Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arsenal iratsindiye Premier League inyuma y'imyaka 22
Inyuma y'uko urukino hagati ya Bournemouth na Manchester City, nta kindi cari gisigaye kuri Arsenal n'abafana bayo atari ukwigina intsinzi yo gutahukana ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League, rya 2025-2026, inyuma y'imyaka 22 yose yari iheze aba ba Gunners baryumva nk'umugani.
Inyuma y'uro rukino, rwarangiye ari 1-1 hagati y'iyi mirwi ibiri, Arsenal isumvya Manchester City amanota ane, mu gihe hasigaye urukino rumwe gusa ngo ihiganwa rirangire.
Uno mwaka w'inkino wa 2025-26 wabaye urugendo rurerure cane ku mumenyereza wa Arsenal, Mikel Arteta yari amaze imyaka arondera gutsindira Premier League kuva atanguye kumenyereza uno murwi mu 2019, ariko bikanka.