakorera muri Kenya yagaragayemo umurwayi wa cyenda wa Ebola

    Amerika yatangaje ko abaturage bayo bakwiye kongera gutekereza ku ngendo zijya muri Kenya, nyuma yo kuzamura urwego rw'impuruza ku bijyanye n'ingendo kubera impungenge z'ubuzima ziterwa n'ikwirakwira rya Ebola muri icyo gihugu, nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Reuters.

    Mu itangazo ryasohowe n'ambasade y'Amerika muri Kenya, urwego rw'impuruza rwazamuwe ruva ku mwanya wa 2, rwasabaga abantu kwigengesera, rugera ku mwanya wa 3, rusaba Abanyamerika kongera gusuzuma neza niba koko ari ngombwa kujya muri Kenya.

    Iryo tangazo rivuga ko abantu bakwiye kongera gutekereza ku ngendo bajyamo muri Kenya kubera ibyago byatewe n'uburwayi, ibyaha, ishimutwa ry'abantu, iterabwoba, imyigaragambyo ndetse n'umutekano mucye wo mu muhanda.

    Rikomeza rivuga kandi ko hari uduce tumwe na tumwe dufite ibyago birenze ibindi.

    Kuri uyu wa kabiri, Kenya yatangaje ko habonetse umurwayi mushya wa Ebola muri icyo gihugu, bituma abarwayi bose baba icyenda.

    Kenya imaze igihe iri maso cyane nyuma y'uko icyorezo gikomeye cya Ebola cyibasiye Repubulika ya Demokarasi ya Congo gitangiye gukwira no mu bindi bihugu byo mu karere.

    Congo na yo yemeje ku cyumweru ko icyo cyorezo cyageze no mu ntara ya munani ya Nord-Ubangi, ibintu bikomeje kongera impungenge z'uko cyakomeza gukwirakwira ahandi mu karere.

    Muri iryo tangazo, Amerika yavuze kandi ko serivisi z'ubuvuzi muri Kenya zikiri nkeya, cyane cyane mu bice by'icyaro, aho usanga rimwe na rimwe zitaboneka na gato.

    Yongeyeho ko ibitaro byinshi byo muri Kenya bikunze kubura imiti n'ibikoresho bihagije byo kwita ku barwayi.

    Ibi bibaye mu gihe ibihugu byo mu karere k'ibiyaga bigari bikomeje kongera ingamba zo gukumira ikwirakwira rya Ebola no gukurikirana abacyekwaho kuyandura.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Zelensky yiteguye ibiganiro by'i Oslo n'intumwa y'Amerika mu gihe Rubio ahakana kudatanga amakuru y'ubutasi

    Intumwa yihariye y'Amerika Steve Witkoff yageze muri Norway (Norvège) mbere y’ibiganiro agirana na Volodymyr Zelensky, mu gihe umubano hagati ya Perezida wa Ukraine na mugenzi we w'Amerika Donald Trump ukomeje kuzamo agatotsi.

    Minisitiri w’intebe wa Norway, Jonas Gahr Støre, yavuze ko Perezida Zelensky yasabye Oslo n’igihugu gituranyi, Finland, gutegura inama n'Amerika hamwe n’ibihugu by’Uburayi “mu gihe gikomereye cyane Ukraine”.

    Mbere y’iyo nama, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w'Amerika Marco Rubio yahakanye ibirego by’uko abanya Ukraine barimo gupfa kubera ko Amerika yimye Ukraine amakuru y'ubutasi yari isanzwe iyisangiza, abyita "amahano" ndetse avuga ko ari ibintu "birakaje".

    Yabivuze nyuma y'uko umujyanama mu bya tekinike ya gisirikare wa Perezida Zelensky, Serhii "Flash" Beskrestnov, abwiye BBC ko kubura amakuru yizewe atangwa n'Amerika mu buryo bwo kuburira abaturage mbere y'ibitero biri gutuma abantu benshi bahasiga ubuzima.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ucyekwaho gutwika inzu y'amateka mu Bufaransa yatawe muri yombi- Ibinyamakuru byo mu Bufaransa

    Ibinyamakuru byo mu Bufaransa byatangaje ko ucyekwa, ufitanye isano n'abo mu murongo w'ubuhezanguni mu gushaka impinduka yatawe muri yombi, akekwaho kugira uruhare mu itwikwa ry'inzu y'amateka yahoze ari ibiro by’umujyi byo mu kinyejana cya 19, yatwitswe n’inkongi y’umuriro mu mpera y’icyumweru gishize ubwo habaga imvururu nyinshi.

    Ku wa gatandatu, Umunara w’isaha (Clock Tower) n’ibice by’igisenge cy’iyo nzu iriho imitako, iri rwagati mu mujyi wa Limoges, byafashwe n’inkongi y’umuriro mbere yuko bigwa.

    Ukekwaho icyaha afite imyaka 40, ndetse azwiho ibikorwa by’urugomo bikorerwa abategetsi bo muri leta, kandi yashyizwe no mu cyiciro cya “S”, bivuze ko ashobora guteza inkeke ku mutekano w’igihugu nkuko igitangazamakuru Franceinfo cyabitangaje.

    Minisitiri w’ubutabera Gérald Darmanin yabwiye igitangazamakuru CNews-Europe ati: "Abantu barenga 120 bamaze gufungwa nyuma y'imyigaragambyo iri kubera hirya no hino mu Bufaransa.

    Abigaragambya babarirwa mu bihumbi amagana bagiye mu mihanda bamagana izamuka ry’ibiciro by'ibikomoka kuri peteroli, ubuzima buhenze ndetse binubira serivisi za leta harimo n’amashuri.

    Darmanin yavuze ko yasabye abashinjacyaha “guhagarara bemye” kandi ntibagire imbabazi ku barwanya abapolisi, abajandarume, n’abazimya umuriro, abasahuye amaduka n'abateye inyubako za leta.

    Minisitiri w’ubutabera yavuze ko Ubufaransa budacyeneye gushyirwa mu bihe bidasanzwe kuko ibyo byakwambura Abafaransa bose uburenganzira bwabo ku giti cyabo.

    Ariko mbere, Minisitiri w’intebe w’Ubufaransa Sébastien Lecornu yavuze ko gushyiraho ibihe bidasanzwe mu gihugu ari ibintu ashobora gukora.

    Izindi nkuru wasoma

  5. Igisirikare ca Iran kivuga ko cakoroye ‘drone’ ya Amerika

    Ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam muri Iran rizwi nka IRGC rivuga ko ryarashe rigakorora drone ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, igisata ca BBC candika mu rurimi rw’igi Perse.

    Mw’itangazo iryo shami ryashize ahabona, rivuga ko drone yarashwe ari iyo mu bwoko bwa MQ-9 ikaba “yatangiriwe yongera irasamburwa” igihe yari hejuru y’Umuhora wa Hormuz.

    IRGC ishimangira ko ikororwa ry’iyo drone ryashizwe mu ngiro hakoreshejwe “ubuhinga bushasha kandi bugezweho bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere”.

    Igisirikare ca Amerika ntaco kirashikiriza kuri ibi.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. RD Congo: MSF ivuga ko igiye kwugara ikigo kivura Ebola c’i Elikiya

    Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbiye MSF ryatangaje ko ritegekanya kwugara ikigo kivura abarwaye Ebola kiri i Elikiya mu gisagara ca Bunia, mu mpera za Gitugutu (10), mu gihe ririko rirahindura uburyo rivyitwaramwo mu guhangana n’irandagata ry’ico kiza rikibandanya muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).

    Ico kigo cari mu vya mbere vyashinzwe mu buryo bwihutirwa i Bunia igihe ikiza ca Ebola cakomera muri Ruheshi (6) uyu mwaka. MSF imenyesha ko mu mezi ane aheze, cavuriwemwo abagwayi ba Ebola 572.

    MSF ishimangira ko kuva ico gihe hashinzwe ibindi bigo bivura ico kiza mu bisata bitandukanye vy’igisagara, ku buryo ubu hari ibibanza bihagije vyo kwakira no kuvura abarwayi.

    Imirwi y’ubutabazi bwihutirwa izoca irungikwa mu tundi turere twakozweko n’ico kiza, aho ibikeneye gukorwa ari vyinshi kuruta.

    Ibikorwa vyo kwegera no kumenyesha abanyagihugu ibijanye na Ebola mu makaritiye ya Bigo, Ndibe na Nzere yo muri Bunia, na vyo nyene bitegekanijwe kurangira hagati mu kwezi kwa Munyonyo (11). Ariko MSF ivuga ko muri rusangi izobandanya gufasha mu bikorwa vyo guhangana na Ebola, igasaba abanyagihugu kuguma bari maso no kumenyesha ningoga inzego zibijejwe igihe bokwikeka ko hari umuntu yanduye iyo ndwara.

    Ibitigiri vya vuba vyatangajwe n’inzego z’igihugu zirwanya Ebola vyerekana ko ico kiza kibandanya gukwiragira. Amakuru ya nyuma yo ku wa 18 Gitugutu (10) yerekana ko abantu bashasha 97 bemejwe ko banduye Ebola mu ntara za Kivu ya Ruguru, Ituri na Haut-Uélé.

    Muri ico kiringo nyene, izo nzego zatangaje abantu 41 bapfuye. Muri abo, 30 bapfiriye mu kibano, abandi 11 bapfira mu bigo bivura Ebola. Abarwayi 20 na bo batangajwe ko bakize inyuma y’uko ibipimo vyerekanye incuro zibiri ko batagifise Ebola.

    Kuva ico kiza cadutse, muri RDC hamaze kwandikwa abantu 9.552 bemejwe ko barwaye Ebola. Muri bo, 4.602 barapfuye. Ivyo bigasigura ko abarenga 48 kw’ijana vy’abanduye bapfuye.

    Intara ya Ituri ni yo ikibandanya kwibonekezamwo cane ico kiza. Ni yo ifise hafi ibice bitatu vya kane vy’abarwayi bose bemejwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Umurundi Berahino yakukurutse mu mupira w’amaguru ku myaka 33

    Saido Berahino, yahoze ari umusatirizi mw’ihiganwa ry’Ubwongereza (Premier League), yasezeye mu mupira w’amaguru ku myaka 33, kugira yitwararike cane igikorwa co kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.

    Uyu mukinyi mpuzamakungu w’Umurundi yakuriye mu karere ka Midlands mu Bwongereza. Yamenyekanye cane akiri muto igihe yakinira umurwi yakuriyemwo wa West Bromwich Albion. Muri uwo murwi, yagize ibihe vyiza cane mu mwaka w’inkino wa 2014-2015, aho yinjije ibitsindo 20 mu nkino za Premier League no mu yandi mahiganwa, imbere yo kwimukira mu murwi Stoke City ku miliyoni 12 z’ama Pound.

    Ariko, kubera inguvu n’ububasha vyiwe vyasa n’ivyatanguye kugabanuka muri West Brom igihe bamenyerezwa na Tony Pulis, Berahino ntiyitwaye neza na gato muri Stoke. Uwo murwi mbere wahavuye ukoroka ukurwa muri Premier League muri Ndamukiza (4) 2018.

    Gary Rowett, uwari umumenyereza wa Stoke ico gihe, amaze kumuha akandi karyo, Berahino yinjije ibitsindo bitanu gusa mu mwaka w’inkino wa 2018-2019. Kandi, ntiyatevye gusubira kutitabwaho cane muri uwo murwi, gushika aho amasezerano yiwe ahagarikwa ku bwumvikane bw’impande zompi, n’ubwo yari asigaranye imyaka itatu kuri ayo masezerano.

    Amaze kuva muri Stoke muri Myandagaro (8) umwaka wa 2019, yaciye aja gukinira mu Bubirigi. Yakiniye Waregem na Charleroi, imbere y’uko Darren Moore, uwahoze atoza West Brom, amusinyisha muri Sheffield Wednesday muri Myandagaro (8) 2021.

    Kuva ico gihe, Berahino yarakiniye imigwi yo muri Chypre, mu Buhindi no muri Slovénie, hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.

    Imbere y’aho, yari yarakiniye imigwi y’Ubwongereza mu biringo bitandukanye, harimwo n’umurwi w’abatarenza imyaka 21.

    Berahino yarahamagawe incuro zibiri mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza n’umumenyereza Roy Hodgson, ariko ntiyigeze ahabwa akaryo ko gukina.

    Mw’itangazo yise “Ikete ku mupira w’amaguru” yashize ku rubuga rwa Instagram, Berahino yagize ati:

    “Ndashimiye West Bromwich Albion kuba baranyizeye nkiri umwana.

    “Imyaka namaze muri uwo murwi, ibitsindo ninjije, abafana n’ibihe bitandukanye twaciyemwo, bizokwama bifise ikibanza kidasanzwe mu buzima bwanje. Harabaye ibihe vyiza na bibi, amakosa n’ivyigwa nayakuyemwo. Naratahuye ko umupira w’amaguru ushobora kugushira ku rwego rwo hejuru, ariko kandi ukagushira no mu bigeragezo muri ico gihe nyene.

    “Igihe kirageze ngo nsezere umupira w’amaguru nk’umukinyi. Umubiri wanje n’umutima wanje vyiteguriye gutangura ikindi kiringo c’ubuzima bwanje. Ndahimbawe kandi ndakenguruka kuba ubu ngiye gukorera umurwi nserukira gihugu w’Uburundi nk’umumenyereza. Gusubiza igihugu camvyaye ivyiza campaye, no gufasha abakinyi bakiri bato, ni ikintu mbona ko kibereye.

    “Ku muryango wanje, mwambereye inkomezi. Ku bafana bagumye banshigikira mu bihe vyose naciyemwo, sinzokwigera nibagira ukuntu mwamfashije. Uku si ugusezera umupira w’amaguru burundu. Mu bisanzwe ni ugusozera gusa inkuru imwe hama ugatangura iyindi.

    “Umupira w’amaguru wampaye vyose. Kuva mu mabarabara y’i Bujumbura gushika ku kibuga ca The Hawthorns, kuva muri Premier League gushika mu bindi bibanza ntigeze niyumvira ko nzokinamwo, uyu mupira warafashije umwana yari impunzi gukura no kubandanya urugendo rw’ubuzima.”

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Vance yanse gushigikira Netanyahu mu gihe himirije amatora muri Israel

    Mu gihe Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje ko ashigikiye umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu mu matora agiye kuba muri ico gihugu, icegera ciwe J.D. Vance we yanse gutangaza ko amushigikiye.

    Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co kuri internet citwa “Towi”, nk’uko bimenyeshwa na BBC Persian – ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse –, Vance yavuze ko adashaka kwivanga mu matora yo muri Israel.

    Uwo mutegetsi, ubuheruka yari yagiye i Budapest mu gihe c’amatora yo muri Hongrie agashigikira ata kurya umunwa Viktor Orban, ubu yavuze ati:

    “Jewe nshigikiye abakandida bo muri Amerika. Ico nshira imbere ni amatora yo hagati mu kiringo yo muri Amerika.”

    Yashimangiye ati: “Singwanya ko [Netanyahu] asubira gutorerwa arya mabanga, ariko kandi sindanabishigikiye. Sinivanga mu matora yo muri Israel.”

    Amatora yo muri Israel azoba mu ndwi iza. Azoba ari aya mbere abaye muri ico gihugu kuva habaye ibitero vya Hamas vyo ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka wa 2023.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Alberta yanse gutanguza inzira yo kwikura kuri Canada

    Abatora bo mu ntara ya Alberta muri Canada banse umugambi wo gutanguza inzira yoganisha ku matora ya kamarampaka yo kwemeza nimba iyi ntara ikwiye kwikura kuri Canada, ikikukira kikaba igihugu.

    Mu gihe amajwi amaze guharurwa ku rugero rw’ica gatatu, ikimenyeshamakuru c’igihugu CBC gitangaza ko ibiharuro vya mbere vyerekanye ko abarenga ibice 76 kw’ijana vy’abatoye bashigikiye ko Alberta iguma ari intara ya Canada, mu gihe abashigikiye ukwikukira bari bake cane.

    Imiriyoni z’abanyagihugu bo muri iyo ntara ikungahaye kuri peterori baritavye amatora kugira bahitemwo nimba hokorwa amatora ya kamarampaka yo kwitandukanya na Canada. Amatohoza y’imbere y’aho yari yerekanye ko abashigikiye ukwikukira batarenga ibice 25 kw’ijana vy’abanyagihugu baba muri iyo ntara.

    Abashigikiye ko Alberta iguma ari intara ya Canada batera akamo ko gukomeza ubumwe bw’igihugu gisanzwe gihanzwe n’icuka kibi hagati ya Canada na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko abaharanira ukwikukira bavuga ko iterambere ry’ubutunzi bw’intara yabo ryahagaritswe n’ingingo z’ubutegetsi bwa reta nkuru zijanye no gukingira ibidukikije.

    Ico cemezo co kwanka inzira yoganisha ku kwikukira kibaye intsinzi ikomeye ku Mushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, ariko agerageza gukomeza ubumwe bw’igihugu mu gihe hari intambara y’ubudandaji ikomeje hagati ya Canada na Amerika.

    Canada ubu iri mu ntambara y’ubudandaji na Amerika, mu gihe Perezida Donald Trump yagiye asubiramwo incuro nyinshi icipfuzo ciwe c’uko yoba intara igira 51 ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

  10. Trump avuga ko yokwitaba inama na Putin na Xi mu gihe Uburusiya ata gahengwe buha Ukraine

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko yiteguriye kwitaba inama y’inyabutatu hagati ya we, Vladimir Putin w’Uburusiya hamwe na Xi Jinping w’Ubushinwa, inyuma y’amakuru avuga ko Putin yatanze iciyumviro c’inama yihariye yo kuganira kuri kazoza ka Ukraine.

    Trump ariko avuga ko iyo nama itokwibanda cane ku kibazo ca Ukraine, ahubwo ko yokwibanda cane ku bijanye n’ukurandurana canke kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara kw’isi.

    Trump yavuze ko, nk'uko abibona, Uburusiya bwitwaye neza ku kibazo ca Ukraine.

    Amakuru kuri ibi vyipfuzo vya Putin yatangajwe n’ikinyamakuru Wall Street Journal yateje impungenge abategetsi ba Buraya, ariyamirizwa bikomeye muri Ukraine.

    Trump kandi yasubiye kunegura Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, avuga ko kumbure hageze ko haba uwundi muntu yokwitwararika ibiganiro vy’amahoro.

    Hagati aho, intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya yo irabandanya. Abategetsi ba Ukraine batangaje ko abantu bane bishwe mu bitero vy’Uburusiya mw’ijoro ryakeye.

    Abantu batatu bishwe mu ntara ya Kyiv, mu gihe uwundi umwe yapfiriye mu gisagara ca Zaporizhzhia. Abandi bantu 11 barakomeretse.

    Ibi bitero vyabaye inyuma y’aho Perezida Zelensky amenyeshereje ko Ukraine izobandanya igaba ibitero ku bigo bitunganya igitoro vyo mu Burusiya, mu kwihora ku bitero vy’urutavanako bukora ku bigo ntanganguvu vya Ukraine.

    Ayandi makuru:

  11. Ronaldo yataramuwe mu murwi nserukiragihugu mu kiringo c'iminsi 30 acibwa n’ihadabu

    Cristiano Ronaldo yataramuwe mu murwi nserukiragihugu wa Portugal mu kiringo c’iminsi 30 yongera acibwa n’ihadabu ry’ama-euro 255 n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Portugal (FPF), inyuma yo kwivumbura akava mu mwiherero w’umurwi nserukiragihugu biturutse ku kutumvikana yari afitaniye n’umumenyereza Jorge Jesus.

    Ronaldo w’imyaka 41 akaba ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu yaravuye muri uwo mwiherero muri Nyakanga (9), kw’ishavu ry’uko atakinishijwe mu rukino rwahuje Portugal na Norvège, kandi akaba yari yabwiwe ko atari gutanguzwa mu kibuga mu rukino rwakurikira rwahuje Portugal na Danemark.

    Ronaldo yavuze ko yafashe ingingo yo kugenda kuko Jorge Jesus atubahirije ivyo bari bumvikanye, amwagiriza ko atubahirije icizere yari yamugiriye.

    Uno mumenyereza wa Portugal arahakana ko hari amasezerano ayo ari yo yose yari yaragiraniye na Ronaldo, ariko akavuga ko umuryango wari ucuguruye mu gihe yari gushaka gusubira hamwe n’abandi.

    Cristiano Ronaldo, umukinyi rurangiranwa yatsindiye incuro zitanu agashimwe ka Ballon d’Or, ni we mukinyi amaze gutsindira ibitsindo vyinshi cane igihugu ciwe mu mupira w’amaguru ku ruhande rw’abagabo ku rwego mpuzamakungu, aho amaze gutsindira ibitsindo 146 igihugu ca Portugal.

    Ayandi makuru:

  12. Ubufaransa bwaraye bushizeho amategeko abuza gutembera mu masaha y’ijoro kubera imidugararo ikomeye

    Ibisagara bitari bike vy’Ubufaransa vyaraye mu mategeko abuza abantu gutembera mu masaha y’ijoro mu gihe abategetsi b'Ubufaransa bariko bagerageza guhagarika imigumuko n'ugusahura birangwa mu gihugu kuva ku wa gatandatu.

    Aho ni nko mu bisagara nka Paris, Lyon, Marseille, Bordeaux, Nice na Lyon mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu, hamwe na Lille, eka no mu bindi bisagara bitobito na binini vyo mu buraruko, aho hatangajwe amategeko abuza urwaruka gutembera canke gukoranira hamwe mu masaha y’ijoro.

    Imyiyerekano yabujijwe ku mugwa mukuru Paris wabayemwo imidugararo ikomeye yavuye ku myiyerekano minini yo kwiyamiriza iduga ry’ibiciro ry’ivya nkenerwa mu buzima busanzwe.

    Umushikiranganji wa mbere, Sebastien Lecornu, ntiyashoboye gutangaza amategeko yo mu bihe bidasanzwe, ariko yavuze ko reta yiteguriye gufata iyo ngingo bibaye ngombwa.

    Ibi biri uku mu gihe Perezida Emmanuel Macron we yamaze kuva mu gihugu, akaba yaraye atanguye urugendo rw'akazi mu bihugu vyo mu Kigobe c’Abarabu.

    Imbere y'aho, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Laurent Nuñez, yagirijwe amakosa menshi n'abanyaporitike bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bamwagiriza ko atiteguriye bikwiye guhangana n’iyo midugararo, ariko Perezida Emmanuel Macron akaba yaranse imihoho yari atanze, yaremeye ko igipolisi cari “cananiwe no gufata ibintu mu minwe” mu bisagara bimwe bimwe.

    Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi guheze, itangujwe n'abanyeshure basaba ko imibereho n'inyigisho mu mashure vyotunganywa neza kuruta. Mu nyuma, iyo myiyerekano yaragutse, ifata n'ibindi bibazo vyinshi bihanze abanyagihugu.

    Mu mpera z’indwi iheze, abayitavye babaye benshi kurushiriza kubera abo mu mashirahamwe y'abakozi hamwe n'iyindi mirwi y'abiyamiriza ibintu bitandukanye bahambije abanyeshure muri iyi myiyerekano.

    Abategetsi bavuga ko abantu barenga 2.500 bamaze gufatwa. Itororokanirizo ry’amakuru AFP ritangaza ko umwe mu bari mu myiyerekano yaciwe ikiganza n'igisasu c'abapolisi gikoresha mu gusanzaza abantu.

    Abapolisi bashika ku 1.000 na bo nyene barakomerekeye muri iyo midugararo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  13. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.