Arsenal iratsindiye Premier League inyuma y'imyaka 22
Inyuma y'uko urukino hagati ya Bournemouth na Manchester City, nta kindi cari gisigaye kuri Arsenal n'abafana bayo atari ukwigina intsinzi yo gutahukana ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League, rya 2025-2026, inyuma y'imyaka 22 yose yari iheze aba ba Gunners baryumva nk'umugani.
Inyuma y'uro rukino, rwarangiye ari 1-1 hagati y'iyi mirwi ibiri, Arsenal isumvya Manchester City amanota ane, mu gihe hasigaye urukino rumwe gusa ngo ihiganwa rirangire.
Uno mwaka w'inkino wa 2025-26 wabaye urugendo rurerure cane ku mumenyereza wa Arsenal, Mikel Arteta yari amaze imyaka arondera gutsindira Premier League kuva atanguye kumenyereza uno murwi mu 2019, ariko bikanka.
Bournemouth 1-1 Manchester City: ingene bakiriye uru rukino

Ahavuye isanamu, PA Media

Ahavuye isanamu, PA Media

Ahavuye isanamu, PA Media
Inyuma ya Bournemouth 1-1 Manchester City, abafana ba Arsenal baciye baja ku kibuga ca Arsenal, Emirates Stadium

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images







