Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Trump yongeye gutera igitsure Ukraine ngo yumvikane n'Uburusiya

Trump avuga ko Ukraine ikwiye kwemera "gutorera umuti" iyo ntambara, kandi ko ibintu bishobora kuzoba nabi kuri ico gihugu mu gihe ata masezerano yoshikwako.

Incamake

  • Intumwa ya Amerika igiye guhura na Putin, mu gihe Zelensky avuga ko ugusangira amakuru y'iperereza "ubu bigenda neza"
  • Amadrone y'igisirikare ca Sudani yishe abarenga 300 arimwo n'abari bagiye mu kigandaro
  • Nigeria ibaye igihugu ca mbere co muri Afrika y'Uburengero cemeje umurwayi wa Ebola kuva ico kiza gitanguye muri Rusama (5) uyu mwaka.
  • Trump avuga ko Ukraine ikwiye kwemera "gutorera umuti" intambara, kandi ko ibintu bishobora kuzoba nabi kuri ico gihugu mu gihe ata masezerano yoshikwako.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Intumwa ya Amerika igiye guhura na Putin, mu gihe Zelensky avuga ko ugusangira amakuru y’iperereza “ubu bigenda neza”

    Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika, ategekanya guhura na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin i St Petersburg kuri uyu wa gatatu, kugira baganire ku vyiyumviro bitandukanye bishobora gufasha kurangiza intambara imaze imyaka hagati y’Uburusiya na Ukraine.

    Witkoff agiye kubonana na Putin inyuma y’umusi umwe gusa ahuye na Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, i Oslo, ikiganiro uwo mutegetsi wa Amerika yavuze ko “cagenze neza kandi cari icubaka”.

    Imbere y’aho, Kyiv yari yagirije Amerika ko yahagaritse kuyiha amakuru nkenerwa cane y’iperereza. Amerika yamiriye kure ivyo yagirizwa, aho mbere yavuze ko “biteye isoni”. Ariko ku wa kabiri, Zelensky yamenyesheje ko ugusabikanya amakuru y’iperereza na Amerika ku bijanye n’ibitero vya misire vy’Uburusiya “ubu bigenda neza”.

    Zelensky n’ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bimushigikiye, bavuze ko ubu hasigaye ko Uburusiya bwishura ku vyifuzo vyumvikanyweko i Oslo.

    Perezida wa Finlande, Alexander Stubb, na we yari muri ivyo biganiro. Yavuze ko hatewe “intambwe ifadika” ku vyifuzo bigamije gushika ku mahoro, ariko ntiyatanze ido n’ido. Gusa, yagabishije ko bizosaba ukwihangana.

    Witkoff ntiyari kumwe n’abandi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye inyuma y’ibiganiro vyo ku wa kabiri ku murwa mukuru wa Norvege. Jared Kushner, umukwe wa Perezida wa Amerika Donald Trump akaba n’iyindi ntumwa ikomeye, na we yaragize uruhara muri iyo nama biciye ku buhinga bwa none.

    Mu nyuma, umutegetsi wa Amerika yavuze ko ivyo biganiro “vyagenze neza cane kandi ko vyari ivyubaka”, yongerako ko Amerika, Ukraine n’Uburaya “bihuriza cane ku ntambwe zikurikira”, ku rugero rw’abahinga n’abakozi bajejwe kubishira mu ngiro.

    Putin ntarashikiriza icese ico avuga kuri ivyo biganiro. Ariko imbere y’aho, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze ko inzego z’ubutegetsi bwa Kremlin zizokwumviriza ivyo Witkoff azoshikiriza, ariko aca akuraho iciyumviro c’uko Uburusiya bwokwemera “guca bugira ivyo buhevye muri politike”.

    Mu ndwi ziheze, imigenderanire hagati ya Ukraine na Amerika yarushirije gucumbagira gushika aho Trump avuga ko igihe kigeze ngo Ukraine ironke uwundi Muperezida. Trump yashimangiye ko “hakwiye kuba uwundi muntu aganira mu kibanza ca Ukraine”.

    Mu gihe amatora yo hagati y’ikiringo muri Amerika ategekanijwe mu kwezi kuza, Trump yaragerageje kandi kwegeka kuri Ukraine uruhara kw’iduga ry’ibiciro vy’ibitoro kw’isi, avuga ko biterwa n’ibitero Ukraine igaba ku nganda zitunganya ibitoro mu Burusiya.

    Yamara, ivyo biciro vyatanguye kuduga kuva Amerika na Israel bitanguje intambara kuri Irani mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Amadrone y’igisirikare ca Sudani yishe abarenga 300 arimwo n’abari bagiye mu kigandaro

    Igisirikare ca Sudani cagirizwa kugaba ibitero gikoresheje indege zitajamwo abadereva (drone), ibitero bivugwa ko vyaguyemwo abantu barenga 300.

    Nk'uko vyatangajwe n’Ikigo gikurikirana intambara co muri Sudani (Sudan War Observatory), abantu n’imiburiburi 150 bishwe mu bitero vyabereye mu ntara ya West Kordofan ku mugoroba wo ku wa Mungu.

    Ibi bitero vyatanguye ku mugoroba wo ku wa Mungu, ikigo Sudan War Observatory kikavuga ko vyavuye mu gisagara ca Kadugli kiri mu minwe y’igisirikare ca reta mu ntara ya South Kordofan.

    Ikamyo yari itwaye abantu bashika 200 bagiye ku kigandaro yarashwe na drone ikigera mu gisagara ca Al-Dabab mu ntara ya West Kordofan. Amasoko yabwiye ico kigo ko abantu 145 bahasize ubuzima. Ihema ryari rikoraniyemwo abari muri ico kigandaro na ryo nyene ryaratewe, hapfa abandi bantu batanu. Abantu bashika 150 barakomeretse muri ivyo bitero.

    Mu masaha y’umugoroba wo kuri uwo musi nyene, amadrone yarateye ibibombe ku rindi soko ryo mu gisagara ca Al-Mujlad, nk’uko bibandanya bivugwa na Sudan War Observatory ariko igitigiri c’abahaguye n’abakomeretse ntikiramenyekana neza.

    Bukeye bwaho, ni ukuvuga ku wa mbere, abandi 153 barishwe igihe drone zagaba igitero kw’isoko ryo mu karere ka Abyei gateje ukutumvikana hagati ya Sudani na Sudani y’Epfo.

    Isoko ryo mu gisirikare ryabwiye BBC ko igisirikare ari co cakoze ico gitero i Abyei, avuga ko iryo sóko ryakoreshwa n’umurwi w’abarwanyi ba Rapid Support Forces (RSF) mu kuronka igitoro.

    Ico gitero catumye hongerekana icuka kibi hagati ya Sudani y’Epfo na Sudani, bisanzwe bifadikanije mu kuyobora akarere ka Abyei. Ibi bihugu vyompi vyiyitirira aka karere gasanzwe gatunze igitoro, mu matati amaze imyaka n’inyaka atararonka umuti kuva Sudani y’Epfo yikukira mu 2011.

    Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryagaragaje amakenga ku kwiyongera kw’ibitero vya drone, rivuga ko abasivire, harimwo abana, bariko barahasiga ubuzima kandi ko ibikorwa nkenerwa ku banyagihugu biriko birahungabanywa.

    Ayandi makuru kuri Sudani:

  3. Nigeria iriko irakurikirana abantu 44 bakekwa kuba barahuye n’uwanduye Ebola

    Nigeria ivuga ko iriko irakurikirana abantu 44 bakekwa kuba barahuye n’umurwayi wa mbere wa Ebola amaze gutangazwa muri ico gihugu.

    Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu, Ali Pate, yavuze ko uwo murwayi w’umugore yari aherutse gushika i Abuja, umugwa mukuru wa Nigeria, avuye muri Uganda.

    Nigeria ni co gihugu ca mbere co muri Afrika y’Uburengero cemeje umurwayi wa Ebola kuva ico kiza gitanguye muri Rusama (5) uyu mwaka.

    Hagati aho, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Uganda burahakana ko muri iki gihe hari abarwaye Ebola muri ico gihugu, bukavuga ko ico kiza carangiye muri Mukakaro (7).

    Muri iki gihe, ikiza ca Ebola kirangwa cane Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), nubwo hari abanda bamenyekanye ko bayanduye muri Kenya.

    Muri Congo, iki kiza kimaze guhitana ubuzima bw’abarenga 4.600, abarenga 9.500 na bo bakaba bamaze kwandura iyo ndwara, nk'uko vyatangajwe n'ikigo ca Bulaya kijejwe Gukinga no Gucungera Indwara (ECDC).

    Ayandi makuru ushobora gusoma hano:

  4. Trump yongeye gutera igitsure Ukraine ngo yumvikane n'Uburusiya

    Perezida Donald Trump wa Amerika yasubiriye gutera igitsure gikomeye Ukraine, ayisaba kwemera kwumvikana n'Uburusiya kugira ngo intambara irangire.

    Mu majambo yabwiye abanyamakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika), Trump yagumye abwira abanyamakuru ko Ukraine – mu majambo yiwe-- ikwiye kwemera "gutorera umuti" iyo ntambara, avuga ko ibintu bishobora kuzoba nabi kuri ico gihugu mu gihe ata masezerano yoshikwako.

    Trump yavuze ko n’Uburusiya bwifuza ko “ikibazo gitora umuti”, ko rero igihe kigeze “kugira Ukraine irangize iyi ntambara”.

    Trump yavuze aya majambo mu gihe intumwa yiwe idasanzwe, Steve Witkoff, iri mu rugendo mu ntumbero yo kunagura ibiganiro vy’amahoro hagati y'impande zihanganye.

    Ejo ku wa kabiri, Witkoff yaragiranye ibiganiro na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, n’umushikiranganji wa mbere wa Norvège hamwe n'Umukuru w'Igihugu wa Finlande, ibiganiro Maison Blanche yavuze ko vyagenze neza cane kandi ko vyabaye ngirakamaro.

    Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ntaco aravuga ku mugaragaro ku bijanye n’ivyavuye muri ibi biganiro bigamije guhagarika intambara muri Ukraine. Ariko umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yamaze kuvuga ko Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) yiteguriye kwumviriza ivyifuzo intumwa ya Amerika Steve Witkoff izoshikiriza, naho yaciye ashimangira ko Uburusiya budashobora "kurekura na kimwe mu vya poritike".

    Bitegekanijwe kandi ko Steve Witkoff agirana ibiganiro na Perezida Putin kuri uno wa gatatu mu gisagara ca St Petersburg.

    Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022, ubu Uburusiya bukaba bugenzura bugenzura hafi ibice 20 kw’ijana vy’ubutaka bwa Ukraine.

    Hagati aho, ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drones) vy’Uburusiya vyarabandanije ejo ku wa kabiri. Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu nibura 10 bishwe. Muri bo, bane bapfiriye i Kyiv no mu micungararo yaho, abandi bane bicirwa mu karere ka Donetsk mu buseruko bw’igihugu, mu gihe babiri bishwe mu gisagara ca Dnipro kiri hagati mu gihugu.

    Muri iyi misi ya vuba, umubano hagati ya Ukraine n'ubutegetsi bwa Trump waranzwe n'ukutumvikana gukomeye, ariko Perezida Zelensky yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zongeye guha Ukraine amakuru y'igendereza mu kuyimenyesha hakiri kare ibitero vy'ibisasu vya misile biba biriko birategurwa n'Uburusiya, inyuma y'igihe gito ico gikorwa cari cahagaze.

    Zelensky yagize ati: "Ku bijanye n’imburi ya kare, ni ikintu kirumara cane ku banyagihugu bacu, abana, abakuze, n’abasivire, kuko dushobora kumenya ko igisasu ca misile kiriko kiraza, turashimira uruhande rwa Amerika, ubu ibintu bimeze neza, ni ikintu ciza cane”.

    Yongeye kandi gushimangira ko igihugu ciwe "citeguriye ibiganiro" vyo guhagarika intambara, ayo yagize ati: "Si ukuvuga koturiko turatsindwa muri iyi ntambara, ariko turiko turatakaza abantu kubera ibitero vy’Uburusiya."

    Ayandi makuru:

  5. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.