IKIBIRIRAHO, Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'ikororwa rya kajugujugu y'irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz
Perezida Donald Trump yari yabanje kwagiriza Iran ko yarashe igakorora kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa Hormuz, kandi ahiga ko Amerika izokwihora.
Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Ivy'akakanya, Ukraine ivuga ko ibisasu bya misile byakubise uruganda rwa gisirikare mu Burusiya
Ahavuye isanamu, elegram / Zelenskiy / Official
Insiguro y'isanamu, Amashusho bivugwa ko yagaragaje nyuma y'igitero cya misile cya Ukraine ku ruganda rwa gisirikare rw'Uburusiya ruri i Cheboksary.
Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ingabo za Ukraine zagabye igitero cya misile imbere mu Burusiya ku ruganda rukomeye rwa gisirikare mu ijoro ryo ku wa kabiri.
Yavuze ko ibisasu bya FP-5 Flamingo byaturikiye ku ruganda rukora ibisasu biraswa na drones mu mujyi wa Cheboksary uri mu birometero birenga 900 uvuye kuri Ukraine.
Abategetsi bo muri ako gace bavuze ko abantu batatu bakomerekeye mu gitero cya misile cyagabwe kuri uwo mujyi.
Ukraine yavuze kandi ko yagabye igitero ku cyambu cya Mariupol kiri mu Nyanja ya Azov cyigaruriwe na Moscow, uruganda rw’Abarusiya rutunganya peteroli ruri i Samara n’ubwato butwara ibikomoka kuri peteroli mu Nyanja y'umukara.
Mu mezi ashize, igisirikare cya Ukraine cyongereye ibitero byacyo ku bigo by'ingenzi hirya no hino mu Burusiya.
Kyiv ivuga ko ahantu hakoreshwa ingufu ari ahantu hazwi, kuko bemerera Moscow gukomeza intambara. Ariko, ibitero bya misile imbere mu Burusiya byabaye inshuro nke cyane.
Trump: Iran yatinze kugera ku kumvikana, none izishyura ikiguzi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Perezida wa America, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko Iran yatinze cyane kugira ngo yumvikane na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bityo ubu igomba "kwishyura" ikiguzi cyabyo.
Mu butumwa yashyize ku rubuga rwe nkoranyambaga rwa Truth Social ku wa gatatu, Trump yavuze ko Iran yahuye n'ikibazo gikomeye kandi ko iri gusohora amatangazo gusa nta ngamba zifatika yafashe.
Trump yagize ati: "Umugome wo mu Burasirazuba bwo Hagati ubu yatsinzwe."
Yongeyeho ko Iran yakomeje gutinza ibikorwa byo kugera ku masezerano, nk'uko abivuga, yari kugirira akamaro gakomeye icyo gihugu.
Yagize ati: "Batinze cyane kugera ku masezerano yari kubabera meza kurushaho. Noneho bizabasaba kwishyura ikiguzi cyabyo."
Iri tangazo ryatanzwe mu gihe umwuka mubi ukomeje gututumba hagati ya Iran na Leta Zunze Ubumwe za Amerika wakomeje kwiyongera kuva mu gitondo cyo kuwa gatatu, aho impande zombi zivuga ko zigabanyeho ibitero.
Uyu munsi mu gitondo, abakuri b'ingabo za Amerika ishami rya CENTCOM bavuze ko ingabo zabo zafashe ingamba za gisirikare kuri Iran mu rwego rwo guhangana n'ihanurwa ry'indege ya kajugujugu ya gisirikare ya Amerika.
Mu itangazo CENTCOM yagize iti: "Iki gikorwa ni igisubizo ku bugizi bwa nabi bwa Iran budafite ishingiro."
Ingabo zirinda impinduramatwara ya Iran zatangaje ko Amerika yagabye ibitero mu duce twinshi twa Jask, Sark na Qeshm, bikaba byarasenye umunara w’itumanaho n’ibigega bibiri by’amazi byakoreshwaga n’abaturage.
Mu itangazo ryabo, abasirikare ba Iran bavuze ko bakoze ibitero bine by'ingenzi bya ku birindiro by'igisirikare cya Amerika bakoresheje ibisasu bya misile zirasa kure.
Ibiro ntaramakuru bya leta ya Iran, IRNA, ryasubiyemo amagambo y’ingabo zirinda impinduramatwara ya Iran zivuga ko ibitero byari birimo ububiko bw’indege z’intambara za F-35 n’ikigo cy’ubuyobozi n’ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu gace ka Al Azraq muri Yorodaniya.
Amashusho yashyizwe ahagaragara na IRNA yagaragaje ko ibisasu bya Qadr, Emad na Khyber Shakan bikoreshwa mu bitero bya Amerika muri ako gace. Ariko, BBC ntiyashoboye kwemeza mu buryo bwigenga ukuri kw'ayo mashusho.
Mbere yaho, Trump yari yashinje Iran kurasa kajugujugu y'igisirikare cya Amerika ya Apache.
Nk’uko CENTCOM ibitangaza, abasirikare babiri bari muri kajugujugu barokowe n’indege y’intambara ya America.
Irani ivuga ko izosubira kwihweza nimba ibiganiro vyobandanya inyuma y'ibitero bishasha vya Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Baghaei yagiriza Amerika guhungabanya ibiganiro vy’amahoro
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Iran yavuze ko igihugu
ciwe kizokwihweza nimba cobandanya ibiganiro inyuma y'ibitero bishasha vyagabwe
na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko bishikirizwa n’ishami rya BBC ryandika
mu rurimi rw’igi Perse.
Avuga inyuma y’aho Iran na Amerika basubiriye kurasana, Esmail Baghaei, yagize
ati: "Ibikorwa vya diplomasiya ntibikorerwa mu kirere. Kugira ngo inzira
iyo ari yo yose y’ibiganiro itere imbere, hakenewe n'imiburiburi ikibanza
n'umutekano bihagije kugira ibintu bibandanye."
Baghaei yagirije Amerika “guhungabanya umugambi w’amahoro mu gutanga
ubutumwa buvuguruzanya, kuguma ihindagura aho ihagaze, hamwe no guhonyanga
amasezerano y’agahengwe”.
Mu gitondo co kuri uwu wa gatatu, Amerika yagavye ibitero vy'indege ku
bibanza bitandukanye biri mu bumanuko bwa Iran, mu kwihora inyuma y'uko
kajugujugu yayo ya gisirikare irashwe igakorokera mu kiyaga ca Oman.
Kimwe mu bisata birongoye ingabo za Iran kizwi nka Khatam al-Anbiya,
catangaje ko ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam (IRGC) ryagavye ibitero
vyo kwivuna ku birindiro vya Amerika biri muri Bahrain, Koweït na
Yorodaniya.
Hagati aho, igisirikare ca Amerika catangaje ko ibitero vyo kwihora
kubera ikororwa rya kajugujugu yaco yo mu bwoko bwa Apache vyarangiye.
Mu Bushinwa butari mu gikombe c'isi bavuvudikiye gushigikira umuhagarikizi akunda gutanga amakarata atukura
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umuhagarikizi w'Umushinwa Ma Ning azwi nk'umuntu akurikiza amategeko ata guca ku ruhande
Kubera ko umurwi nserukiragihugu w'Ubushinwa wasubiriye kubura itike yo
kwitaba inkino z’igikombe c’isi, abakunzi b’umupira w’amaguru bo muri ico
gihugu bahisemwo gushigikira umuhagarikizi w’Umushinwa agiye kwitaba izo nkino
zizotangura ku wa kane.
Ma Ning, w’imyaka 46, yatumye hahanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi na
nyagiro, mu mwanya muto, ubutumwa bwinshi cane buzwi nka ‘memes’, yongera kandi
aronka kompanyi zikomeye mu Bushinwa zimufasha mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga,
harimwo uruganda rw’ubuhinga bwa none Lenovo hamwe n’urundi rukora ibikoresho vya
‘électronique’ ruzwi nka
Hisense.
Ma azwi nk’umuhagarikizi akurikiza amategeko kurya ari, ata guhigimanga,
mu nkino. Mu rukino rwabereye i Shanghai mu 2015, yatanze amakarata y’umuhondo
icenda n’ayatukura atatu.
Iri rizoba ribaye ihiganwa rya kabiri ry’igikombe c’isi yitavye kuva yitavye
iriheruka kubera muri Qatar, haraciye imyaka ine, aho yakora nk’umuhagarikizi
agira kane akorera hanze y’ikibuga mu gufasha umuhagarikizi mukuru.
Inkuru zijanye na Ma zasomwe n’amamiriyoni y’abantu ku rubuga rwa
RedNote no ku zindi mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa.
Bamwe mu bakoresha izo mbuga baramushigikira, mu gihe abandi bagaragaza
akababaro batewe n’ukwo inkino zo mu Bushinwa zifashe.
Umwe mu bakoresha RedNote yanditse ati: "Twebwe dufise Ma Ning,
mwebwe mufise nde?"
Uwundi na we yagize ati: "Ibindi bihugu bifise amahirwe yo
gukurikirana imigwi yavyo iriko irakina, twebwe tuzoba turiko turaraba umuhagarikizi
wacu atanga amakarata."
Ubu Ma ari i Miami – muri Amerika – mu mahugururwa y’abahagarikizi y’imisi
10, akaba ari kumwe n’abandi Bashinwa babiri: umufasha w’umuhagarikizi Zhou Fei
hamwe na Fu Ming, umuhagarikizi afasha mu kwihweza ubuhinga bwa videwo buzwi
nka ‘VAR’.
Uruhara rwa Zhou na Fu ni urwo gufasha, bari ku ruhande rw’ikibuga kandi
biciye mu buhinga bwa videwo, abahagarikizi bakuru baba bari mu kibuga.
Ma yemejwe na FIFA nk’umuhagarikizi mpuzamakungu kuva mu mwaka wa 2011. Ni n’umwigisha kw’ishure rikuru ry’inkino ryo mu gisagara ca Nanjing,
mu Bushinwa, ryitwa ‘Nanjing Sport Institute’.
Afrika y'Epfo: Abantu 12 biciwe mu gitero co kurasa mu kivunga – Igipolisi
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Nta muntu n’umwe arafatwa, ariko igipolisi kivuga ko kiriko kirakurikirana amakuru yose ashobora kugifasha gushika ku bikekwa
Igipolisi muri Afrika y’Epfo catanguye guhiga abantu bikekwa inyuma
y’igitero co kurasa mu kivunga cabaye ku wa kabiri ku mugoroba, gihitana abantu 12 abandi benshi barakomereka, mu gace ka
Jumpers haba abantu mu kajagari, mu gisagara ca Johannesburg.
Kurasana muri mwene iyo mihana iba yubatswe mu buryo budatunganijwe, birakunda
gushika cane muri Afrika y’Epfo, kandi rimwe rimwe biba bifitaniye isano n’imigwi
y’abagizi ba nabi izwi nka “gangs” canke amatati y’abantu ku giti cabo.
Igipolisi co muri Afrika y'Epfo casohoye itangazo kivuga ko nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota 10 ku wa kabiri, cahawe amakuru ajanye n’igitero co kurasa mu gace kari ku nkengera
z’igisagara kitwa Jumpers, muri karitiye ya Cleveland, i Johannesburg.
Bivugwa ko abikekwa kugaba ico gitero barenga 10, bazanywe n’imodoka yo
mu bwoko bwa ‘Bus’ ntoya yera, ibururukiriza impande ya sitasiyo y’igitoro muri Cleveland.
Bibandanya bivugwa ko baciye binjira muri ako gace baciye mu marembo
abiri yako, baca batangura kurasa barabisha ku bantu bari mu bibanza
bitandukanye.
Inyuma y’ico gitero ngo baciye bahunga bakoresheje ya modoka nyene yari
yabazanye.
ICC yahagaritse umushikirizamanza mukuru wayo kubera amatohoza ku nyifato itabereye
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Karim Khan amaze guhakana incuro zitari nke ivyo yagirizwa (ifoto yo mu bubiko)
Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC), Karim
Khan, yabaye arahagarikwa mu mabanga yiwe mu gihe hariko haraba amatohoza ku birego vy’inyifato itabereye.
Iyo ngingo yafashwe n’umurwi uri mu rwego rw’iyo sentare rujejwe
kugenzura ibikorwa n’inyifato. Uwo murwi waranatanze icegeranyo ku bihugu 125 bigize iyo sentare.
Ivyo bihugu bizotora kuri kazoza ka Khan, mu nama idasanzwe izotumwako "vuba
hashoboka".
Urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vya sentare rwashimangiye ko kuba rwaramuhagaritse
mu mabanga ata co bivuze ku ngingo ya nyuma ishobora gufatwa kuri iyo dosiye.
Ku ncuro zitari nke, Khan yagiye ahakana ivyo yagirizwa vyose bifitaniye isano n’inyifato itabereye ishingiye ku gitsina.
Abamwunganira mu mategeko bavuga ko ingingo yo kumuhagarika “inyuranye
n’amategeko, yakurikije inzira zidatunganye, kandi idashingiye ku vyemezo”.
Inkuru zari zatanzwe n’ibinyamakuru imbere y’aha, zigaruka ku rwandiko ruvuga
ivyo Khan yagirizwa, harimwo gukabakaba umuntu ku mubiri mu buryo adashaka
hamwe no “guhohotera”.
Kugira ngo ivyavuye mu matohoza vyemezwe, bizosaba ko bibiri vya gatatu
vy’ibihugu bigize ICC bibishigikira. Hokenerwa kandi irindi tora ritandukanye
ryo kwemeza nimba Khan yokurwa mu mabanga canke ntakurwe.
Khan, umushikirizamanza azwi cane w'Umwongereza, ari mu karuhuko
yafashe ku bushake bwiwe, kuva muri Rusama (5) mu 2025, kugira ahangane n’ivyo birego.
Uko vyogenda kwose, ku ngingo ya nyuma izofatwa n’ibihugu 125 bigize ICC
kuri kazoza ka Karim Khan, biragaragara ko izo mpari n’urwo ruhagarara
bitazorangirira ngaho.
Umusifuzi Omar Artan wangiwe kwinjira muri Amerika yakiriwe nk'intwari i Mogadishu
Insiguro y'isanamu, Omar Artan (witeye ibendera mu bitugu) aracyari umusifuzi wenyine w'Umunya-Somalia wanditse amateka yo gutoranyirizwa gusifura mu mikino y'igikombe cy'isi
Umusifuzi w'Umunya-Somalia Omar Artan yageze mu murwa mukuru
Mogadishu muri iki gitondo, nyuma yuko yangiwe na leta y’Amerika kwinjira
muri icyo gihugu ngo asifure mu mikino y’igikombe cy’isi.
Ku kibuga mpuzamahanga cy’indege cya Adde
International Airport, Artan yakiranwe urugwiro (igishika mu Kirundi) n’abategetsi bo muri leta ya
Somalia, abahagarariye ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru,
abasifuzi, hamwe n’abo mu miryango itegamiye kuri leta.
Abaturage benshi b’i Mogadishu na bo bari babucyereye aho ku kibuga cy’indege kugira ngo basuhuze Artan ubwo yari ahageze.
Nyuma ya saa sita z'amanywa kuri uyu wa gatatu, biteganyijwe ko abatuye i Mogadishu bategura igikorwa rusange ku kibuga cy’umupira w’amaguru cy’aho mu murwa mukuru.
Biteganyijwe ko Omar Artan yitabira icyo gikorwa ndetse akareba umukino uhuza ikipe y’umupira w’amaguru ya Heegan n’ikipe ya Dekedaha, zombi zikina muri shampiyona y’icyiciro cya mbere muri Somalia.
Artan asubiye iwabo nyuma yuko Amerika imwimye uruhushya rwo kwinjira muri icyo gihugu – ruzwi nka 'visa' – aho yari yatoranyijwe ngo abe umwe mu basifuzi bazasifura imikino y’igikombe cy’isi, gitangira ejo ku wa kane.
Imikino izabera muri Amerika, Canada na Mexique, umukino wa nyuma ukaba uzaba ku itariki ya 19 Nyakanga (7) uyu mwaka.
Artan aracyari umusifuzi wenyine w’Umunya-Somalia wanditse amateka yo gutoranyirizwa gusifura mu mikino y’igikombe cy’isi.
DR Congo: Abashingamateka bashigikiye integuro y'itegeko rya kamarampaka
Ahavuye isanamu, Assemblée Nationale RDC / X
Insiguro y'isanamu, Abashingamateka ba DRC mu kindi gikorwa co gutora co ku wa kabiri (ifoto mbarankuru)
Inama nshingamateka ya Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yemeje integuro
itegekanya ibisabwa kugira hatunganywe amatora ya kamarampaka.
Ku bashingamateka 351 bitavye ikoraniro ryo ku wa kabiri, 348 ni bo batoye
bemeza iyo nteguro.
Ubu rero iyo nteguro igiye kurungikwa mu Nama nkenguzamateka (Sena)
kugira ngo harangizwe inzira zijanye no kuyisuzuma, ibone gushirwako umukono n’umukuru
w’igihugu, gutyo ice iba itegeko.
Abashingamateka b’inkehwa bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bahisemwo
kutitaba ayo matora.
Banegura ico badondora nk’umugambi wa Perezida, Félix Tshisekedi, wo
guhindura ibwirizwa nshingiro kugira yigumize ku butegetsi inyuma ya 2028, umwaka
ikiringo ciwe ca kabiri kizorangirirako, nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa
nshingiro rihasanzwe.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 6 Rusama (5), Perezida
Tshisekedi yatangaje ko yiteguriye kuguma ku butegetsi n’inyuma ya 2028, hamwe Abanyekongo
bokwemeza ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.
Kenya: Umugabo bivugwa ko yarasiwe mu myigaragambyo yo kwamagana ikigo cy'akato cya Ebola cy'Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abigaragambya barakajwe no kuba leta ya Kenya yaremeye kubakwamo icyo kigo cy'ubuvuzi cy'Amerika
Uwigaragambyaga yarasiwe
mu myigaragambyo mu mujyi wa Nanyuki muri Kenya yo kwamagana iyubakwa ry’ikigo
cy’akato cya Ebola kigenewe Abanyamerika, nkuko ababibonye babibwiye
abanyamakuru.
Umukuru w’imyigaragambyo
yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko polisi yishe irashe uwigaragambyaga.
Polisi nta cyo yari yatangaza.
Amatsinda y’abigaragambyaga,
bazunguzaga amabendera ya Kenya, bafite ibyapa ndetse bafite isanduku
yanditseho ijambo “Ebola” ku ruhande, bari barimo gusaba ko gahunda y’Amerika
yo kubaka icyo kigo cy’ubuvuzi ku kigo cya gisirikare kiri hafi aho iburizwamo.
Polisi yari yarashe imyuka iryana mu maso mu gutatanya abigaragambyaga.
Mu cyumweru gishize,
abantu babiri bishwe barashwe ubwo polisi yatatanyaga abandi bari
bari mu myigaragambyo nk’iyo.
Ibiro ntaramakuru AFP
byatangaje ko ku wa kabiri hari hari uguhangana i Nanyuki – umujyi uri mu ntera
ya kilometero hafi 200 mu majyaruguru y’umurwa mukuru, Nairobi – mu gihe
abigaragambyaga bashyamiranaga na polisi.
AFP ivuga ko
abanyamakuru bayo bumvise amasasu ndetse babona umugabo wari warashwe mu mutwe,
akaba yari aryamye hasi atanyeganyega.
Reuters itangaza ko
babiri mu banyamakuru bayo babonye umurambo w’umugabo uri inyuma mu modoka ya
polisi ariko ko batiboneye bo ubwabo iryo raswa.
Iyo gahunda y’Amerika
yateje guhangayika mu baturage bo muri Kenya ku kuba hari ibyago byuko habaho
ubwandu bwambukiranya imipaka, no kuba leta itarakoreye mu mucyo ku bijyanye n’icyo
kigo cy’ubuvuzi.
Mu kwezi gushize, urukiko rukuru rwa Kenya rwavuze ko ifungurwa ry’icyo
kigo rikwiye guhagarikwa, nyuma yuko umuryango w’uburenganzira bwa muntu
ushinze urubanza uvuga ko icyo kigo giteje “ibyago bikomeye cyane kandi biri
hafi kuba” ku buzima bw’abaturage.
Amerika na Iran vyarasanye inyuma y’ikororwa rya kajugujugu y’irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz
Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta
Zunze Ubumwe za Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'aho Perezida Donald Trump
yagirije ico gihugu ko carashe kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa
Hormuz.
Ingabo
za Amerika zatanguye ibitero isaha cumi n’imwe z’umuhingamo ku masaha yo mu
gice c’ubuseruko bwa Amerika (ni ukuvuga isaha zitanu zo mu Burundi no mu Rwanda), ku wa kabiri, mu kwihora kw’ikororwa ry’iyo
kajugujugu, nk'uko bivugwa na bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika
bwitwa CENTCOM.
Mw’itangazo
yasohoye, CENTCOM yagize iti: “Iki gikorwa ni inyishu ihuye n'ibitero bidafise
ishingiro vya Iran.”
Mu
kwishura, ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam muri
Iran (IRGC) ryavuze ko ryagavye ibitero ku bibanza 21 vyo ku bigo vya gisirikare vya Amerika vyo muri ako karere, kimwe muri Bahrain, hamwe n’ikindi kiri muri Yorodaniya.
Ni mu gihe n'igisirikare
ca Koweït cavuze
ko cariko kiratangira igitero.
Mu
nyuma, CENTCOM yatangaje ko yahejeje ivyo bitero.
Humvikanye
uguturika ku nkengera z’ikigobe c’Aba Perse no mu karere k’umuhora wa Hormuz.
CENTCOM
ivuga kandi ko abari muri iyo kajugujugu yo mu bwoko bwa Apache barokowe
hakoreshejwe ubwato butajamwo umudereva bwa Amerika.
Ni
ubwa mbere igisirikare ca Amerika cemanze ku mugaragaro ko gikoresha mwene ubwo
bwato mu bikorwa nk’ivyo.
Mu
butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yagize ati: “Muri iyo
kajugujugu harimwo abadereva babiri, kandi bose barakomeye, nta n’umwe
yakomeretse.”
Abategetsi
b’Amerika bavuga ko Iran yakoresheje ‘drone’ mu kugaba ico gitero. Ariko
ntibiramenyekana neza nimba iyo ‘drone’ yari igamije koko kurasa iyo
kajugujugu, nk'uko umwe mu bategetsi b’Amerika atashatse ko amazina yiwe
amenyekana yabibwiye CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika.