Ijwi rimwe gusa ryazibiye ingingo igabanya ububasha bwa Trump ku ntambara yo muri Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Ana Faguy
- Igikorwa, kuri Capitol Hill
- Umwanditsi, James FitzGerald
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ingingo yateguwe n'Abademokarate yo kwima ububasha Perezida Donald Trump bwo gushoza intambara kuri Irani yasubiye kuzibirwa n'inama nshingamateka, inyuma y'iyindi ngingo nyene yari yaraye izibiwe n'inama nkenguzamateka.
Iyi ngingo yatowe ku majwi 213 bayemeje, nayo 214 barayihakana. Abademokarate bararahira bakarengwa ko batarota bamanika amaboko, bavuga ko ari uburyo bwo gushira ku mugaragaro ivyiyumviro vy'abashingamateka.
Abarepubulikani hafi bose mu nama nshingamateka na nkenguzamateka baranse integuro ziheruka – nubwo bamwe berekana ko bashobora kwisubirako ari nka hamwe intambara yobandanya.
Trump yagiye atanga ibihe bitandukanye ku gihe intambara yategerezwa kumara, aho ubu bwa vuba cane yavuze ko "intambara iri hafi kurangira".
Ku wa kane, yavuze ko ibiganiro bishasha bishobora gutangura bitarenze muri iyi mpera z'ino ndwi - kandi ko Amerika na Irani vyari "hafi cane" yo gushika ku masezerano.
Mu bisa nk'aho yizigiye ko ibindi biganiro amaso mu yandi vyari hafi, Trump yavuze ko atari azi neza nimba bizoba bikenewe ko aka gahengwe na Irani kongerezwa ikiringo.
Amatora yo ku wa kane mu nama nshingamateka yari yerekeye integuro rusangi (ikizwi nka '_concurrent resolution_', itegerezwa kwemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka). Iyo iyi ngingo irengana mu nama nshingamateka, vyari kuba ngombwa ko ibanza kwemezwa n'Inama Nkenguzamateka (Senat).
Umukuru w'igihugu nta bubasha yaba afise bwo kuyanka, ariko gusa yari gushobora guhagarikirwa mu masentare. Sentare nkuru y'igihugu yarigeze gusanga izo ngingo ari "nk'aho ziteye kubiri n'ibwirizwashingiro", nk'uko vyagaragajwe muri raporo yo mu mwaka uheze yateguwe n'igisata c'inama snhingamateka na nkenguzamateka kijejwe ubushakashatsi (Congressional Research Service).
Mu matora yo mu nama nshingamateka ku wa kane, umushingamateka Thomas Massie wo mu ntara ya Kentucky yabaye umurepubulikani umwe rudende yifatanije n'abademokarate mu gushigikira iyi ngingo, mu gihe Jared Golden wo mu ntara ya Maine yabaye umudemokarate umwe rudende yayanse.
Umudemokarate Gregory Meeks wa New York ari na we yashikanye iyi nteguro mu nama nshingamateka yavuze ko azoshikiriza iyindi nteguro irondera kugabanya ububasha bw'umukuru w'igihugu bwo gushoza intambara, mu twigoro tw'Abademokarate two guha ububasha inama nshingamateka na nkenguzamateka ku bikorwa vya gisirikare.
Utwigoro tw'imbere y'aha two kwemeza integuro zibiri zitandukanye – ariko zompi zihuriye ku ngingo yo kugabanya ububasha bwa Trump – zarananiwe no kurengana, haba mu nama nshingamateka canke nkenguzamateka.
Itegeko ry'igihugu ritegekanya ko inama nshingamateka na nkenguzamateka ari zo zitanga uburenganzira bwo kubandanya ibikorwa vy'intambara bimara imisi irenga 60. Ibitero vya Amerika na Israel vyatanguye ku wa 28 Ruhuhuma (2).
Itegeko risaba abashingamateka n'abakenguzamateka kwemeza igihe intambara itegerezwa kumara, itegeko rizwi nka War Powers Resolution ryo mu 1973, ryemejwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka mu kwaka ububasha uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Richard Nixon, bwo kubandanya intambara muri Vietnam.













