Indonésie: Nyamugigima ikomeye y'uburemere bwa 7.7 yahitanye abantu 38

Inzu yasenyutse ku buryo hasigaye hagaragara gusa igisenge cayo, na co nyene kiri hasi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzu yasenyutse ku buryo hasigaye hagaragara gusa igisenge cayo, na co nyene kiri hasi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

N'imiburiburi abantu 38 bapfuye bahitanywe na nyamugigima y'uburemere bwa 7.7 yabaye muri Indonésie mu gitondo co ku wa gatandatu, nk'uko bitangazwa n'ikigo c'igihugu kijejwe guhangana n'ibiza (BNPB).

BNPB yavuze ko abandi bantu bakomeretse ku rugero rutandukanye, ariko iburira ko ivyo bitigiri bikiri ivy'intango, mu gihe ibikorwa vyo kurondera no gutabara bikibandanya.

Inyubakwa zo muri ako karere zasenyutse izindi zirononekara bitewe n'iyo nyamugigima ikomeye hamwe n'izindi nyinshi ntonto zayikurikiye.

Iyi nyamugigima yakubise izinga ryitwa Flores, imbere gato y'isaha 11 z'igitondo. Ikigo ca Indonésie kijejwe ivy'ikirere kivuga ko yabereye ku burebure bw'ibirometero 15 uja mu kuzimu.

Uko nyamugigima iba iri hafi y'uburinganire bw'isi, ni ko kenshi yonona vyinshi.

Mu nyuma humvikanye izindi nyamugigima zikomeye muri ako karere nyene, harimwo imwe yari ifise uburemere bwa 6.1.

Amavidewo yafatiwe ku kivuko co mu gisagara ca Maumere yerekanye ibice binini vy'ibirokosima biva ku nzu bikorokera ku bantu bari bategereye ubwato. Bamwe muri bo bakorokeye mu kiyaga igihe inzira ibashikana ku bwato yasenyuka.

Emanuel Melkiades Laka Lena, buramatari w'intara ya East Nusa Tenggara, yabwiye abanyamakuru ko abapfuye baguweko n'ibimanyu vy'ibirokosima igihe bari basinziriye.

Arnold Welianto, aba i Talibura, mu kigwati kiri hafi y'inkengera z'ikiyaga mu ntara ya Sikka, East Nusa Tenggara, yavuze ko yavyuwe n' "ukunyiganyiga gukomeye cane". Ati: "Navyutse umutima watuntuye, ubwo nyene nca nja mu cumba c'umwana wanje."

Yabwiye BBC ko abantu benshi bari bahungiye mu misozi.

Abantu benshi babonetse berekeza ahakirurutse, bagenda ku mapikipiki, inyuma y'uko abategetsi batanze imburi y'igihughusi. BNPB yavuze ko abantu bagera ku 2.000 bari bamaze kuva aho baba bimukira ahandi ku bushake bwabo.