IKIBIRIRAHO, Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zahitanye abanyagihugu 52 mu misi itatu

Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Ibitero vy’indege vya Pakistan vyahitanye abanyagihugu 9 muri Afghanistan

    Abatalibani bo muri Afghanistan bavuga ko abasivile icenda bapfuye mu gihe Pakistani ivuga ko ivyo bitero vyishe abarwanyi 22
    Insiguro y'isanamu, Abatalibani bo muri Afghanistan bavuga ko abasivile icenda bapfuye mu gihe Pakistani ivuga ko ivyo bitero vyishe abarwanyi 22

    Reta yabatalibani ivuga ko ibitero bishasha vy’indege vya Pakistan muri Afghanistan vyahitanye abanyagihugu icenda, abandi 11 barakomereka.

    Ubushikiranganji bwa Pakistan bujejwe kumenyesha amakuru bwemeje ko ivyo bitero vyabaye, ariko buvuga ko vyahitanye abarwanyi 22.

    Umuvugizi mukuru wa Taliban yo muri Afghanistan, Zabihullah Mujahid, yavuze ko ivyo bitero vyasambuye amazu mu ntara za Kunar na Helmand zegereye urubibe rwa Pakistan. Yavuze ko abakenyezi n’abana bari mu bapfuye.

    Mu butumwa yashize ku rubuga X, Mujahid yavuze ati: “Turiyamiriza ico gikorwa c’ugusotorana. n’icaha kirenga ku ngingo zose zemewe.”

    Pakistan yo ivuga ko ico gitero cari categekanijwe neza kandi ko carondera gusambura amakambi y’abakora iterabwoba muri Afghanistan, ahari habitswe ibirwanisho n’amasasu menshi.

    Ubushikiranganji bwayo bujejwe kumenyesha amakuru buvuga ko hafashwe ingingo zose zishoboka kugira abanyagihugu n’ivyabo ntibigirirwe nabi.

    Icabona citwa Qudratullah, co muri Garmsir, cabwiye BBC ko ibitero vyatanguye isaha 03:30 zo mw’ijoro, bimara iminota nka 30.

    Yavuze ati: “Twari turyamye igihe indege zashika. Igisasu ca mbere kimaze guturika twaciye tuvyuka. Inyuma y’ica kabiri, twafashe abana bacu turahunga. Ica gatatu caguye ku nzu y’ababanyi bacu, cica abantu bane canke batanu bo muri uwo muryango, abandi barakomereka bajanwa kwa muganga.”

    Pakistan imaze igihe yagiriza abatalibani bo muri Afghanistan guha ubuhungiro imihari yitwaje ibirwanisho itegurira ikanagaba ibitero muri Pakistan.

    Taliban irabihakana, ikavuga ko ikibazo c’abarwanyi bo muri Pakistan ari ikibazo c’imbere mu gihugu. Ukutumvikana kuri ico kibazo kwaratosekaje cane imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi.

    Intambara hagati yavyo yarakomeye cane muri Ruhuhuma (2), Pakistan ivuga ko iri mu “ntambara ikomeye” na Afghanistan. Ibiganiro vyahagarikiwe n’Ubushinwa vyatumye haba uguhagarika intambara muri Ntwarante (3), ariko ntikwamaze kabiri.

    Mu kwezi guheze, abantu 24 barapfuye mu gitero cagabwe ku kigo c’igipolisi mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistan. Igipolisi cavuze ko ico gitero cagabwe n’abatalibani bo muri Pakistan.

    Mu ndwi iheze, Pakistan yaragavye ibitero muri Afghanistan, harimwo i Kandahar, igicumbi ca Taliban. Reta ya Taliban yavuze ko ivyo bitero vyahitanye abanyagihugu bane.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Jersey ya Michael Jordan yambaye muri Last Dance iragurishwa Miliyoni 9 z'ama Euro

    ifoto igaragaza Michael Jordan ari gukina afite n'umupira ukinwa muri basketball
    Insiguro y'isanamu, Michael Jordan avuye mu kiruhuko kuva. 2001-2003, azongera akine seasons ebyiri muri Washington Wizards

    Michael Jordan yavuye mu kiruhuko kuva 2001-2003, agiye kongera gukina seasons ebyiri (2) muri Washington Wizards

    Umupira wa Michael Jordan yambaye mu mukino we wanyuma wiswe “Last Dance” wagurishijwe miliyoni icyenda n'ibihumbi magana atatu by’amayero uca agahigo ko kuba ariwo mupira wambawe na Jordan ugurishijwe ku giciro gihenze kurusha indi yose.

    Uyu mupira yawambaye mu mukino wa gatatu (3)wa mu mikino ya nyuma ya NBA mu 1998 ari nabwo bwa nyuma yakiniye Chicago Bulls.

    Jordan yafashije Bulls gutsinda uruhererekane rw’imikino ku ntsinzi ya 4–2, bityo atwara igikombe cye cya gatandatu aba n’umukinnyi mwiza mu mikino ya nyuma ya NBA. Muri ibyo bikombe byose uko ari bitandatu, Jordan yahawe igihembo cy’umukinnyi witwaye neza kurusha abandi muri Finals (Most Valuable Player – MVP).

    Mbere yaho, igiciro cyo hejuru cyari cyarishyuwe ku mwambaro cyangwa igikoresho cya Jordan cyari $10.1m (£7.6m), ku mupira yambaraga awita *umupira kuva ku mukino wa mbere/ JERSEY FROM GAME ONE* wa Finals yo mu 1998.

    Uyu mupira wari washyizwe mu cyamunara n’umucuruzi Ryan Gough, ugurishwa kuri Joopiter, inzu y’ibyamunara ikorera kuri murandasi yashinzwe n’umuhanzi Pharrell Williams. Wari warateganyirijwe kugurishwa hagati ya Miliyoni icumi na cumi n’eshanu ($10m - $15m).

    Joopiter yavuze mu itangazo ryayo ryerekeye cyamunara ko: “Ibintu bike cyane mu mateka ya siporo bishobora kugaragaza ubuhangange ku rwego rungana n’umupira Michael Jordan yari yambaye mu mukino wa gatatu wa NBA Finals yo mu 1998.”

    Uyu mupira wari wambawe mu gihe cya “Last Dance”, kandi ugaragaza iherezo ry’igihe cyahinduye basketball ikaba umukino wamenyekanye kandi ukundwa ku rwego mpuzamahanga. Joopiter yongeyeho ko uyu mupira ubu uri mu bintu by’ingenzi cyane byakoreshejwe mu mikino kandi byigeze kugurishwa ku isoko.

    Nubwo uyu mupira wa Jordan wagurishijwe miliyoni $12.3 (9m £),agahigo k’umwambaro wa siporo wambawe mu mukino wagurishijwe ku giciro cyo hejuru karacyafitwe n’umupira wambawe n’icyamamare muri baseball Babe Ruth ubwo yakoraga igikorwa kizwi nka “called the shot” muri World Series yo mu 1932. Uyu mupira wa Babe Ruth wagurishijwe muri 2024 kuri $24.1m

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Umutunzi rurangiranwa wo muri zimbabwe, Wicknell Chivayo, n’umugore wiwe baraye bapfiriye mw’isanganya rya kajugujugu

    Umutunzi rurangiranwa wo muri Zimbabwe, Wicknell Chivayo

    Umutunzi rurangiranwa wo muri Zimbabwe, Wicknell Chivayo, n’umugore wiwe Lucy Muteke bari mu bantu batandatu bapfiriye mw’isanganya ry’indege ya kajugujugu, nk’uko umuryango wabo wavyemeje.

    Iyo ndege yaguye ku wa gatatu ku mugoroba mu karere ka Marondera, ku bilometero nka 70 mu buseruko bw’umurwa mukuru Harare.

    Umuvugizi w’igipolisi, Paul Nyathi, yavuze ko iryo sanganya ryabaye nk’isaha 17:00. Muri iyo ndege harimwo abantu batandatu, babiri muri bo bakaba bari abadereva bayo.

    Televiziyo ya reta ZBC ivuga ko bari bavuye i Gandami muri Chikomba, aho bariko barubaka inzu yabo. Kajugujugu yabo yaguye mw’itongo rya Kudenga haciye iminota nka 40 ihagurutse.

    Herbert Chivayo yavuze ati: “Twabuze ico tuvuga inyuma yo kwumva ayo makuru ababaje.”

    Icatumye iyo ndege igwa ntikiramenyekana. Igipolisi kivuga ko amatohoza yatanguye, abajejwe gutabara na bo bakaba barungitswe aho isanganya ryabereye.

    Chivayo yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Intratrek Zimbabwe. Yari azwi kubera ubutunzi n’ibintu bizimvye yerekana ku mbuga ngurukanabumenyi, imigenderanire yari afitaniye n’abakuru b’ibihugu vya Afrika hamwe n’amasoko ya reta yagiye arateza impari.

    Mu bikorwa vyiwe bizwi harimwo umugambi wo guhingura umuyagankuba ukomoka ku zuba i Gwanda, wari ufise agaciro k’imiriyoni 172 z’amadolari. Uwo mugambi waramaze imyaka uri mu manza kubera ingene washizwe mu ngiro.

    Chivayo yari yaranakozweko amatohoza ku masoko ajanye n’ibikoresho vyakoreshejwe mu matora yo muri Zimbabwe yo mu 2023. Ariko urwego rujejwe kurwanya igiturire rwahagaritse ayo matohoza mu 2025, ruvuga ko rutaronse icemeza ko Chivayo canke umurwi w’amatora bakoze nabi.

    Yari azwi kandi kubera guha abantu imiduga izimvye n’amafaranga menshi, harimwo abaririmvyi, abarongozi b’amadini n’abandi bantu bazwi, akenshi agaca abishira ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Perezida wa Kenya, William Ruto, yavuze ko Chivayo yari umugenzi wiwe, arungikira ubutumwa bwo kwihanganisha imiryango y’abapfuye.

    Ruto yavuze ati: “Nzomwibukira ku bugenzi bwiwe, inguvu yari afise n’ukwizera cane ubushobozi bw’umugabane wacu.”

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ubwongereza buvuga ko Irani yagize uruhara mu vyabaye ku kirindiro ca RAF Fairford

    amasanamu yo kuwamungu abantu bambaye ibibakingira ku kirindiro c’indege za gisirikare ca RAF Fairford

    Reta y’Ubwongereza ivuga ko Irani yagize uruhara mu vyabaye ku kirindiro c’indege za gisirikare ca RAF Fairford, aho abagabo batanu bafashwe mu nyuma bakarekurwa ariko bagashirwako amategeko akomeye.

    Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Andy Burnham, yabwiye BBC ati: “Hari vyinshi vyerekana ko Irani yagize uruhara mu vyabaye mu mpera y’indwi ku kirindiro ca RAF Fairford.” Nta yandi makuru yatanze.

    Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Abbas Araghchi, yavuze ko Burnham ariko araronderera ikibazo aho kitari.

    Yongeyeko ko kuba abo Ubwongereza bwikeka ko ari abakora iterabwoba barekuwe “bisigura vyose”.

    Burnham yavuze ko abo bagabo batanu barekuwe, bakurikiza amategeko akomeye ashoboka kandi ko inzego z’umutekano zibacungira hafi. Yabishuye inyuma y’uko Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuze ko atari kubarekura.

    Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, na we yavuze ko ivyabaye “vyerekana neza ko hari igihugu co hanze cabigizemwo uruhara”.

    Abo bagabo, bose bafise ubwenegihugu bw’Ubwongereza kandi bari hagati y’imyaka 23 na 25, bafashwe mu bucagucagu bwo ku wa mungu. Igipolisi cari camenyeshejwe ko hari imodoka zitatu zikekwa zari hafi y’ico kirindiro.

    Igipolisi cavuze ko catoye essence mu miduga yabo, ariko ko ata bisasu catoye. Umwe muri abo bagabo ni we yari yabanje guhamagara igipolisi kuri telefone imbere y’uko bafatwa.

    Ikirindiro ca RAF Fairford kimaze imyaka myinshi gikoreshwa n’igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere. Mu mezi aheze, indege za Amerika zitera ibisasu zahagurukiye kuri ico kirindiro zerekeza mu Buseruko bwo Hagati, inyuma y’uko Ubwongereza bwemereye Amerika kugikoresha mu bitero yavuze ko vyari ivyo kwikingira Iran.

    Muri Mukakaro (7), Irani yari yagabishije ko ikirindiro cose gikoreshwa mu kuyitera kizofatwa nk’aho ari ahantu hemewe guterwa.

    Ubuserukizi bwa Iran i Londres bwarahakanye ivyo Irani yagirizwa, buvuga ko ari “ivyiyumviro bidafise ishingiro kandi bigamije kuyambika ibara”.

  5. Ivyo tumaze kumenya ku mudereva yacumise mugenzi we mu ndege ya Flydubai yariko ija muri Israel

    Indege ya flydubai

    Indege yari mu rugendo rusanzwe iva i Dubai ija i Tel Aviv yarahatswe gukora isanganya rikomeye ku wa gatatu, mu vyabaye abategetsi ba Israel bo bavuga ko ari igitero c’iterabwoba.

    Ng’ibi ivyo tumaze kumenya:

    • Benjamin Netanyahu yatangaje ko amatohoza yatanguye kandi ko umudereva yafatiwe muri Arabia Saoudite ariko arabazwa ibibazo. Yavuze ko mu nyuma azoshikirizwa Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, aho indege ya Flydubai yari yavuye.
    • Flydubai yavuze ko indege FZ 1073 yahuye n’“ikibazo” haciye amasaha abiri n’igice ihagurutse.
    • Netanyahu yavuze ko umwe mu badereva yacumise mugenzi we imbugita, ashaka gutuma indege igwa. Amakuru y’urugendo yerekana ko iyo ndege yamanutse imetero nka 5.200 mu minota ibiri.
    • Abakozi bo mu ndege n’ingenzi barashoboye kwinjira aho abadereva bicara, bafata uwagavye igitero, baca basubira kugenzura indege. Yahavuye imanuka vyihutirwa ariko ata nkomanzi muri Arabia Saoudite.
    • Ubuserukizi bw’Ubuhindi muri Arabia Saoudite bwavuze ko umudereva yakomeretse yitwa Samit Machchar. Ubu ariko aravurirwa mu bitaro vy’i Tabuk, aho indege yamanukiye. Netanyahu yamwise “intwari nyakuri”, amushimira ubutwari budasanzwe yerekanye.
    • Izina ry’uwundi mudereva ntiriramenyekana. Netanyahu yavuze ko reta yiwe izogira uruhara mu matohoza, ariko igituma uwo mudereva yoba yagavye ico gitero ntikiramenyekana.
    • Flydubai yarungitse iyindi ndege kugira itware izo ngenzi gushika i Tel Aviv. Ku kibuga c’indege Ben Gurion, imiryango yazakiriye n’amarira y’umunezero.
    • Abategetsi ba Israel bavuze ko bagiye gusuzuma cane abadereva b’indege zinjira muri Israel, inyuma y’itegeko rya Netanyahu ryo gukomeza ingingo z’umutekano.
    • Ivyo vyatumye haba ugukorana kudasanzwe hagati ya Arabia Saoudite na Israel, naho ivyo bihugu bitagira imigenderanire yemewe hagati ya reta zavyo. Abaganga bo muri Arabia Saoudite baravuye ingenzi zari zakomeretse zerekeza muri Israel. Umushikiranganji wo muri Israel yarashimiye Arabia Saoudite kuri iyo mfashanyo.
    • Donald Trump na we yise umudereva wa kabiri w’iyo ndege “intwari”, mu kiganiro co kuri telefone yagiranye na Benjamin Netanyahu.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zimaze guhitana abanyagihugu 52 mu misi itatu

    ibiduga vy'inrwano muri tigray

    Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.

    Biboneka ko igisirikare ca reta camaze kwigarurira Alamata yari mu minwe y’abarwanyi bo muri Tigray. Amashusho yasohowe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ibimodoka bikomeye vy’igisirikare mu mabarabara y’ico gisagara.

    Umuganga wo ku bitaro bikuru vya Alamata yavuze ko izo nrwano zabaye hagati yo ku wa gatandatu no ku wa mbere. Yavuze ko ibisasu bimwe vyaguye ku mazu y’abanyagihugu.

    Mu bapfuye harimwo uruhinja rw’imisi itatu hamwe n’abakenyezi. Abantu 12 bapfiriye rimwe igihe igisasu cagwa mw’isoko ry’i Alamata.

    Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, rivuga ko abantu bakiriwe bakomeretse barenga 700.

    Inrwano zasubiriye mu ndwi iheze inyuma y’amezi y’ukutumvikana hagati ya reta ya Ethiopia n’umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray. Impande zompi zagirizanya kurenga ku masezerano yo mu 2022 yahagaritse intambara yari imaze imyaka ibiri.

    Imihora ya telefone na internet yarahagaritswe muri Tigray, hamwe n’ibikorwa vy’ama banki, bituma abanyagihugu badashobora kurungika canke kuronka amafaranga.

    Inrwano zarashitse no mu ntara ya Amhara, aho ingenzi 33 zimaze indwi zidashobora kuva i Lalibela kuva ikibuga c’indege caho cugariwe. Ingenzi 14 zo muri Israel zarakuweyo n’indege ya kajugujugu y’igisirikare.

    Menya neza, BBC ntishobora gukorera inkuru muri Tigray kandi biragoye kumenya neza uko ibintu vyifashe kubera ihagarikwa ry’uguhanahana amakuru.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.