Abahungu b'amahasa barongoye abakobwa b'amahasa, imisa isomwa n'abapatiri b'amahasa, bafashijwe n'abakorezi b'amahasa!

Ahavuye isanamu, BBC Tamil
Ifoto y'ubugeni igaragaza imirwi ine y'amahasa iriko irahanahanwa cane rwose ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro mu bumanuko bw'Ubuhindi.
Kuri iyo foto, habonekamwo abahungu babiri bavukana kandi b'amahasa bariko bagira ubugeni n'abakobwa babiri b'amahasa, mu gihe ibirori n'imisa yo kubahezagira vyari bihagarariwe n'abapatiri babiri b'amahasa, bafashijwe n'abakorezi babiri b'amahasa nyene.
Buno bugeni budasanzwe kandi bw'imbonekarimwe bwabaye inyuma y'imyiteguro yitondewe yamaze imyaka.
Akhil Thomas, umwe mu bagabo bagize ubugeni akaba na Butoyi kw'ihasa ryiwe Akhil, yagize ati: « Kuba hari imirwi ine y'amahasa ku bugeni bumwe, si ikintu ciyadukije ukwo nyene ».
« Twari twiyemeje kurongora abakobwa b'amahasa. Umuryango wacu wamaze hafi imyaka itatu urondera abakobwa bakwiye kutubera abageni ».
Bompi bafise imyaka 32. Kuri iyo myaka, muri ako karere bafatwa nk'abatevye gatoyi kurongora.
Akhil abandanya ati: « Kubera ko twari tumaze kurenza imyaka 30, incuti n'abagenzi bacu ntibahengeshanya kuduhanura ko ivyo kurindira abakobwa b'amahasa twobivamwo ».
« Baranaduteye ubwoba ko tutarongoye abakobwa basanzwe, dushobora kuzoba ibirumbagane. »
Mu ntumbero yo kuronderera abahungu bawo abageni babereye, umuryango waravuganye n'ikigo gifasha abantu kurondera abo bubakana, cane cane amahasa.
Akhil avuga ko mu myaka iheze bahuye n'imirwi nka 40 y'abakobwa b'amahasa imbere y'uko bahura na ba kimararungu babo: Magi na Maria Mary. Mu buryo butangaje, abo bakobwa bompi bafise imyaka 31, bakaba na bo nyene bari bizeye kuzorongorwa n'abahungu b'amahasa.
« Kuva tukiri abana, twari twiyemeje ko nitwubaka izacu, tuzokwubakana n'amahasa gusa », ni ko Magi avuga.
Maria na we yongerako ati: « Igihe twahura na Akhil na Nikhil, twaciye tubakunda. Twaciye dufata ingingo y'uko ari bo tuzobana ubuzima bwacu bwose. »
Abo bakobwa ni na bo baciye basaba ko imisa y'ubugeni yosomwa n'abapatiri b'amahasa.

Ahavuye isanamu, Acervo da família
Iciyumviro cavutse inyuma y'uko Magi na Maria babonye abana b'amahasa basanzwe ari abakorezi/abahereza, Jeron na Johan James, mu nama ya Paruwase yabaye mu mwaka uheze. Vyabahaye iciyumviro. Bamaze gutangura imyiteguro y'ubugeni, baciye begera abo bakorezi b'amahasa maze babasaba ko boza gufasha muri urwo rubanza.
Mama wa Akhil yari yari asanzwe azinanyi n'abapatiri b'amahasa, Antho na Ajo Perumkattil. Bari bahuriye mu bikorwa vy'amasengesho vyabereye kuri Paruwase hasigaye amezi make ngo urubanza rube.
« Igihe navugana n'abo bapatiri nkabaha amakuru yose, baranezerewe cane », ni ko Akhil avuga.
Abo bapatiri b'amahasa baciye bamamara cane kuva amafoto y'ubugeni atanguye gukwiragira cane ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro.
Ajo agira ati: « Kuri twebwe, ubu bugeni bwabaye ikintu ntibagirwa ».

Ahavuye isanamu, Acervo da família
Avuga kandi ko kuva amafoto atanguye gukwiragira kuri Internet, iyindi miryango ibiri yaciye yegera abo bapatiri ibasaba ko basoma imisa y'abana bayo b'amahasa.
« Ubugeni bwacu si ubwo twahisemwo kubera urukundo, ahubwo bwateguwe n'abavyeyi bacu », ni ko Nikhil Thomas avuga.
Ni umwimbu w'imigenzo ya kera y'Abahindi yo gutegurirwa ubugeni, aho abavyeyi hamwe n'abakuze bo mu muryango bafata iya mbere mu kuronderera abana babo abo bubakana.
Kuva amafoto y'uwo muhango atangura gukwigira cane, abageni bararonse ubutumwa bwinshi cane bubakeza kuri Internet.
Bumwe muri bwo buvuga ko ari « ubugeni bw'indoto ku mahasa ».
« Sinari nzi ko amafoto y'ubugeni bwacu yoshitse ku rugero rungana gutyo », ni ko Maria avuga.
Yongerako ati: « Ntitwabikoze kugira ngo tumenyekane canke turondere 'likes'. Bwari ubugeni twarota, hanyuma ku bw'amahirwe, amafoto yabwo aca akwiragira cane ku mbuga ngurukanabumenyi ».













