Umukuru wa OMS yitezwe muri RD Congo mu gihe abikekwa ko banduye Ebola barenze 1000
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu (OMS), Tedros Adhanom Ghebreyesus, yitezwe kugendera Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (DRC) kuri uwu wa kane ku mugoroba, mu gihe igitigiri c’abikekwa ko banduye ikiza ca Ebola camaze kurenga 1000.
Bitegekanijwe ko urugendo aruhera ku mugwa mukuru Kinshasa, hama ku wa gatanu ace agendera Bunia, igisagara co mu ntara ya Ituri mu majaruguru ashira ubuseruko, ciziziwe cane na Ebola.
Urugendo rwiwe rwasibijwe incuro nyinshi muri iyi ndwi.
Mu gihe gushika ubu abantu 238 ari bo bikekwa ko bamaze kwicwa n’ico kiza, kikabandanya kinarandagata, ibihugu bitandukanye bikomeje gukaza ingingo zo kuzibira no kwikingira.
Ku wa gatatu, Uganda yugaye umupaka ihana na DRC, mu gihe kandi habandanya kuvugwa amakuru y’umugambi w’ishirwaho ry’ikigo c’Amerika, muri Kenya, kizovurirwamwo Abanyamerika bashobora kwandura Ebola.
Uwu mugambi uriko utera impari muri Kenya, aho bamwe mu baganga bo muri iki gihugu bibaza ku kamaro canke ku vyiza vyawo.
Muri DRC, aho Ebola yatanguriye, abategetsi b’amagara y’abantu barabandanya ibikorwa vyo kwubaka ibigo vyihariye vyo kuvuriramwo abayirwaye mu ntara ya Ituri. Ariko bagabisha ko bizosaba indwi zitari nke kugira ibikorwa remezo vyose bikenewe bishirweho neza, gutyo ikwirakwira ry’iyo ndwara rihagarare.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Marco Rubio, yavuze ko Amerika itazokwemera ko umuntu wese ashobora kuba yarahuye n’uwo mugera yinjira muri Amerika.
Izindi nkuru wosoma: