Ubuhinga bushasha bwakijije amahasa ingorane idakunze kubaho yo mu mbanyi

Ahavuye isanamu, Brioney Garrett
- Umwanditsi, Philippa Roxby
- Igikorwa, Umunyamakuru w'ivy'amagara
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
Uburyo bushasha bwo kuvura hakoreshejwe imipfunda y'amajwi ifise inguvu nyinshi burashobora gukoreshwa mu kurokora amahasa asa nk'igiharo n'igiharage ['vrais jumeaux' mu rurimi rw'igifaransa] aba afise ingorane ikomeye ariko idakunze kuboneka, mu ntango z'imbanyi.
Uguhanahana amaraso hagati y'amahasa afise ingorane (syndrome) izwi nka 'Twin-to-Twin Transfusion Syndrome'(TTTS), kuba kuri ku rugero rutangana aho uruyoya rumwe rutanga amaraso menshi ku rundi, bituma umwana umwe aba muto cane, uwundi akaba munini cane.
Ingaruka z'ivyo ni uko ubuzima bwabo bompi buca buja mu kaga.
Igihe Brioney Garrett yari afise inda y'amahasa, ubuzima bw'abakobwa biwe babiri bameze kumwe bwari bugeramiwe imbere y'uko abaganga bo ku bitaro vy'i Londres bakoresha ubwo buhinga bw'imipfunda y'amajwi mu kuzibira imitsi yatera iyo ngorane, batarinze kubaga.
Inyuma y'ubwo buryo bwo kubavura bukoreshejwe ku ncuro ya mbere kw'isi, Nancy na Margo bavutse bafise amagara meza. Ubu bafise imyaka ine, bakaba mbere bagiye gutangura ishure vuba.
Nk'uko vyashikirijwe mu kinyamakuru the American Journal of Obstetrics & Gynecology, ica kabiri c'abagore 10 bagize uruhara muri iri gerageza vyasavye ko bongerwa iyindi miti, kandi abana 12 kuri 20 b'amahasa bararokotse inyuma y'iyo miti.
Abashakashatsi bo ku bitaro vyitwa Queen Charlotte's and Chelsea Hospital vyo mu Bwongereza, bavuze ko "vyari bihimbaye cane" kuronka uburyo bwo kuvura iyo ngorane budasaba kubaga, hatanakenewe kwinjiza urushinge canke aga 'camera' mu nda y'umuvyeyi.
Ariko imbere y'uko ubwo buhinga bushobora gutangwa ku bantu benshi, harakenewe ivyigwa bikomeye ku bagore benshi bibungenze kugira herekanwe ko bushobora kuba uburyo bwo kuvura bukora neza.

Ahavuye isanamu, Brioney Garrett
Brioney yavuze yuko abakobwa biwe ari "amahasa yanje y'igitangaro".
Yagize ati: "Twari mu ngorane zikomeye cane, kandi sinzokwigera ndavyibagira", imbere yo kubandanya ati: "Nama niyumvira ukuntu ibintu vyari gushobora kumera. Buri musi ndacaharura imihezagiro mfise ".
TTTS ifata hagati ya 10% na 15% y'amahasa asa nk'igiharo n'igiharage asangiye ingovyi - ni hafi imbanyi ziri hagati ya 300 na 400 buri mwaka mu Bwongereza.
Uruhererekane rw'amaraso rurimwo ubusumbane hagati y'amahasa ari mu mbanyi rutuma umwana ariko araronka amaraso menshi agira amatembabuzi y'umurengera mu gihe uwuriko aratanga aca asigarana make, ivyo bikaba bishobora kubangamira abo bana bompi.
Mu bisanzwe, mu kuvura iyo ngorane, hakoreshwa icuma cinjizwa mu nda kugira ngo igice c'ayo matembabuzi gikurweyo canke imitsi itwara amaraso yugarwe hakoreshejwe imishwarara izwi nka 'laser'.

Ahavuye isanamu, Brioney Garrett
Guhagarika itembera ry'amaraso
Ku bwa Brioney, ubwo buryo bwo kuvura iyo ndwara bwari bworoshe kandi igikorwa catwaye nk'iminota 20. Yari aryamye igihe akuma kadasanzwe kariko kararungika imipfunda y'amajwi y'inguvu nyinshi cane ku dutsi dutoya tw'amaraso two mu ngovyi yiwe.
Yavuze ati: "Vyarihuse cane kandi ntivyababaza na gato".
Brioney n'abandi bagore bibungenze, bari bavuye mu Bwongereza no mu bindi bihugu vya Buraya, baragize uruhara muri ico cigwa inyuma y'uko ibipimo vyerekanye iyo ngwara mu ntango z'imbanyi.
Prof Christoph Lees, arongoye igisata c'ubuvuzi bw'umwana akiri mu mbanyi muri kaminuza Imperial Healthcare NHS Trust akaba n'umwigisha mu bijanye no gufasha abavyeyi kwibaruka kuri kaminuza ya Imperial College London, yavuze ko ubwo bushakashatsi "butanga icizere".
Agira ati: "Nimba ivyo vyokora mu cigwa cimbitse, vyoshobora gutanga umwizero ku bagore benshi bari kubagwa".
Ubuhinga bw'imishwarara yo ku rwego rwo hejuru burakunda gukoreshwa mu vy'ubuvuzi kugira hafatwe ishusho y'umubiri w'umuntu, kandi birazwi ko ata ngorane butera - ariko buno buhinga bushasha buratandukanye cane kuko budakoreshwa mu gufata amashusho, ahubwo bufise intumbero yihariye.
Ubushuhe buturuka ku mishwarara yabwo burashobora kwugara imitsi y'amaraso ifise umuheha wa milimetero 2 gusa, ikaba iri nko ku masantimetero ari hagati ya 5 na 6 munsi y'urukoba.
Ubwo buhinga bwarahagaritse ugutembera kw'amaraso mu bice 90% vy'imitsi iyatwara mu ntumbero y'icigwa, kandi nta ngaruka vyagize.

Ahavuye isanamu, Brioney Garrett
Ishirahamwe ry'abagiraneza Twins Trust, ryafashe mu mugongo ico cigwa, ryavuze ko ubwo buryo bushasha bwo kuvura bushobora kuzana akarusho kagaragara.
Helen Peck, umukuru w'ikigo kijejwe amagara y'abantu n'ubushakashatsi, yagize ati: "Igikorwa ico ari co cose kitagiramwo ukubaga kikaba gishobora kwerekana TTTS hakiri kare maze kigatuma imiryango yacu irushiriza kumererwa neza kubera ubu buvuzi, coshobora gufatwa nk'intambwe ihambaye".
Brioney agirishije isuzuma inyuma y'amayinga atari make, vyaragaragaye ko ubwo buhinga bwakoze kandi bwagenze neza - umurindi w'amaraso y'abana wari wasubiye ku rugero ruringaniye, n'ubwo hari habaye utundi tugorane igihe yari yibungenze.
Ibipimo vyerekanye ko Margo, atari afise amatembabuzi akwiye muri we, "yari ameze neza cane", nk'uko vyemezwa na Brioney. Avuga kandi ko n' "ingorane y'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso mu mutima wa Nancy ryari ryagabanutse".
Abo bana b'amahasa bavutse haciye hafi amayinga 34 - Nancy yari afise ibiro 3 n'amagarama 7, Margo na we akaba yari afise ibiro 3 n'amagarama 3.
Brioney yavuze ati: "Bose bari bafise amagara meza, kandi Margo ntiyari akiri muto nk'uko twavyibaza".
Muri Nyakanga (9), bazotangura ishure. Brioney yagize ati: "Ni abakobwa batwenza, b'ubwenge, bafise inguvu, bakaba kandi bumvikana neza n'abo mu runganwe rwabo.













