Mu Bushinwa butari mu gikombe c'isi bavuvudikiye gushigikira umuhagarikizi akunda gutanga amakarata atukura

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kubera ko umurwi nserukiragihugu w'Ubushinwa wasubiriye kubura itike yo kwitaba inkino z’igikombe c’isi, abakunzi b’umupira w’amaguru bo muri ico gihugu bahisemwo gushigikira umuhagarikizi w’Umushinwa agiye kwitaba izo nkino zizotangura ku wa kane.
Ma Ning, w’imyaka 46, yatumye hahanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro, mu mwanya muto, ubutumwa bwinshi cane buzwi nka ‘memes’, yongera kandi aronka kompanyi zikomeye mu Bushinwa zimufasha mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga, harimwo uruganda rw’ubuhinga bwa none Lenovo hamwe n’urundi rukora ibikoresho vya ‘électronique’ ruzwi nka Hisense.
Ma azwi nk’umuhagarikizi akurikiza amategeko kurya ari, ata guhigimanga, mu nkino. Mu rukino rwabereye i Shanghai mu 2015, yatanze amakarata y’umuhondo icenda n’ayatukura atatu.
Ivyo vyabaye ikimenyetso gikomeye mu mwuga wiwe w’ubuhagarikizi – vyanatumye ahabwa akazina: "umwami w’amakarata."
Iri rizoba ribaye ihiganwa rya kabiri ry’igikombe c’isi yitavye kuva yitavye iriheruka kubera muri Qatar, haraciye imyaka ine, aho yakora nk’umuhagarikizi agira kane akorera hanze y’ikibuga mu gufasha umuhagarikizi mukuru.
Inkuru zijanye na Ma zasomwe n’amamiriyoni y’abantu ku rubuga rwa RedNote no ku zindi mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa.
Bamwe mu bakoresha izo mbuga baramushigikira, mu gihe abandi bagaragaza akababaro batewe n’ukwo inkino zo mu Bushinwa zifashe.
Umwe mu bakoresha RedNote yanditse ati: "Twebwe dufise Ma Ning, mwebwe mufise nde?"
Uwundi na we yagize ati: "Ibindi bihugu bifise amahirwe yo gukurikirana imigwi yavyo iriko irakina, twebwe tuzoba turiko turaraba umuhagarikizi wacu atanga amakarata."
Ubu Ma ari i Miami – muri Amerika – mu mahugururwa y’abahagarikizi y’imisi 10, akaba ari kumwe n’abandi Bashinwa babiri: umufasha w’umuhagarikizi Zhou Fei hamwe na Fu Ming, umuhagarikizi afasha mu kwihweza ubuhinga bwa videwo buzwi nka ‘VAR’.
Uruhara rwa Zhou na Fu ni urwo gufasha, bari ku ruhande rw’ikibuga kandi biciye mu buhinga bwa videwo, abahagarikizi bakuru baba bari mu kibuga.
Ma yemejwe na FIFA nk’umuhagarikizi mpuzamakungu kuva mu mwaka wa 2011. Ni n’umwigisha kw’ishure rikuru ry’inkino ryo mu gisagara ca Nanjing, mu Bushinwa, ryitwa ‘Nanjing Sport Institute’.
Izindi nkuru wosoma:








