Irani ivuga ko izosubira kwihweza nimba ibiganiro vyobandanya inyuma y'ibitero bishasha vya Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Iran yavuze ko igihugu ciwe kizokwihweza nimba cobandanya ibiganiro inyuma y'ibitero bishasha vyagabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko bishikirizwa n’ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.
Avuga inyuma y’aho Iran na Amerika basubiriye kurasana, Esmail Baghaei, yagize ati: "Ibikorwa vya diplomasiya ntibikorerwa mu kirere. Kugira ngo inzira iyo ari yo yose y’ibiganiro itere imbere, hakenewe n'imiburiburi ikibanza n'umutekano bihagije kugira ibintu bibandanye."
Baghaei yagirije Amerika “guhungabanya umugambi w’amahoro mu gutanga ubutumwa buvuguruzanya, kuguma ihindagura aho ihagaze, hamwe no guhonyanga amasezerano y’agahengwe”.
Mu gitondo co kuri uwu wa gatatu, Amerika yagavye ibitero vy'indege ku bibanza bitandukanye biri mu bumanuko bwa Iran, mu kwihora inyuma y'uko kajugujugu yayo ya gisirikare irashwe igakorokera mu kiyaga ca Oman.
Kimwe mu bisata birongoye ingabo za Iran kizwi nka Khatam al-Anbiya, catangaje ko ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam (IRGC) ryagavye ibitero vyo kwivuna ku birindiro vya Amerika biri muri Bahrain, Koweït na Yorodaniya.
Hagati aho, igisirikare ca Amerika catangaje ko ibitero vyo kwihora kubera ikororwa rya kajugujugu yaco yo mu bwoko bwa Apache vyarangiye.
Izindi nkuru wosoma:









