Menya igituma amasezerano y'amahoro muri Irani yasenyutse imbere yuko Trump anatangaza ko 'yarangiye'

Perezida wa Amerika, Donald Trump, yicaye ku meza mu nama y'abakuru b'ibihugu bihurikiye muri OTAN i Ankara, muri Turukiya, imbere yiwe hari akabendera gatoyi ka Amerika.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko amasezerano yo guhagarika intambara na Irani "yarangiye"
    • Umwanditsi, Saeid Jafari
    • Igikorwa, Umusesanguzi w'ivya politike
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Yicaye mw'idiva y'urusato mu gihugu ca Turukiya, Perezida Donald Trump yatangaje ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Amerika na Irani arangiye, maze asa n'uwugaye urugi rw'ibiganiro yari yuguruye mu ndwi zitatu gusa imbere y'aho.

"Nibaza ko birangiye. Singishaka kugirana amasezerano na bo, ni abasazi". Uko ni ko Perezida wa Amerika yavugiye hambavu y'inama y'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN (NATO) i Ankara.

Mu gihe ata ruhande na rumwe rwigeze ruhagarika kurasa, umuriro warasubiriye kwaka ku rugero rutari bwigere ruboneka kuva hasinywe amasezerano y'umwumvikano (MoU) kw'igenekerezo rya 17 Ruheshi (6).

Washington na Teheran bisa n'uko biriko birarondera gusubira gutanguza intambara mu buryo bweruye, mu gihe ata ruhande na rumwe rushaka guhebera urundi.

Robert Pape, umwigisha w'ivya politike muri kaminuza y'i Chicago muri Amerika, yavuze ko ingorane ari uko Trump "adashaka kwemera ko yatsinzwe mu buryo bw'intambara".

Ivyari vyatumye intambara yaduka nka vyose biracahari, mu gihe intumbero ya Trump - uhereye ku guhindura ubutegetsi, ugaca ku masezerano ajanye n'ibirwanisho vya nikleyeri, gushika ku guhagarika umugambi w'ama misire yo mu bwoko bwa 'balistique' - ntiyigize ishikwako, ivyatumye hategekanywa kuzogaria kuri vyinshi muri ivyo bibazo mu biganiro vyo muri kazoza.

Aho kugabanya inguvu za Irani, iyo ntambara yatumye Repubulika ya Kisilamu iba igihugu gikomeye mu karere kandi yerekana ko ifise ububasha bukomeye ku butunzi bw'isi yose biciye ku kugenzura Umuhora wa Hormuz n'ubushobozi bwayo bwo kurasa ubwato.

Pape agira ati: "Inyuma y'iyo ntambara, Irani yaciye ikomera cane kandi n'umunzani w'ububasha mu karere warahindukiye".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Indongozi y'ikirenga yari afise amagara make, akagira n'imyaka 86 y'amavuko, Mojtaba Khamenei, yasubiriwe n'umuhungu wiwe w'imyaka 56.

Ni mu gihe abategetsi ba Irani bahevye umurongo bahorako wo kudatera intambara ariko kandi ntibahitemwo n'amahoro, ubu bakaba bahisemwo gufata inzira nshasha yo kugaba ibitero ku birindiro n'ibigo vya Amerika biri mu bihugu vyo mu kigobe.

Inyuma y'uko ibitero vya Teheran vy'ama 'drones' y'ubwiyahuzi n'ama misire bihungabanije bikanagabanya icezere ibihugu vyo mu kigobe vyari bifitiye Amerika ku gukingira umutekano wavyo, ubu bivugwa ko Arabia Sawudite iriko irategura inama yo gusubiza hamwe.

Ariko rero, ayo mahinduka ntaragaragara ku meza y'ibiganiro, aho ivyo guhatira uruhande rumwe guca bugufi urundi narwo rukanka kuva kw'izima ari vyo bibandanya vyiganje mu biyago hagati ya Amerika na Irani.

Amasezerano y'umwumvikano agizwe n'ingingo 14 yari aherutse gusinywa n'impande zompi, yategekanya iyugururwa ry'Umuhora wa Hormuz, gutezurira isoko mpuzamakungu ry'amasoko ntanganguvu no gutanguza ibiganiro ku bibazo biremereye harimwo ivyerekeye umugambi wa nikleyeri wa Irani n'imirwi yitwaje ibirwanisho yo mu karere ishigikiwe n'ico gihugu.

Ahubwo, imbere yo gutandukira ikibazo ca nikleyeri, insiguro y'Amasezerano y'umwumvikano ubwayo yahavuye ahinduka urubuga rwo kunyinyurana, aho buri ruhande hagati ya Teheran na Washington rwarondera gutegeka ingene ibintu vyogenda mu gihe c'inyuma y'intambara.

Ukwo kunyinyurana gushobora gusobanurwa neza biciye mu bisata bitatu: Umuhora wa Hormuz, Libani, hamwe n'ikigega c'ugusanura ivyononekaye cavuzwe ko kizoshirwaho kugira batere intege Irani ihagarike intambara.

Abagore babiri bariko baraca iruhande y'ishusho ya Ayatollah Ruhollah Khomeini iri ku ruhome rw'ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika i Teheran, umurwa mukuru wa Irani.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Washington na Tehran bisa n'ibiriko birarondera gusubira gutanguza intambara yeruye, kubera ata ruhande na rumwe rwemera guhebera urundi

Umuhora wa Hormuz utanga akarorero kagaragara cane gose k'ivyo.

Pape agira ati: "[Trump] ntashobora kwemera ko Irani igenzura Umuhora wa Hormuz". Abandanya avuga ko inyuma y'aho hasinyiwe MoU, abategetsi ba Amerika baciye batangura "kugerageza kugabanya inguvu z'ingingo zitandukanye z'ayo masezerano".

Mu gukorana n'igihugu ca Oman, Amerika iriko irondera iyindi nzira ubwato butwara igitoro bwocamwo mu Muhora wa Hormuz idasaba ubwumvikane no gukorera hamwe na Irani.

Ariko Irani ishimangira ko itegerezwa kugenzura uwo muhora.

Hamidreza Azizi, umwe mu bashakashatsi b'ikigo co mu Budagi kijejwe ibibazo vy'amakungu n'umutekano i Berlin, agira ati: "Ku bwa Teheran, ivyo Irani yemeye vyagarukira ku kureka kurihisha amatagisi ku bwato buca muri Hormuz mu kiringo c'imisi 60, ariko atari uguheba uruhara rwayo mu gutunganya ingene uwo muhora ukoreshwa".

Washington ishobora kubona ko kwongereza abasirikare canke kurondera ubundi buryo bwo guca muri uwo muhora ari wo mukenyuro wonyene wo kubungabunga umwidegemvyo w'uruja n'uruza.

Ariko ku bwa Teheran, uwo muhora urengeye na kure igikorwa co gutoza amatagisi gusa: Iran iwukoresha nk'agace kadasanzwe gatuma igira inguvu za politike mu karere.

Azizi agira ati: "Ikibazo ni uko uruhara ruhambaye rwa Irani mu gutunganya uwo muhora rwokwemerwa, kubera hamwe hogira iyindi nzira yoshirwaho Irani idatanze uruhusha, yobibona nko gutakaza inguvu za politike".

Perezida wa Amerika Donald Trump aboneka yegeranye cane n'abandi bategetsi b'isi mu nama ya OTAN muri Turukiya.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa Trump ntibwashitse ku ntumbero yabwo muri Irani

Intambara nk'iyo yo kurondera kugira ijambo mu burere, iriko iraba no ku ruhande rwa Libani.

Naho amasezerano impande zompi zashizeko umukono (MoU) ata co avuga ku migenderanire ya Irani n'imirwi yo mu karere, harimwo na Hezbollah, ubwo bwumvikane busaba impande zose guhagarika ibikorwa vya gisirikare no kwemeza ubwigenge bw'igihugu ca Liban.

Ayo masezerano magufi ntiyavuze ko ingabo za Israel zigiye kuva muri ako karere.

Abashakashatsi benshi basiguye ko kuba muri ayo masezerano havugwamwo Libani nka kimwe mu vyo Iran ishira imbere, bica vyerekana ko ico gihugu gifise uruhara rukomeye mu gutorera inyishu amatati yo mu karere.

"Ariko, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibisigura mu buryo busanzwe: nk'ukwemanga ubwigenge n'ubusugire bwa Libani, zitarinze kuvugamwo Irani nk'igihugu gifise uruhara rudasanzwe mu bikorwa vya poritike vy'ico gihugu muri kazoza", niko Azizi avuga.

Muri ico gihe nyene, Washington yaragerageje kugabanya ico kintu mu gutanguza, mu buryo bubangabanganye, imigenderanire n'ico gihugu. Ku bwa Teheran, kwihutisha ibiganiro hagati ya Libani na Israel bihagarikiwe na Amerika, bishobora kubonwa nk'uburyo bwo kugerageza gushira Irani ku ruhande.

Perezida wa Amerika Donald Trump ariko arashikiriza ijambo mu gihe umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, yifashe mu ruhanga.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu rugendo yagize mu kwezi kwa gatandatu mu bihugu vyo mu kigobe, umunyamabanga wa Amerika, Marco Rubio, yaratomoye neza ko ugushira amafaranga mu gusanura Irani hari ayandi mabwirizwa asabwa kugira bishoboke

Ikindi kandi, ntibiramenyekana neza ingene Irani yotezurirwa ibihano mu vy'ubutunzi n'ivyo ishobora kubanza gusabwa, mu gihe hari amakuru avuguruzanya ku kirangamisi c'ingene ibihano bizotezurwa, Irani na yo ikugurura Umuhora wa Hormuz.

Kumbure icateye impari cane ryabaye itangazwa ry'ikigega c'imiliyaridi 300 z'amadolari y'Abanyamerika zo gusanura ivyononekaye catumye n'abashigikiye Trump bagira umutima uhagaze.

Mu rugendo yagize mu kwezi kwa gatandatu mu Kigobe c'Abarabu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire y'ayandi makungu, Marco Rubio, yarerekanye neza ko ugushira amafaranga ya Amerika muri Irani bizovana n'ingene ico gihugu kizokwubahiriza ivyo gisabwa nk'impinduka zijanye n'umugambi waco wa misire, umugambi w'ama 'drones' hamwe no guhindura inyifato y'ico gihugu mu karere.

Nta kintu na kimwe muri ivyo cari mu masezerano y'umwumvikano y'intango.

Uwo mugambi usa n'uwashizweho kugira hakoreshwe inzira y'ugutera intege Irani nk'uburyo bwo gutuma ihindura politike yayo y'imigenderanire.

Irani, nubwo yagumye yerekana ko ayo masezerano ari intsinzi, yaruhiye kuyiyamiriza kubera ivyo yategekwa vyagiye vyiyongera.

Abakozi bariko baraba umwotsi uriko uraduga hejuru inyuma y'igitero cabereye mu karere k'amahinguriro ka Fujairah muri Emira zunze ubumwe z'Abarabu, kw'igenekerezo rya 3 Ntwarante (3) 2026.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intambara yo muri Irani yahinduye uko ibintu vyari vyifashe mu karere, inyuma y'ibitero vy'indege vyabangamiye umutekano w'ibihugu vyo mu kigobe

Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Kazem Gharibabadi, yavuze ko iterabwoba rishasha rya Trump "atari ikimenyetso c'inkomezi, ahubwo ko ari ukwemera ko politike yubakiye ku nguvu, ibihano, n'iterabwoba mu myaka myinshi yananiwe gutuma igihugu ca Irani gifukama".

Rumwe rwose muri izo mpande zibiri ruvuga ko ruriko rurwanira uruhande ruriko, ariko iyo nyifato nyene ishobora gusobanurwa na bamwe nko kwugurura imiryango yerekeza ku yindi ntambara.

Pape, umuhinga mu vya politike, avuga ko ivyo ari "umutego wo kwunyura ibintu" - ni ukuvuga ko igihe cose uruhande rumwe rugize ico rugira, urundi ruca rurusubiriza mu ndumane. Muri ico gihe, nta n'umwe muri bo ashobora kwipfuza intambara y'urutavanako, ariko yoshobora kugenda arayinjiramwo buhorobuhoro.

Hormuz, Libani eka mbere n'ikigega co gusanura ivyononekaye, vyerekana ko Tehran na Washington bikiri mu ndyane zidahera zo gutegura ivy'inyuma y'intambara, aho kwibanda ku nyungu z'impande zose z'uguharira hamwe no kurondera inzira yo kuva muri izo ndyane.