Abahiganirwa gusubirira Antonio Guterres muri ONU batanguye kumvirizwa

Ahavuye isanamu, Getty Images & AFP
Uyu musi ku cicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hatanguye kwumvirizwa abahiganira ikibanza c’umunyamabanga mukuru waryo, bahereye kuri Michelle Bachelet.
Abakandida bane barifuza gusubirira umunyaportugal António Guterres uzasozera ikiringo ciwe mu mpera z’uyu mwaka.
Abo bakandida, barimo batatu bava muri Amerika y’epfo, ni;
- Michelle Bachelet yahoze ari umukuru w’igihugu ca Chili
- Rafael Grossi umunya-Argentine akuriye urwego rwa ONU rujejwe inguvu za nikleyeri
- Rebeca Grynspan yabaye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ca Costa Rica
- Na Macky Sall yahoze ari prezida wa Senegal
Sall agiye yagiye muri iri higanwa adashigikiwe n’igihugu ciwe canke n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, inyuma y’uko ibihugu 20, harimwo na Senegal nyene, bisohoreye urwandiko bivuga ko vyanse kandidatire yiwe yatanzwe n’Uburundi ubu ari bwo burongoye Ubumwe bwa Afrika.
Imigenderanire hagati y’ubutegetsi bwa Perezida Bassirou Diomaye Faye wa Sénégal na Sall w'imyaka 64 ntimeze neza, inyuma y’uko avuye ku butegetsi mu 2024 habanje kwaduka intureka ziciwemwo abantu zandurutse ku mugambi wiwe wo kurondera kwitoreza ikiringo kigira gatatu.
Ikiringo c'umunyamabanga mukuru wa ONU asanzwe ahari António Guterres kizorangira mu mpera z'uyu mwaka, uwuzotorwa ngo amusubirire akazotangura amabanga yiwe mu ntango z’umwaka uza wa 2027.
Izindi nkuru wasoma:
















